Australia: Igipolisi ‘categetse umugore gukura agatambara ko mu butinyanka’ mu kumusaka

Insiguro y’isanamu,

Ugusaka abantu bari gusa bari mu muziki vyateye impari

Icegeranyo kijanye no gucungera umutekano kimenyesha ko ipolisi co muri Sydney casavye umugore akiri muto gukura agatambara ko mu butinyanka (canke imihango mu Kinyarwanda) mu gihe bariko baramusaka.

Ivyo biri mu bintu bitanu vyerekana inyifato itabereye y’abapolisi mu matohoza yakozwe mu mwaka uheze mu bikorwa bitanu vy’isaka vyakozwe babanje gutegeka abantu kwambura izo bambaye, ivyateye impari muri Sydney.

Icegeranyo kivuga ko vyinshi muri ivyo vyabereye mu nyubakwa z’umuziki kandi bikaba vyatumye ababikorewe biyumva ko basuzugujwe kandi bateshejwe agaciro.

Igipolisi ca New South Wales kivuga ko kizokwihweza neza ibiri muri ico cegeranyo.

Icegeranyo c’umurwi ujejwe inyifato y’abajejwe umutekano gihamagarira abapolisi gusaba imbabazi umwe mu bakobwa babikorewe, kikanavuga ko hari n’ahandi vyabaye bigatuma umupolisi ahagarikwa mu mabanga yiwe.

Ibi vyagiye kuja hejuru inyuma y’aho abavyeyi b’abakobwa/abagore babikorewe bidogeye canke bigatangazwa mu binyamakuru vyaho.

Ico cegeranyo kivuga ko ibibazo bijanye n’uko isaka nk’iryo ryoba ryemewe n’amategeko ni vyama bigaruka igihe cose, hose bakaba bakora ivyo bariko barondera ibiyayuramutwe.

None ni ibiki vyabaye?

Igihe kimwe mu kwa mbere 2019, abapolisi basatse abakobwa babiri bakiri bato hanze y’ikibuga ca Sydney – umwe muri bo yategetswe n’umupolisi gukura agatambara ko mu butinyanka yari yambaye.

Ico kintu kimaze kwihwezwa, “vyabonetse ko hari igipfungu ku bijanye n’ico kintu categetswe uyo mukobwa”.

Ivyo vyatumye haba amatohoza ku bibazo nk’ivyo aho abantu bidoze, na rirya n’ivyo biyayuramutwe vyariko bironderwa vyabonetse.

Ico cegeranyo kivuga kandi ko hari uwundi mwigeme yari mw’isabukuru ryiswe Garden Garden yategetswe gukura icupi yari yambaye no kwunama, maze abandi bapolisi b’abagabo bakamutwenga bakanamubwira ko bitajanye n’umwuga.

Insiguro y’isanamu,

Ugusaka abantu bari gusa bari mu muziki vyateye impari

Uwundi mugore yari mu yindi sabukuru yategetswe gukura impuzu no gusutama hanyuma agakorora, kandi akaba ata n’uko yabikiwe akabanga.

Amatohoza yerekana ko akenshi mw’isaka nk’iryo, igipolisi catangaje ko abakoze ivyo batazi ingene bategerezwa kwifata.

Gusaka abantu bari gusa biremewe n’amategeko?

Mu mategeko ya Australia, abapolisi bashobora gukora isaka nk’iryo bivanye gusa “n’uburemere kandi ari ikintu cihutirwa cane”, bigategerezwa kuboneka ko ari nkenerwa kandi ngombwa.

Bategerezwa kandi gukora iryo saka mw’ibanga rishoboka. Birabujijwe gusaka umuntu mu bihimba vy’irondoka.

Ku bijanye n’abana bato, umuvyeyi canke umurezi wiwe bategerezwa kuba bahari, kiretse nimba hari icihutirwa kugira bakingire uyo muntu canke kugira ngo ivyemezo ntibitakare.

Hagati aho, ikubagurwa rikorwa n’igipolisi muburyo bwo gusaka umuntu ari gusa ryateye impari nyinshi.

Umupolisi yabwiye abariko bakora amatohoza ko gusaka abantu babanje kwambura impuzu mu masabukuru vyari ngombwa kubera impungenge zo kunywa ibiyayuramutwe, inyuma y’aho urwaruka rwinshi rupfiriye hiketswe ko barengeje urugero.

Source link

Leave a comment