Burundi : Evariste Ndayishimiye yavuze iki mu butumwa bw’umunsi w’Ukwikukira ?

Perezida Evariste Ndayishimiye avuga ko inyuma yo inyuma y’uko Uburundi buhabuje intahe y’ukwikukira bwagumye bugoyagoya bugatangira kubona agahengwe mu 2005 ariko ko mu 2015 hariho abashatse kunyaga iyo ntahe.

Mu butumwa bujanye n’umunsi wo guhimbaza intahe y’ukwikukira uhimbazwa uyu munsi mu Burundi, Bwana Ndayishimiye yasavye Abarundi kuzirikana uyu munsi bibuka icipfuzo ca mbere kiri mu ndirimbo y’igihugu ari co : “Shinga icumu mu mashinga…”

Agira ati : “Uburundi ntibwoshinga icumu mu mashinga butubatse imigenderanire myiza n’ibindi bihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu.”

Gusa avuga ko Uburundi bwakoze ibishoboka ngo bubanire neza ibindi bihugu “nk’abazimyamuriro” ariko ko hariho ababirenzeko “baratudurumbanya”, bafatira Uburundi ingingo z’agahotoro, ngo “vyose bakabikora bihetse kuri benewacu bataye umurongo.”

Yagize ati : “Muribuka namwe ingene bagerageje gutembagaza inzego zitorewe n’abenegihugu mu mwaka w’2015 Imana igakinga. N’ejo n’ejo bundi, tubimenye kandi tubimenyere, kirazira kikaziririzwa kuvuguruza ijambo ryapfunditswe n’abenegihugu biciye mu matora.”

Yongeraho ati : “Turashimiye inzego zijejwe umutekano, izijejwe kwivuna abansi, hamwe n’Abarundi bose bahagaze rugabo mu gutesha inkorabara zashatse kutunyaga intahe y’ukwikukira.”

Mu 2015 harabaye imyiyereko yiyamiriza kwongera kwitoza kw’uwari Perezida Pierre Nkurunziza, bikurikirwa no gushaka gutembagaza ubutegetsi vyaburijwemwo.

Leta y’u Burundi yaragirije iy’u Rwanda uruhara muri uwo mugambi mbere ivuga ko benshi mu bawugerageje bahungiye mu Rwanda, leta y’u Rwanda yarabihanye. Kuva ico gihe ubutegetsi bw’ibihugu vyompi burebana ay’ingwe.

Bwana Ndayishimiye avuga ko inyuma yo guhabuza Intahe y’ukwikukira mu 1962 Uburundi bwagumye bugwa buvyuka kugera mu 2005 aho avuga ko ari bwo bwongeye “burasanasanwa”.

Avuga ko kuva ico gihe aribwo hashinzwe imigambi y’ivyo Abarundi bipfuza harimo uko igihugu coba kimeze mu 2025 (Vision 2025).

Nubwo Uburundi bwafatiwe ingingo z’ubukungu n’abagiraneza, yavuze ko ivyo babivanyemwo amasomo, ashima ko Ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi (OBR) cakoze neza gushika aho Uburundi bushobora kwibako ku bice 90%.

Mw’ijambo ryiwe, yavuze ko kugira ngo ico gisata coroherwe mu kurangura imirimo kijejwe kigiye kwubakirwa igorofa igeretse cumi na kabiri (12 niveaux) kizokoreramwo.

Amajambo yiwe ntaremesha impunzi

Bwana Ndayishimiye avuga ko agomba kwubaka igihugu aho beneco babasha “gukora ku munwa aho bashakiye hose, [no] mu mifuko yabo na ho hakabarizwa amahera yo kwikenura.”

Igisata ca ONU kijejwe impunzi giharura (mu kwezi kwa gatanu 2020) impunzi z’Abarundi zirenga 300,000 ziganje cane cane mu bihugu vy’akarere.

Mw’ijambo ryiwe Bwana Ndayishimiye yasavye impunzi gutahuka iwabo.

Impunzi z’Abarundi zimwe zimwe zivuga ko amajambo amaze gushikirizwa na Perezida Evariste Ndayishimiye kuva ashitse ku butegetsi ataremesha impunzi.

Evelyne Nuwimana amaze imyaka ine mu nkambi ya Mahama mu Rwanda yabwiye BBC ati:”Mu majambo yiwe twumva ibisa n’ivy’uwo yasubiriye. Nta cizere njewe ndamubonamwo.”

Mu ijambo ryiwe rigenewe uyu munsi Bwana Ndayishimiye yagize ati : “Amaherezo y’inzira ni mu nzu”, ni mutahe iwanyu mukiri abarundi b’ubuntu, kuko “Inkoko irara mw’ishamba bugaca yacitse inkware”!

Uburundi n’u Rwanda, vyaboneye ica rimwe ukwikukira imbere y’ubutegetsi bw’Abakoroni.

Gusa uyu munsi ubutegetsi bw’u Rwanda bwahisemwo ko udahimabzwa mu birori ahubwo hahimabzwa umunsi wo kwibohora kw’ igenekerezo 04/07 ubwo ingabo za FPR-Inkotanyi zafashe ubutegetsi.

Source link

Leave a comment