Burundi: OLUCOME ibona ko Perezida Ndayishimiye yasumbijwe inguvu ‘n’abasuma’

Ibwirizwashingiro n’itegeko ryo kurwanya igiturire bitegeka abakozi ba leta, kuva ku mukuru w’igihugu, kwerekana itunga ryabo bakija mu mabanga, Perezida Evariste Ndayishimiye abajijwe ibi aho bigeze yasubije ati: ‘…twasanze bidatumbereye neza’.

Kuwa gatanu mu kiganiro ca mbere yari agiranye n’abanyagihugu n’abamenyeshamakuru, Bwana Ndayishimiye yavuze ko ibivugwa n’iryo tegeko ‘abantu benshi babifata nabi bibaza ko ugiye kuburana’.

Gabriel Rupfiri akuriye ishirahamwe rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatunga ya leta yabwiye BBC ko ivyashikirijwe na Bwana Ndayishimiye vyerekana ko ‘bamuteye ubwoba’.

Mu 2005 u Burundi bwashize mu mategeko yabwo amategeko mpuzamakungu ya ONU n’ay’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika yo kurwanya igiturire.

Mu 2006 u Burundi bwashizeho itegeko ryo kurwanya igiturire rikavuga ingene abasuku ba leta bafise bitarenze iminsi 15 bagiye mu mabanga kuba berekanye ubutunzi bwabo, n’uko abatabikoze bahanwa.

Mu kiganiro cabaye kuwa gatanu, abajijwe impamvu ibi bitarakorwa inyuma y’amezi atatu ari ku butegetsi, Bwana Ndayishimiye yasubije ko hariho bamwe bamwe bibaza ko ivyo ari urubanza.

Ati: “…Kuba ari ukwerekana umutahe utanguranye hanyuma uhejeje ikiringo ukamenyesha kugira barabe bati ‘none ibi afise birahuye na wa mutahe yatanguranye? umushahara ahembwa turawuzi, umushahara yatanguranye turawuzi, none ubu birahuye inyuma y’ikiringo[ciwe].

“Ico gihe rero babonye biteye amakenga baca baja kwugurura amadosiye.”

Bwana Rupfiri wewe avuga ko dosiye ishobora gufungurwa na mbere y’uko ikiringo c’umuntu gihera, ariyo mpamvu itegeko rivuga neza ko bagomba kwerekana itunga ryabo bagitangura amabanga.

Agira ati: “Sentare yabihawe irashobora kuraba yuko vya vyaha vyitwa ‘gutunga bitagaragara iyo wakuye ubutunzi’ canke ‘kunyegeza ubutunzi’ bitakozwe, irashobora kubiraba naho ikiringo coba kitarahera kuko amategeko arabitegekanya.”

Bwana Rupfiri avuga ko kuba leta itabirakora ari uguhonyanga amategeko y’u Burundi no kwanka kwubahiriza amasezerano mpuzamahanga u Burundi bwasinye.

‘Itunga ry’umuntu ni ibanga’, ‘nta banga ry’umusuku wa leta’

Bwana Ndayishimiye yavuze ko ivyo guhita berekana itunga, nk’uko bitegekanywa n’amategeko amaze imyaka ishika 14, “twebwe mbere twasanze bidatumbereye neza kubera umuhini mushasha utera amabavu”.

Yongeraho ati: “…kuburyo tugiye ngo tugira tuvyandike turashobora kumara nk’indwi yose umuntu umwe atarabiheza.

“Duca turavuga tuti uru rwego rukuru rw’ubutungane bigire neza ubitunganye kuko ni ukumenyesha ivyo ufise si ukuja kuburana.”

Ntiyasobanuye igihe ibi bizokorerwa.

Bwana Ndayishimiye yongeyeko ko “itunga ry’umuntu ni akabanga kiwe, mugabo iyo wivye igihugu ico gihe nibwo baja kwugurura amadosiye”.

Bwana Rupfiri wewe avuga ko ivyo atari ukuri kuko umusuku (umuntu atunganyiriza ivy’abanyagihugu) ubuzima bw’ibanga bwiwe, cane cane kuvyerekeye itunga, buba ari butoya.

Avuga ko itegeko ritegekanya ko uretse umusuku ubwiwe, n’umugore wiwe n’abana biwe bagomba kugenzurwa ivyo batunze ngo uwo ntahave abandikaho ivya leta yivye.

‘Bamuteye ubwoba’

Bwana Rupfiri avuga ko ivyashikirijwe na Bwana Ndayishimiye kuri iyi ngingo nka OLUCOME bagiye “kubikurikirana dukoreshe uburyo bwose amategeko aturekurira kugira ngo ivyo bintu babikore.”

Agira ati: “Twese turazi neza ko ahandi [Evariste Ndayishimiye] yatwaye imbere, nta muntu n’umwe yohava avuga ngo yoba yaramwumvise mu madosiye y’ubusuma”.

“Mugabo kubera inguvu abiba igihugu bafise ubu, bumvise avuze amajambo nk’ayo, bakaba bazi ko nawe atavyo agira, baca bavuga bati tugiye kugira ingorane, bagaca bafata ingingo zo kwikingira. Ikigaragara coco ni uko bamuteye ubwoba, vyovyo biraboneka.”

Source link

Leave a comment