Coronavirus: hatangujwe ubushakashatsi bwo gukoresha imbwa mu gupima uwo mugera

Uwufise ububasha kw’isanamu
DHSC

Mu Bwongereza himirije gutangura ubushakashatsi bwo kuraba nimba imbwa zisanzwe zararonkejwe ubuhinga bujanye n’ugupima indwara zishobora gutora umuntu yanduye umugera wa corona.

Imbwa nk’izo zisanzwe zarahawe ubuhinga bwo gutora umuntu arwaye ubwoko bumwe bumwe bwa kanseri, malaria hamwe n’indwara ya Parkinson ku kamoto gusa, ubuhinga zahawe n’shirahamwe Medical Detection Dogs.

Igice ca mbere c’ubwo bushakashatsi kizoba kirongowe n’ishure kaminuza London School of Hygiene and Tropical Medicine, ishirahamwe Medical Detection Dogs hamwe n’ishure kaminuza rya Durham.

Leta yemeye gushigikira ako kigoro mu guterera amafaranga yo gukora ubwo bushakashatsi ibihumbi 500 vy’amapawundi (amafaranga y’u Bwongereza).

Umushikiranganji w’ico gihugu ajejwe ubuhinga, Lord Bathel, avuga ko afise icizere ko izo ntozo zizoshobora gutanga inyishu mu bubangutsi ko umuntu arwaye, mu mugambi wa leta wo gupima abanyagihugu benshi bashoboka.

Ubwo bushakashatsi bushaka kumenya nimba izo ntozo ziswe “Covid Dogs” – zishobora gutora uwo mugera mu mubiri w’umuntu zimwimotereje gusa imbere y’uko ibimenyestso bitangura kwigaragaza.

Ubwo bushakashatsi buzofasha kumenya nimba izo mbwa zizwi nka bio-detection dogs (imbwa zo gupima umubiri w’umuntu) – zikaba zishobora gupima abantu bashika 259 kw’isaha – zizoshobora gukoreshwa mu gukinga Covid-19 muri kazoza ibara ritaragwa.

Igice ca mbere c’ubwo bushakashatsi, kizokoresha abaganga bo mu mavuriro ya Londres bazofata ibipimo vy’akamoto ku bazoba baramaze kwandura be n’abandi batazoba barandura.

Ibipimo vy’impwemu hamwe n’akamoto kava mu mubiri w’umuntu (audeur humain) bizokwegeranywa mu bice bitandukanye, harimwo no muri twa dutambara two kwikingira tuzoba twakoreshejwe.

Imbwa zitandatu – Norman, Digby, Storm, Star, Jasper nq Asher – nizo zizobanza kwigishwa kugira ngo zishobore gutora coronavirus muri ivyo bipimo bizoba vyafashwe.

Ishirahamwe Medical Detection Dogs rizozigisha rivuga ko ico gikorwa gishobora gufata indwi zitarenga zitandatu gushika ku munani.

Uwufise ububasha kw’isanamu
MEDICAL DETECTION DOGS

Uwufise ububasha kw’isanamu
DHSC

Mw’igerageza ry’intangamarara rizomara amezi atatu, leta izoshobora gufata ingingo y’ukungene izo ntozo zokoreshwa n’aho zishobora gukoreshwa.

Imwe mu ngingo zishobora gufatwa, ni uko izo ntozo zishobora gukoreshwa ku bwinjiriro, nko ku bibuga vy’indege, kugira ngo zishobore kumenya abantu bashobora kuba bafise uwo mugera.

Izo ntozo kandi zishobora gukoreshwa ku bigo vyo gupima, hampande y’ibipimo bisanzwe.

Claire Guest, arongoye iryo shiramahwe avuga ko yizigiye neza ko “izo ntozo zizoshobora gutora akamoto ka Covid-19”.

Imbwa nk’izo zarakoreshejwe muri kahise mu gutora abarwaye malaria zimotereje ivyambawe mu birenge – ico gihe zikaba zakoreshejwe mu kwimotereza amashesheti yambawe n’abana basa n’abari bakomeye muri Gambia.

Umwigisha James Logan wo kuri kaminuza London School of Hygiene and Tropical Medicine, avuga ati:

“Ubushakashatsi bw’imbere y’aha bwarerekanye ko malaria ifise akamoto yisangije, kandi twifashishije imbwa zikoreshwa mu buvuzi, twarashoboye kuzigisha ingene zishobora gutora neza umuntu arwaye malaria”.

“Iki rero, tugifatiye hamwe n’ibisanzwe bizwi ko indwara zifatira mw’ihemero zishobora gutuma umubiri w’umuntu uhindura akamoto, kiduha umwizero ko izi ntozo zoshobora gutora umuntu yanduye Covid-19”.

Abashakashatsi barashoboye kandi kwigisha imbwa gutora abantu barwaye kanseri hamwe na Parkinson.

Source link

Leave a comment