Abavugabutumwa bo muri Africa bariko basabira Trump ngo atsinde amatora

Insiguro y’isanamu,

Perezida Trump yari mu masengesho yari yatunganijwe muri Maison Blanche/White House ku wa 28/08/2020

N’aho asanzwe afise imvugo y’agasuzuguro kuri Afrika, Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika arakunzwe cane na bamwe mu bihaye Imana bo kuri uyu mugabane.

Mu nyigisho ziwe yatanze mu kwa gatandatu, Pasitori wo muri Nijeriya, Chris Oyakhilome, umuvugabutumwa azwi cane ku mboneshakure, yagize ati: “Mumusengere [Trump] kuko iyo Imana ishize imbere umwe mu bana biwe, shetani rimwe na rimwe ikora ibishoboka vyose kugira ngo imusambure”.

Agabisha kandi ko abanegura uyu mukuru w’igihugu akomoka mu mugambwe w’aba Repubulika ariko arondera kwitoreza ikiringo kigira kabiri mu kwa cumi na rimwe banka urunuka abamushigikiye.

Uyu mupasitori akunzwe cane kw’isi yose, harimwo na Amerika avuga ati: “Bafitiye ishavu ryinshi Trump kubera arwanira abakristu/abakristo, ico mukimenye. Rero abankwa ni mwebwe abakristu”.

Ikigo Pew Research gikora ubushakashatsi ku mibereho y’abantu kivuga ko mu gihe Perezida Trump azwi ko ari umutegetsi yacanishijemwo isi, mu bihugu nka Nijeriya na Kenya arakundwa cane nk’uko amatohoza y’iki kigo yavyerekanye mu kwa mbere uno mwaka.

Kivuga ko amajambo yavuze mu 2018 yo kugereranya ibihugu vya Afrika “nk’imisarani” bobo ko ata kibazo ateye.

Ibi bihugu vyompi bisanzwe bizwi ko bigendera cane ku madini. Mu bumanuko bwa Nijeriya, igihugu ca Afrika gifise abantu benshi, harangwamwo amashengero menshi, mu gihe muri Kenya naho abanyapolitike bakoresha cane amashengero mu gutanga ubutumwa ku banywanyi babo, ari naco gituma amadini afise ikibanza kinini muri ibi bihugu.

Insiguro y’isanamu,

Pasitori Richard Chogo avuga ko Perezida Trump yarwaniye amateka ndangagaciro y’abakristu

Amashengero menshi ya kikristu muri Afrika, asanzwe arwanya cane ivyo gukorora inda, abubakana bahuje ibitsina, bakongera bagashigikira Israyeli, ntibigeze biyumvamwo uwasubiriwe na Trump, umu Democrate Barack Obama, n’aho afise amamuko muri Kenya.

Richard Chogo, Pasitori mu rusengero rwa Deliverance ku mugwa mukuru wa Kenya, Nairobi, yabwiye BBC ati: “Ubutegetsi bwa Obama bwarahimirije umugambi w’ukwigenga (liberalisme) hano muri Afrika, kandi uwu mugambi wateje impungenge mu bategetsi bamwe bamwe b’amadini. Rero kabaye agahengwe ku butegetsi bwa Trump yahisemwo gusubiza ibirenge inyuma”.

Arashimagiza ubutegetsi bwa Trump kubona bwarashoboye guhagarika imfashanyo zahabwa amashirahamwe nka Marie Stopes, yafasha mu buryo bwo kugabanya imvyaro n’ugukoroza inda mu bihugu bitari bike vya Afrika.

Iri shirahamwe ryaraneguye iyi ngingo ya Amerika yo guhagarika izi mfashanyo, rivuga ko rishira “ubuzima bw’abakenyezi mu kaga”.

Impari ku bijanye no gukoroza inda zimaze imyaka n’imiburiburi irenga 40.

Kuva ico gihe, abavugabutumwa b’abazungu bagize uruhara rukomeye mu matora ku ruhande rw’aba Repubulika kandi ivyiyumviro vyabo vyarakwiye kw’isi yose, cane cane muri Afrika.

Ibi bimeze uku mu gihe Abaporotesanti b’abirabure benshi muri Amerika bashigikiye umugambwe uharanira Demokarasi kandi bakanegura ubutegetsi bwa Trump, nk’uko icegeranyo gishasha ca Pew Research kivyerekana.

Emeka Ezeji, umupasitori mukuru mw’ishengero rya Anglicani mu ntara ya Enugu iri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, avuga ko ivyiyumviro vyiwe vya politike bishingiye “ku vyanditswe” gusa.

Insiguro y’isanamu,

Pasitori Ezeji avuga ko yemera neza ko Trump ariko arakora igikorwa c’intumwa y’Imana

Avuga ati: “Abakristu ba Afrika bazi ko umukuru w’igihugu w’umu Repubulika ari we mwiza kuri Amerika no kw’isi”.

Abandanya asengera Perezida Trump ko yotsinda umukeba wiwe wo mu mugambwe w’abaharanira Demokarasi Joe Biden mu matora ategekanijwe mu kwa cumi na rimwe, kandi ko yari yafashe umwanya iminsi yose wo gusengera uyu mukuru w’igihugu ngo akire igihe aheruka mu bitaro kubera coronavirus.

Nk’uko bimeze kuri Pasitori Chogo, na we nyene abona ko “intege nke” za Trump zidategerezwa kurengera “inyungu rusangi”.

Nk’akarorero, ariyamiriza rya sekeza rya Black Lives Matter (Ubuzima bw’abirabure ni kirumara), isekeza Trump afata ko ari “ikimenyetso c’urwanko”, akavuga ko “ryanyazwe intumbero yaryo”.

Insiguro y’isanamu,

Bwana Trump arirata ko ari we mu perezida wa Amerika amaze gufasha Abanyamerika bakomoka muri Afrika gusumba abandi baperezida ba Amerika

Yibaza ibibazo vyinshi aho avuga ati: “Abandi bantu atari abazungu nta vanguraruhu bakorerwa? Ubuzima bw’umwirabure abayabaye ubu bwoba ari bwiza ugereranije n’imyaka indwi iheze? Canke umwirabure abayabaye ubu yoba ageramiwe ubu kuri Trump gusumba kuri Obama?”

Bwana Trump arirata ko ari we mu perezida wa Amerika amaze gukorera ivyiza vyinshi Abanyamerika bakomoka muri Afrika gusumba abandi baperezida bose mu mateka ya Amerika, kenshi agafatira ku rugero ruto rw’ubushomeri mu myaka itatu ya mbere y’ubutegetsi bwiwe, ico Bwana Ezeji akenguruka cane.

Ubunyamabanga bujejwe akazi buvuga ko igitigiri c’abashomeri b’abirabure mu kw’icenda ari co gitigiri gito cane cabayeho kuva butanguye kwegeranya ibiharuro nk’ibi mu myaka ya 1970, n’aho ibi vyahindutse kubera coronavirus.

Ariko Pasitori Ezeji avuga ko Bwana Trump agifise igikorwa kinini ategerezwa gukora ku neza ya bose, aha akaba afatira ku mwami Cyrus (Kuro) w’umu perse avugwa muri Biblia ko yari yatoranijwe n’Imana kugira ngo yigarurire Babiloni, maze abanya Isirayeli bari bahunze banona gusubira i Yerusalemu.

Avuga ati: “Trump niwe we Kuro wa kino gihe”.

Bwana Emeka avuga ati: “Imana irabivuze….ni umusuku wanje azorangura ishaka ryanje”.

Pasitori Juliet Eyimofe Binite ari mu gisagara ca Lagos muri Nijeriya aremeranya nawe.

Yabwiye BBC ati: “Yatowe n’Imana”.

Insiguro y’isanamu,

Pasitori Binite avuga ko Imana yamuhaye ubutumwa ko yariko irondera “umusuku” kugira ngo arangure isezerano ryayo

Buri ku ndwi, uyu mupasitori w’umugore yama asengera Trump ngo atsinde amatora ku ncuro ya kabiri.

Avuga ko Imana yamuhaye ubutumwa imbere y’amatora ya 2016 ko hari umuntu atunze cane yinjiye muri politike kandi ko ashigikiye ubwigenge bw’amadini, abakristu babona ko bubangamiwe.

Avuga ati: “Yambwiye ko yariko irarondera umukozi, umuntu w’intungane kubera hari ibikorwa bimwe bimwe abantu beza badashobora gukora”.

“Dukeneye umuntu ashobora kurwanira agateka k’abemera”.

Avuga kandi ko Trump ataronka amashimwe akwiriye kuri politike yiwe mpuzamakungu, nk’akarorero amasezerano y’amahoro hagati ya Isirayeli na Emira Zunze Ubumwe z’Abararu (Emirats Arabes Unis).

Insiguro y’isanamu,

Amashengero manini cane ararwiriye muri Nijeriya – n’aho muri kino gihe coronavirus isaba ko abantu batandukana

Pasitori Chogo na we nyene niko abibona: “N’aho woba uri Saddam Hussein cane Muammar Gaddafi, ntihabuze nk’ikintu kimwe canke bibiri vyiza wakoreye abanyagihugu bawe”.

Avuga ko Trump ashigikiwe ku mugabane wa Afrika kubera ukuntu atarya umunwa, aho avuga ko abategetsi ba Afrika bakeneye kubwirwa mu majambo yeruye kugira ngo bashobore gutunganya ibihugu vyabo.

Mu butumwa butandukanye yanditse ku rubuga rwa Twitter, Bwana Trump aherutse kwibutsa abakristu bamushigikiye ko ubwisanzure mu vyo gusenga hamwe n’urugamba rwo kurwanya umugenzo wo gukoroza inda bishobora gukwama mu gihe atotsinda amatora yo mu kwa cumi na rimwe.

Ariko Pasitori Ezeji afata ibintu yishimikije ubuhanuzi bwa Bibiliya buvuga ibihe vya nyuma.

Ati: “Ko azotsinda canke atazotsinda, ico si ikibazo ca Trump, ahubwo ni ikibazo c’ivyo Imana ivuga”.

“Trump ni nka ca giti co muri Biblia abihweza ibirere bafatirako mu kwihweza ibimenyetso vy’ibihe…aramutse atsinze, tuzoba tugifise igihe co kubaho, nayo akaramuka atsinzwe nta gihe tuzoba tugisigaje”.

Source link

Leave a comment