Burundi: Perezida Ndayishimiye yavuze ku bivugwa mu gihugu no ku gihugu

Insiguro y’isanamu,

Perezida Evariste Ndayishimiye avuga ko hari ingorane zikiri ku Rwanda yagiriza ko rubitse abakoze ivyaha mu Burundi

Inyuma y’iminsi 100 ashikirijwe amabanga y’ukurongora igihugu, Perezida Evariste Ndayishimiye avuga ko yashimye kuvugana n’abanyagihugu kugira ngo yumve ivyo barindiriye ku butegetsi bushasha.

Ati: “Kuva igihe narahira, novuga nti naciye ntangura kuja mu mukwanguro, rero uno munsi inzego z’igihugu zarahejeje kujaho, umukwanguro twarawuronse, ubu turashobora kuvuga tuti turatanguye ubwahuro”.

Yabajijwe ibibazo ku migenderanire, ubutunzi, abakozi ba leta, ugushigikira urwaruka, agateka ka zina muntu, hamwe n’ibindi bijanye n’ubuzima bw’igihugu.

Inama yari itegekanijwe i Goma

Bwana Ndayishimiye abona ko itari inama ikomeye cane ku buryo hari uwusivye hari kuba ikibazo.

Kubw’iwe, yari inama isa n’uko ari abagenzi baziranye bashaka kwicarana kugira ngo babe baraganira ku tuntu tumwe tumwe.

Ati: “Ico gihe rero, umuntu abonye ingene iyo nama yatumiwe, urabona ko ari inama itagira urwego, idakeneye vya bitigiri kanaka bavuga bati aba badakwiye inama ntiba”.

“Uwufise umwanya wese aritaba kuko ni vyiza ko abantu baganira. Ariko iyo hari uwabuze akaryo ntikibuza ko inama ibandanya kuko ntiruba ari urwego”.

Bwana Ndayishimiye avuga ko yabuze umwanya kubera agifise vyinshi cane ariko arakora, akavuga ko ari ibisanzwe cane cane mu gihe inzego zikiri nshasha.

Hagati aho, Perezida Ndayishimiye avuga ko mu gihe iyi nama yotunganywa afise akanya gakwiye ko yoyitaba ata ngorane.

Yavuze iki ku migenderanire?

Bwana Ndayishimiye avuga ko imigenderanire yatosekaye kubera u Burundi bwasanze ibi bihugu bifise uruhara mu vyabaye mu 2015, cane cane mu kugerageza gutembagaza ubutegetsi.

Ati: “Hanyuma bitwaje igikenye baca babohera amaboko imugongo leta kugira ngo bikunde itembagare mu bukene bwayo, ariko Imana yarakinze”.

Yongeraho ati: “Uno munsi twaramaze kubamenyesha tuti mu kugenda mwarijanye, si twe twabirukanye. Mushatse kugaruka muzoza, mudashatse naho ntawubahata”.

Ibihugu vya Bulaya vyarafatiye ibihano u Burundi kuva bwinjiye mu ndyane za politike mu 2015 vyisunze amasezerano ya Cotonou yerekeye ugufashanya hagati y’Ubulaya n’ibihugu vya Afrika, Karayibe na Pasifike, cane cane bikaba vyisunze ingingo ya 96 yo muri ayo masezerano.

Abajijwe kuri aya masezerano, Perezida Ndayishimiye yishuye ko ikiringo cayo caheze, ko “rero tutobandanya duharira ku kintu caheze”.

‘Twiyumvira ko bategurwa gutera u Burundi’

Bwana Ndayishimiye avuga ko hari ingorane zikiri ku Rwanda yagiriza ko rubitse abakoze ivyaha mu Burundi.

Ati: “Uno munsi nyene, bamwe batembagaza ubutegetsi, bakica abantu, bagaturira amazu n’imiduga, n’ubu bibereye harya mu Rwanda, twebwe tukiyumvira mbere y’uko u Rwanda ruriko rurabategura gutera u Burundi”.

U Rwanda ruhakana kugira uruhara mu igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi mu Burundi mu 2015.

Asaba iki gihugu ko nimba ari umubanyi mwiza, gutanga aba bantu kugira ngo bahanwe maze imigenderanire imere neza, kuko kuri we, umwana akoze ikibi mu muryango arahanwa.

Avuga ko u Rwanda rukwiye gusubiza abo bantu bagirizwa nk’uko n’u Burundi nabwo bwama busubiza inkozi z’ikibi zihungabanya u Rwanda iyo ziramutse zihungiye i Burundi.

Umurwi wa ONU utamwizeye

Umurwi wa ONU uheruka gutangaza raporo nshasha uvuga ko hariho ivyaha vyo guhonyanga agateka ka muntu vyabandanyije mu Burundi.

Mbere uvuga ko udafise icizere ku butegetsi bwa Ndayishimiye kuko abagirijwe ivyaha hambere “ubu barushijeho gukomera muri leta”.

Bwana Ndayishimiye aha we yavuze ko abavuga ibi bafise intumbero ya politike, akavuga ko mu vyo bavuga batigera biyumvira abakorewe ivyaha, ko ahubwo bavugira ababikoze.

Ati: “Ni baba bashaka kuvuga agateka ka zina muntu nibatubwire bati hariho aba “victimes” naka na naka mutigeze mushaka guca urubanza kugira ngo batunganirwe.

“Mugabo usozanga bariko bavugira abakoze ikibi.

“Akarorero, uze wumve bageze kuvugira abapfunzwe bariko baraburana, ntibigera bibuka bati bamwe bapfa ubwo leta iriko irabavugira?

“Mbega ni kuki bataza mu Burundi kugira ngo bumvirize abenegihugu ingene bariko baravuga?”

Umurwi wa ONU wowo uvuga ko leta y’u Burundi itawemerera kuja mu gihugu kandi idasubiza ivyo uyibaza vyose.

‘Abateye igihugu ni abasuma’

Mu minsi iheze, umuhari RED-Tabara waratangaje ko hari abarwanyi bawo binjiye mu gihugu kandi ko ari bo baherutse gukora ibitero mu mihingo imwe imwe y’igihugu.

Kubwa Bwana Ndayishimiye, nta barwanyi bateye igihugu, avuga ko ari abicanyi n’abasuma bakoze ivyo bakora kubera bazi ko hari abanyapolitike baca babavugira.

Ati: “Uteye igihugu, uravuga uti ndamaze gufata iyi komine, n’amakungu akabimenya, hari aho ivyo muravyumva?

“Hariho ico bita ubwicanyi, ubugizi bwa nabi, harimwo ubusuma, kurandura akarimbi, kwica umuntu, ivyaha bihanwa n’amategeko. Iyo rero umuntu ari umwicanyi, umusuma […] ntaca avuga ngo yateye igihugu”.

Nayo kw’ifatwa ry’agasakisaki ririko riribonekeza kuva iyi mirwi ivuze ko yateye igihugu, aho abenshi mu bafatwa bavugwa ko ari abanywanyi b’umugambwe CNL, nk’uko kandi n’abawurongoye baherutse kubivuga, Bwana Ndayishimiye avuga ko abafatwa bafatwa ku mvo z’amatohoza.

Source link

Leave a comment