André Blaise Essama: Umunyakameruni ageramiye ibishusho vy’abakoloni

Umunyakameruni aharanira agateka k’abanyagihugu André Blaise Essama aramaze imyaka ishika cumi mu rugamba rwo kurwanya ibimenyetso biranga igihe c’ubukoloni.

Azwi cane ko amaze igihe abomora ibishusho mu gisagara ca Douala, aho yiziziye cane igishusho c’uwuzwi nk’incungu y’u Bufaransa mu ntambara ya kabiri y’isi yose, Jenerali Philippe Leclerc.

Essama yabwiye BBC ati: “Maze guca umutwe wa Leclerc incuro indwi zose nongera mbomora n’igishusho ciwe incuro n’imiburiburi 20”.

Ati: “Nkoresha amaboko yanje…ariko mbanza kwambaza abasokuruza bacu”.

Insiguro y’isanamu,

André Blaise Essama yatanguye guhenuha igishusho ca Jenerali Leclerc ubwa mbere mu 2003

Intumbero yiwe ni uko ivyo bishusho bisubirizwa n’intwari za Kameruni n’izindi za Afrika, ariko akavuga ko azokwubahiriza abo bose baharaniye “ineza ya kiremwamuntu”.

Aripfuza cane kwubaka igishusho c’uwari umuganwakazi Diana wo mu Bwongereza.

Kuri uyo muganwakazi, Essama avuga ati: “Diana yararwanya cane ivangura rishingiye ku rukoba kandi yararwanira agateka ka kiremwamuntu. Twaramukunda cane hano muri Kameruni”.

Essama arakaniye cane kandi igishusho ca Gustav Nachtigal, yashitse muri Kameruni mu 1884 kugira ngo ashinge intwaro y’abadagi.

Mu gihe c’intambara ya mbere y’isi yose, abasirikare b’Abafaransa n’Abongereza baromoye Abadagi, mu nyuma bacamwo kubiri ico gihugu cari mu minwe y’Ubudagi.

Ubutegetsi bwasubijeko incuro indwi imitwe yari yaciwe

Abategetsi bafata ivyo bikorwa vyiwe nk’ubwononyi, bakavuga ko intwari za Afrika zishobora guterwa iteka hatabanje kubomorwa ibimenyetso vy’igihe c’ubukoloni.

Essama yarapfunzwe incuro nyinshi inyuma yo guca umutwe w’igishusho ca Jenerali Leclerc – aho yagiye apfungwa mu kiringo c’amezi atandatu.

Rimwe rimwe ariko yagiye akwepa gupfungwa arishe ihadabu, akenshi na kenshi yava mu ntererano zegeranijwe n’abanywanyi biwe bari mu gihugu no hanze.

Insiguro y’isanamu,

Iki gishusho ca Jenerali Leclerc cubatswe i Douala imbere y’uko Kameruni yikukira mu 1961

Igihe cose yaciye umutwe w’igishusho ca Jeneral Leclerc i Douala mu kibanza c’ukwikukira, abategetsi baca bawusubizako.

Ico gishusho cubatswe n’abakoloni b’Abafaransa mu 1948, hagisigaye imyaka myinshi kugira ngo Kameruni ironke intahe y’ukwikukira.

‘Afatwa nk’ikigirwamana mu Bufaransa’

Jenerali Leclerc yibukwa cane ku kungene yegeranije ingabo mu myaka ya 1940 mu bihugu vyatwarwa n’Ubufaransa ico gihe, mu ntambara yo kurwanya Abadagi bari bigaruriye Ubufaransa.

Robert Gildea, umwigisha vy’ivya kahise kw’ishure kaminuza ya Oxford mu Bwongereza, yabwiye BBC ati: “Leclerc ni incungu ikomeye cane yafashije guhabuza Ubufaransa…nico gituma abafaransa bamufata nk’ikigirwamana”.

Ariko yarankwa urunuka muri Kameruni, nk’uko bivugwa n’uwahoze ari umwigisha wa kaminuza w’umunyakameruni, Valere Epee.

Ati: “Abanyakameruni ntibamukunda kuko yasa n’uko atitayeho abanyagihugu”.

“Ntiyari ameze nk’umukuru w’igihugu c’u Bufaransa Charles de Gaulle, yagendeye Kameruni incuro zibiri, abanyagihugu bakaba bamubonamwo urukundo”.

Jenerali Leclerc yapfiriye mw’isanganya ry’indege muri Aljeriya mu 1947, haciye imyaka itatu umugwa mukuru Paris uhabujwe. Abantu ibihumbi n’ibihumbi barahagaze ku mabarabara mu kumusezerana mu cubahiro.

Hari ibishusho vyiwe bitari bike vyubatswe mu Bufaransa, amabarabara abiri nayo yo mu gisagara ca Paris aramwitirirwa, mbere hakaba hari n’ibulende ya gisirikare igikomeye iriko izina ryiwe.

‘Incungu zacu ubwa mbere na mbere’

Ariko rero ivyo bishusho vyiwe ntibibonwa neza na Essama.

Uyo munyakameruni arwanira agateka k’abanyagihugu afise imyaka 44 avuga ati: “Si incungu yacu”.

Insiguro y’isanamu,

Igishusho ca Jenerali Leclerc kirakoreshwa cane na Essama mu kwigisha abanyagihugu ibijanye n’ubukoloni

“Jenerali Leclerc yaje gufutanganya akahise k’ubukoloni ka Kameruni agasubiriza n’ako Ubufaransa”.

Avuga ko yafatiye ku munyakameruni yaharanira ubwigenge bw’igihugu, Mboua Massock, igihe kimwe yigeze kwandika kuri ico gishusho amajambo ngo: “Incungu n’intwari zacu ubwa mbere na mbere”.

“Mu ruririmbo rwo guhayagiza igihugu turirimba tuti ‘Oh Kameruni iragi ry’abasokuruza’. None wosigura gute ingene abasokuruza bacu batibukwa mu bibanza bikuru bikuru bihuriramwo abantu benshi?”

Mu 1991, umukuru w’ico gihugu Paul Biya yasohoye urwandiko ruha iteka incungu z’igihugu zari zaribagiwe mu ruhara rwazo mu kurwanira intahe y’ukwikukira”.

Essama ati: “Nta kintu kinini cakozwe kuva iryo tegeko risohotse”.

Iyo ncungu y’Ubufaransa ubu ‘iri mw’ibohero’

Umwigisha w’ivyigwa vya kahise kuri kaminuza yo muri Afrika y’Epfo, Sabelo Ndlovu-Gatsheni, avuga ko ibishusho n’ivyibutso “vyiziziwe cane mu ntambara yo kurwanya ubukoloni”.

Insiguro y’isanamu,

Andre Blaise Essama afise umunezero udasanzwe kubona uwahoze ari umukinyi w’igihangange Samuel Mbappé Léppé yarubakiwe igishusho

Yabwiye BBC ati: “Abanyabulaya bahora bibaza ko ari bo bantu bonyene bari kw’isi, kuri bo rero hanze y’Ubulaya nta kindi kintu cariho, ivyo bikaba vyarahinyuwe”.

“Ugiriye ku vyiyumviro nk’ivyo: urashika mu karere kanaka, ugaca ukita izina, ivyariho vyose ukabirwiza n’ubusa, hanyuma rero ugaca ukiganzira, ukakigarurira, kimwe mu vyerekana ko wakigaruriye ni ibishusho”.

“Mu bihugu vyahoze mu bukoloni, ibishusho vyerekana ko abakoloni gushika ubu batarigera bihana ku mabi bakoreye abanyagihugu, ariko mu bihugu vyabo bikerekana ko ari incungu”.

Ntiyemera ko ivyo bishusho bikwiye gukingirwa ku mvo za kahise.

“Nimba igishusho cawe gifise insiguro muri kahise, umenye ko abanyagihugu bavuga bati: ‘Ariko wafashe amateka yanje uyasubiriza n’amateka yawe. Rero kitwibagiza amateka yacu’.”

Umwigisha Ndlovu-Gatsheni avuga ko ingendo yo kwizizira ivyo bishusho iri mw’isekeza ry’abanyafrika rikorwa mu buryo butandukanye mu kugerageza kurwanya ubukoloni.

Ati: “Hari ababomora ibishusho, abandi nabo bakipfuza guheba ifaranga rya CFA rikoreshwa muri Afrika y’Uburengero, abandi nabo bakaba bariko basaba indishi y’akababaro, ibi vyose ni intambara ku bukoloni”.

Essama ubu ntagishashaye cane ku guca imitwe y’ibishusho, ubu arondera kwegeranya uburyo kugira ngo hubakwe ibishusho vy’incungu za Kameruni akarondera kandi ko igihugu gihabwa indishi y’akababaro ku mabi cakorewe mu gihe c’ubukoloni.

Insiguro y’isanamu,

Iki ni igishusho ca John Ngu Foncha yigeze kuba umushikiranganji wa mbere wa Kameruni

Gushika ubu, ishirahamwe ryiwe yashinze akaryita Essama Hoo Haa riramaze gufasha mu kwubaka ibishusho bibiri.

Kimwe muri vyo ni ica Samuel Mbappé Léppé, afatwa nk’umukinyi w’umupira wa Kameruni wa mbere akomeye atarigera asubira kubaho mu mateka y’ico gihugu, Essama akavuga ko “asumba Roger Milla na Samuel Eto’o”.

Ikindi ni ica John Ngu Foncha yigeze kuba umushikiranganji wa mbere yaharaniye ubwigenge bw’uburere bwa Kameruni bukoresha ururimi rw’icongereza.

Igishusho ca Jenerali Leclerc kiracari mu mutwe wa Essama, n’aho ubu bigoye kukibomora kubera cugaranywe kandi hari abajejwe umutekano bagikingiye.

N’agatwengo k’agahemo, Essama ati: “Arapfunzwe”!!

Source link

Leave a comment