Batatu baraye biciwe mu gitero c’umuntu yari afise imbugita mu Bwongereza

Insiguro y’isanamu,

Ico gitero cabaye ku wa gatandatu isaha imwe z’ijoro

Abantu batatu baraye bishwe abandi batatu nyene barakomereka cane mu gitero cakozwe n’umuntu yari afise imbugita mu kabare ko mu gisagara ca Reading, nk’uko bivugwa n’igipolisi.

Umugabo w’imyaka 25 ava muri ico gisagara niwe yahagaritswe yagirizwa ubwicanyi amaze gufatirwa aho iryo bara ryabereye.

Ico gitero cabereye ku kabare kitwa Forbury Gardens muri ico gisagara ca Reading hafi isaha imwe z’ijoro mu masaha yo mu Bwongereza aho abantu batari bake bacumiswe imbugita.

Igipolisi ntigifata ico gitero nk’ic’iterabwoba, ariko abapolisi bajejwe kurwanya iterabwoba batumweko.

Amakuru ava mu nzego zijejwe umutekano avuga ko uyo muntu yahagaritswe yamuka muri Libya.

Umunyamakuru Daniel Sandford avuga ko yabwiwe y’uko uyo muntu yahagaritswe yigeze gupfungirwa mw’ibohero mu Bwongereza yagirizwa icaha gito, atari icaha cerekeranye n’iterabwoba.

Igipolisi gisaba uwo wese yoba yarafashe ireresi y’ico gitero kuri terefone ko yobashikira, ariko abanyagihugu basabwa kudakwiragiza amareresi n’amasanamu ku mbuga ngurukanabumenyi “mu kwubahiriza imiryango y’abahaburiye ababo”.

Igipolisi kandi kimenyesha ko ico gitero ata sano gifitaniye n’imyiyerekano yo kwiyamiriza ivanguramoko rikorerwa abirabure iheruka muri ako gace.

Umwe mu babibonye

Laurence Wort umwigeme w’imyaka 20 yari yatemberereye mu gisagara ca Reading, yabwiye BBC ko wewe yari hafi ku metero cumi igihe ico gitero catangura.

“Akabare kari kuzuye abantu bari bagandagaje bihereza ikinyobwa, igihe umuntu umwe yabinjiramwo, avuga ibijambo bitumvikana, yitera mu bantu agenda abacumita imbugita”.

“Yabanje yinjira mu murwi w’abantu acumitamwo batatu, mu nyuma atera aza aho twari turi mbona aje anyirukako, niho twaca twiruka”.

“Amaze kubona ko adashobora kudushikira, niho yaca aja ku wundi murwi w’abantu atangura kubacumita”.

“Umwe yamucumise inyuma kw’izosi, amaze kubona ko abantu bose bariko bariruka, niho nawe yaca yiruka”.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati Priti Patel yanditse ubutumwa ku rubuga rwa Twitter aho avuga ko ababajwe n’ico gitero.

Mu nyuma yasohoye itangazo yiyamiriza ubwo bwicanyi avuga ko “ari igitero kidafise ishingiro cakozwe ku bantu bitekaniye bariko baryoherwa n’imiryango yabo”.

Sir Keir Starmer arongoye umugambwe w’abakozi avuga ko ico gitero c’imbugita “giteye ubwoba”.

Source link

Leave a comment