Burundi, DR Congo na HCR babandanya ibiganiro ku gutahukana impunzi

Insiguro y’isanamu,

Inkambi ya Lusenda irimwo impunzi z’Abarundi iri ku mwaro w’ikiyaga Tanganyika

Impunzi z’Abarundi bahungiye muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo zipfuza gutahuka zisabwa kwihangana gushika habaye amasezerano hagati ya leta z’u Burundi na Congo hamwe n’ishirahamwe HCR.

Fabien Faivre ajejwe imigenderanire yo hanze mw’ishirahamwe HCR muri DR Congo yabwiye BBC ko ibiganiro hagati y’izo mpande zitatu bibandanya.

Bwana Faivre avuga ko umugambi wo guhungura abavyipfuza wari usanzwe uriho, ariko ko vyabaye ngombwa ko ubanza guhagarikwa kubera ikiza karanda ca Covid-19.

Hagati ya 2017 na 2019, hatahutse abashika 184 bava muri ico gihugu, ariko kuva uno mwaka utanguye gushika mu kwa gatandatu nta n’umwe yashoboye gutahuka ava muri ico gihugu nk’uko bivugwa n’ishirahamwe HCR mu Burundi.

Ibikorwa vyo gutahura impunzi z’Abarundi zivyipfuza zahungiye mu Rwanda no muri Tanzania vyovyo birabandanya.

Fabien Faivre avuga ko muri kino gihe HCR muri Congo iriko irakorana n’igisata kijejwe impunzi muri ico gihugu hamwe n’abajejwe ubutungane kugira ngo impunzi zishobore kuronswa impapuro zikenewe mu gihe bazoba batashe.

Muri izo harimwo impapuro z’amavuka, hamwe n’impapuro z’amashure ku bana basanzwe bariko bariga kugira ngo bashobore gushika babandanya amashure.

Bwana Faivre avuga ko muri kino gihe urubibe hagati y’u Burundi na Congo rwugaye mu ntumbero yo kuzibira ikwirakwira rya coronavirus.

Ati : « Ni nkenerwa ko haba amasezerano hagati y’u Burundi na DR Congo. Ubu turi mu biganiro n’ibihugu vyompi kugira ngo turonderere hamwe inyishu yihuta ku mpunzi zipfuza gutahuka”.

Leta ivuga ko yiteguye kubakira

Haraciye iminsi hari impunzi zishika amajana atatu zivuye mw’ikambi ya Lusenga zishaka gutahuka.

Ubu zicumbikiwe mu karere ka Kavimvira muri Congo hafi y’urubibe n’u Burundi, nk’uko bimenyeshwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Burundi.

Bamwe bamwe muri izo mpunzi bavuga ko bugararijwe n’imibereho mibi cane aho bakambitse barindiriye ko bemererwa kwinjira mu gihugu cabo.

Ejo ku wa kabiri, Pierre Nkurikiye yabwiye Radiyo Isanganiro, imwe mu maradiyo yigenga akorera mu Burundi, ko ikibazo cazo bakizi kandi ko umwanya n’umwanya gishobora gutorerwa umuti kandi ko leta yiteguye kubakira.

Bwana Faivre avuga ko ibiharuro bafise vyo mu kwezi kw’indwi ari uko mu makambi abiri ya Lusenda na Mulongwe mu ntara ya Kivu y’Ubumanuko harimwo impunzi z’Abarundi 48.586.

Ejo ku wa kane, umurwi wa kabiri w’impunzi zishika 500 zo mwikambi ya Mahama mu Rwanda zitezwe gutahuka.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Burundi bwamenyesheje ku rubuga rwa Twitter ko hari n’impunzi zo mw’ikambi ya Nakivale muri Uganda, kimwe mu bihugu bihaye indaro impunzi nyinshi z’Abarundi, zandikiye umukuru w’igihugu c’u Burundi zimusaba ko yozifasha gutahuka.

Source link

Leave a comment