Abahinga ba ONU bajejwe amatohoza ku Burundi basaba leta guhagarika ihonyangwa ry’agateka ka muntu

Insiguro y’isanamu,

Perezida Ndayishimiye ati: “Amakungu ntiyirirwe aransaba ivyo kwubahiriza agateka ka zina muntu nk’uko babimenyereye kuko ni wo mwitwarariko wanje”

Umurwi w’abahinga ba ONU ujejwe amatohoza ku Burundi utera akamo umukuru w’igihugu mushasha ko yokora ibishoboka vyose kugira agateka ka zina muntu kubahirizwe gusumba.

Mu cegeranyo c’uyo murwi, abawugize basaba Perezida Evariste Ndayishimiye aherutse gushikirizwa amabanga mu kwezi guheze, ko yohagarika ihohotera bavuga ko rikorerwa abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Abaserukira u Burundi mu murwi ujejwe agateka ka zina muntu i Geneva, bariyamiriza ico cegeranyo bakavuga ko gihengamye kandi ko categuwe ku mvo za politike.

Ico cegeranyo kigaruka ku mabi yagiye yibonekeza mu gihugu imbere y’amatora, ku munsi w’amatora n’inyuma yo gutangaza ivyayavuyemwo.

Ashikiriza incamake y’ibiri muri ico cegeranyo kuri uyu wa 14/07/2020 cane cane ashingiye ku matora aheruka, Doudou Diène arongoye uyo murwi yavuze ati:

“… amatora yararanzwe n’ukutihanganiranira mu vya politike hamwe n’ihonyangwa ry’uburenganzira bwa muntu imbere no mu gihe c’imyiyamamazo, umunsi w’amatora n’inyuma yo gutangaza ivyayavuyemwo”.

Mw’ico cegeranyo, uyo murwi usaba leta nshasha kworohereza amatohoza yawo ku bijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu, gusubira kwugurura ibiro vyawo mu gihugu hamwe no kurekura abamenyeshamakuru bapfunzwe.

Uyo murwi urashima ko mw’ijambo ryiwe yashikirije ku munsi ashikirizwa icese amabanga yo kurongora igihugu, Perezida Ndayishimiye yamenyesheje ko ubutegetsi bwiwe buzoshira imbere ukwubahiriza agateka ka zina muntu, bukarwanya ukudahana.

Ati: “Nzoshira imbere ukwubahiriza agateka ka zina muntu. Amakungu ntiyirirwe arabinsaba nk’uko babimenyereye kuko ni wo mwitwarariko wanje”.

Hagati aho, ata n’iminsi myinshi ihaciye, uyu murwi werekanye amakenga kw’ishirwa mu ngiro ry’ivyo yemereye Abarundi n’amakungu.

Kubw’uyu murwi imigambi yiwe “izoshirwa mu ngiro ahanini n’abahoze bafatanije na nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza, bamwe muri bo banafatiwe ibihano kubera uruhara bagirizwa ko bagize mw’ihonyangwa ry’agateka ka muntu”.

Uyo murwi ugabisha amakungu ko atosya bwose ngo ibibazo biraheze, kuri wo ukabona ko amatora n’ihinduka ry’ubutegetsi bidakwiye kugira ngo bizigire ko agateka ka zina muntu kagiye kwubahirizwa koko.

Iki cegeranyo citezwe gushikirizwa burundu mu kwezi kw’icenda uno mwaka wa 2020.

Kuva u Burundi bwinjiye mu ndyane za politike mu 2015, sibwo bwa mbere uyu murwi, co kimwe n’amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu hamwe n’ibihugu bifasha u Burundi, vyagirije leta guhonyanga agateka ka zina muntu.

Abagirizwa ahanini ni inzego zijejwe umutekano hamwe n’umuhari w’imbonerakure, ko bakora ubwicanyi ndengerabutungane, bapfunga bakanahohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi, mbere ntibanahanwe.

Leta ntiyigeze ihengeshanya kwamirira kure ivyo birego, ikavuga ko ivyegeranyo nk’ibi bikorwa n’abadashakira ineza u Burundi.

Ivyegeranyo nk’ibi leta y’u Burundi ifata nk’ibinyoma nivyo vyatumye mu 2016 ifata ingingo yo guhagarika imigenderanire n’umurwi wa ONU ujejwe agateka ka muntu, mbere mu nyuma n’ibiro vyawo i Bujumbura bikwugarwa.

Leta mbere yarageze kure aho yafashe ingingo yo kubuza guhonyora ku butaka bw’u Burundi abakozi batatu ba ONU, harimwo na Doudou Diene.

Source link

Leave a comment