Burundi: Umukandida Dieudonné Nahimana asaba CENI kwemera ko amatora yabayemwo utunenge

Insiguro y’isanamu,

Dieudonne Nahimana yaronse amajwi ari munsi ya 1%

Uwitoje nk’uwigenga mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora aheruka mu Burundi, Dieudonné Nahimana, asaba umurwi ujejwe gutegura no guhagarikira amatora kwemera ko ayo matora yabayemwo utunenge.

Ivyo yabivuze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu aho yari aramutse ashikiriza ingene abona ku kungene amatora yagenze.

Dieudonné Nahimana yaronse amajwi adashika 1%, ariko akamenyesha ko n’aho hari ibitagenze neza, abona ko atavyinshi afise vyotuma yitura sentare ijejwe kwubahirizwa ibwirizwashingiro.

Umurwi CENI wowo uvuga ko amatora yagenze neza.

Muri ico kiganiro, Bwana Nahimana, avuga ko bashoboye kurungika ababahagararira muri ayo matora barenga ibihumbi bitandatu, akaba yari afise babiri babiri muri buri komine.

Mu tunenge avuga twibonekeje, hariho ko bamwe mu babaserukira bankirwa abandi bakabatevya kwinjira mu biro vy’amatora kandi bari bafise amakete abemerera kumuserukira yatanzwe n’umurwi CENI.

Avuga ko we nyene ubwiwe yihahamagariye abajejwe amatora, bakamwishura ko batari bazi ko abigenga bafise uburenganzira bwo kurungika abaserukira ku biro vy’amatora.

Ati: “Vyari bitangaje kuko mu bintu CENI yamye yigisha, baramenyesha y’uko uwitoza wese afise uburenganzira bwo kuronka uwumuserukira kandi yaba afise urupapuro ruvyerekana rwatanzwe na CENI”.

Avuga kandi ko hari ahandi wasanga bamwe mu ntwaro biha ububasha nk’ubwo abakozi ba CENI mu gihe amatora yariko araba, akavuga ko wasanga harimwo cane cane abacamanza, abasitanteri, eka mbere na ba buramatari.

Akandi kanenge Bwana Nahimana yerekana avuga ko hariho abandi wasanga bagenda batera ubwoba abantu bagiye gutora bakabategeka gutora uyu canke uwundi.

Abandi nabo banaherekeza abagiye gutora mu bwiherero kugira ngo babategeke gutora uwo bobo bashaka babeshe ko bagiye kubereka ingene bazinga ikarata y’amatora.

Hari kandi ibice bimwe bimwe mu gihugu aho abajejwe intwaro batoye mu kibanza c’abanyeshure nk’uko abivuga.

Aravuga kandi ko hari abantu wasanga hari abatoreye abandi ariko ugasanga ni benshi canke ugasanga batwaye amakarata yo gutora menshi arengeye ayo bafitiye impapuro zibaya uburenganzira.

Mu gihe avuga ko utunenge twababayeko tudashobora kumutuma yitura sentare yubahiriza ibwirizwashingiro, Dieudonné Nahimana asaba ko twozokosorwa muri kazoza kugira ngo ntihazohave haba abahakana ibizoba vyavuyemwo bisunze utwo tunenge.

Ati: “Twashaka gusaba CENI ko yokwemera ko hariho bimwe bitagenze neza mu matora aheruka kandi bakagerageza kubikosora”.

Asaba abatangajwe na CENI ko batsinze amatora abandi nabo ko batsinzwe, ko botahura ko ikintu nyamukuru ku gihugu ari umutekano hagati y’Abarundi, rero ko ata murundi yopfa canke yogirirwa nabi azira ico ari canke azira ico yiyumvira.

Evariste Ndayishimiye yaserukiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD niwe yatangajwe n’umurwi CENI ko yatahukanye intsinzi muri ayo matora ku bice 68%, akurikirwa na Agathon Rwasa wo mu mugambwe CNL utavuga rumwe n’ubutegetsi wabonye 22%.

Umugambwe CNL umenyesha ko ayo matora yabayemwo utunenge twinshi n’ubusuma, mbere ukemeza ko ari wo watahukanye intsinzi ku bice birenga 58%.

Ejo ku wa kane Agathon Rwasa yashikiriza ibirego muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro, iyi nayo ikaba itegerezwa gushikiriza ibiharuro ntabanduka ku wa 04 z’ukwezi kwa gatandatu, ni ukuvuga ku wa kane w’indwi iza.

Source link

Leave a comment