20/06: Impunzi zimwe nta kinini ziteze kuri Evariste Ndayishimiye

Insiguro y’isanamu,

Impunzi zitari nke zahungiye muri Tanzania ziramaze gutahuka mu Burundi

“General Evariste Ndayishimiye nico kimwe na Petero Nkurunziza, bariya bantu sibwo bwa mbere bavuga ibi na biriya, bakavuga vyiza gusa, ariko hageze ibikorwa bagakora ibitandukanye”.

Ivyo ni ibivugwa na bamwe mu mpunzi z’abarundi inyuma y’ijambo ryashikirijwe na Perezida Ndayishimiye igihe yimikwa ku wa 18/06/2020.

Mu gihe kuri uyu wa 20/06 ari umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi kw’isi, BBC Gahuzamiryango yaganiriye na bamwe mu mpunzi z’abarundi, ibabaza ico bavuga ku kamo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abatera ko guhunguka igihe ashikirizwa amabanga yo kurongora igihugu.

Mw’ijambo ryiwe, Bwana Ndayishimiye yasavye impunzi ko zotahuka mu gihugu c’amavukiro kugira no zifatanye n’abandi barundi kwubaka igihugu.

Bamwe muri izo mpunzi zahungiye mu bihugu bibanyi n’u Burundi, bafise icizere gike, ariko bakavuga ko barindiriye kugira ngo barabe ingene leta azoshinga izovyifatmwo.

Mw’iryo jambo, Perezida Ndayishimiye avuga ko atifuza kwumva umurundi yobandanya kuba mu mahanga nk’impunzi.

Ati: “Ntitwipfuza ko hari umurundi yoba mu mahanga ari impunzi, umenga ntagira ubwenegihugu, nico gituma dusaba Abarundi bose ko botahuka”.

Subira mwumvirize ingene avuga ku Barundi baba hanze.

Bamwe mu mpunzi zahungiye muri Tanzania, mu Rwanda, na Uganda babona ko ubutegetsi bushasha bwa Evariste Ndayishimiye ata kintu kinini buje guhindura ku kungene ibintu vyari bimeze, kuko kuri bo ari bwa bundi nyene bukibandanya.

Elias*( izina twamuhaye) avuga ati: “Ni umwungu wa rwa ruyuzi, nta kintu kinini aje guhindura, kuko uravye n’ivyabaye mu matora, birerekana ko ata kinini tugiye kumwitegako cotuma twebwe twahunze burya butegetsi tugira icizere co gutaha”.

Pakari* (na we nyene izina twamuhaye) ari muri Uganda na we nyene niko abibona, kuko kuri we kubivuga ni kimwe, ariko kubikora navyo bikaba ikindi.

Abona ko kugira ngo abantu bahunge hari ikiba cabibatumye, akavuga ko gitegerezwa kubanza guhinduka kugira ngo abahunze bashobore gutaha.

Ati: “Nahunze kubera agatotezo, rero ndindiriye kugira ngo ndabe y’uko inzego zishobora gukingira umunyagihugu wese, akabaho ata mutima usimba ngo ahava arara apfuye, ngo ahava apfungwa ataco azira, aho igihugu atari bamwe bumva ko ari bo benegihugu abandi atari bo”.

Ku ruhande rwiwe, Simoni* (izina twamuhaye) yahungiye muri Tanzania, abona ko ata kintu na kimwe kizohinduka kuko kubw’iwe abatumye bahunga bari harya nyene.

Ati: “Igikuru si Evariste Ndayishimiye canke Nkurunziza, ikibi ni urya mugambwe n’ibikorwa vyawo. Mbega igihe haba amabi mu gihugu, ko yari harya yakoze iki? Yafashije iki kugira ngo ntibibe?”.

“Nkurunziza yarigeze afata intambi canke inkoho ngo agiye kwica? Yarigeze anyuruza umuntu? Oya siwe yagenda. Barya bagenda kubikora n’ubu niho bakiri, abatumye abantu bahunga niho bakiri, abatumye igihugu kirangwamwo akajagari, n’ubu ni barya nyene”.

Wewe mbere abona ko Evariste Ndayishimiye agiyeho ku gikenye kuko ngo “siwe yatsinze amatora”, ko uwo abanyagihugu bahisemwo bamwatse ubutegetsi, rero ko “ibintu bizoba bibi cane”.

Aboneka ko Evariste Ndayishimiye wewe azananye ishavu n’ubukari bwinshi, akaba afise mbere n’ubwoba ko “impunzi ziri muri Tanzania zishobora kwirukanwa nk’uko vyagenze muri kahise”, n’aho Tanzania yoyo ibandanya ivuga ko uguhunguka ari ku bushake bwa buri mpunzi.

Hagati aho, hari n’abandi babona ko Evariste Ndayishimiye ashobora guhindura ibintu kuko yabonye amagorwa igihugu cagiye kigira, bakabona ko ashobora kwiyubara ntasubiremwo amakosa yakozwe.

Bigirimana* (izina twamuhaye) ati: ” Turakeneye kwubaka igihugu. Ndafise icizere ko ashobora gukora ibishoboka vyose kugira ngo ubwicanyi n’itoteza ry’abatari mu mugambwe uri ku butegetsi bihagarare, maze impunzi nka nje zigatahuka”.

Biturutse ku ndyane za politike zadutse mu 2015 inyuma y’aho Perezida Petero Nkurunziza afatiye ingingo yo kwitoreza ikiringo abo batavuga rumwe nawe, amakungu n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike babona ko giteye kubiri n’ibwirizwashingiro, Abarundi baharurwa mu bihumbi amajana barahungiye hanze, abenshi mu bihugu bibanyi n’u Burundi.

Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR rivuga ko abashika ibihumbi 400 bahunze izo ndyane bagahungira muri Tanzania, mu Rwanda na Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo.

Hari izitari nke, cane cane izari zahungiye muri Tanzania zimaze guhunguka.

Umunsi wahariwe impunzi ushitse mu gihe isi ihanganye na Covid-19

Igenekerezo rya 20/06 ni umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi kw’isi ushitse ikiza ca coronavirus kiriko ciha inkumbi mu bice bitandukanye vy’isi, n’akarere ka Afrika y’ubuseruko kadashizwe inyuma.

Ako karere kose gaharumwamwo impunzi zigera ku miliyoni zirenga zine n’abandi hafi imiliyoni umunani bahungiye hagati mu bihugu vyabo, bakaba bari mu ngorane zidasanzwe.

Mu gihe mu bihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko haharurwamwo abamaze kwandura uwo mugera bashika ku 21.000, Clementine Nkweta-Salami arongoye ishirahamwe HCR mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, Ibiyaga binini n’ihembe rya Afrika, avuga ko bahura n’ibibazo mu gukinga kugira ngo ico kiza nticihe inkumbi mu mpunzi, n’aho gushika ubu amakambi y’impunzi atageramiwe.

Ati: “Imbere y’uko n’ico kiza caduka, usanzwe uzi ko amakambi yarimwo abantu benshi cane. Turafise ingorane nini cane yo kwubahiriza ya ngingo yo kutegerana mu gihe ibijanye n’ubuvuzi atako vyifashe mu bantu bahanzwe n’ikibazo co kuronka utwo bashira ku munwa”.

Source link

Leave a comment