Coronavirus: Prezida Jair Bolsonaro wa Brazil yayanduye – Amakuru avugwa n’ahandi

Insiguro y’isanamu,

Jair Bolsonaro azwi ko yafashe minenerwe coronavirus mu gihe Brezili iza ubwa kabiri mu bihugu bifise abarwayi benshi

Muri Amerika y’Ubumanuko, Bolsonaro wa Brezili yanduye coronavirus

Inyishu z’ibipimo vyafashwe ejo ku wa mbere ku mukuru w’igihugu ca Brezili Jair Bolsonaro zerekana ko yamaze kwandura umugera wa coronavirus.

Ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri niho hari hitezwe inyishu z’ivyo bipimo inyuma y’aho yumvise ibimenyetso vy’iyo ndwara.

Bwana Bolsonaro azwi ko yafashe minenerwe uwo mugera mu gihe Brezili ari co gihugu kiza ubwa kabiri kw’isi mu bihugu bifise abawurwaye benshi.

Wewe yivugira ko kubona yarashoboye gusimba urupfu igihe aterwa ari mu myiyamamazo mu 2018, “adashobora guterwa ubwoba n’ako gacurane gato”.

Ejo ku wa mbere yahagaritse ingingo yategeka Abanyabrezili kwambara udupfukamunwa mu mabohero arimwo abapfungwa benshi.

Bitatu vya bine vy’abapimwa ‘nta bimenyetso basanganwa’ kandi baranduye

Mu Bwongereza, ibice bitatu vya bine vy’abantu – 78% – nta bimenyetso vya coronavirus berekana kandi bapimwe bagasanga baranduye, nk’uko vyerekanwa n’ibiharuro bitangwa n’ikigo kijejwe rusansuma.

Ivyo biharuro, vyabonetse inyuma y’aho bapimiye abantu mu kivunga babasanze mu mihana yabo muri ico gihugu.

Ingingo ya guma mu rugo yongeye kugarukanwa mu gisagara kigira kabiri ca Australia

Mu ndwi zibiri ziheze ibiharuro vy’abandura vyasubiye kwiyongera mu gisagara ca Melbourne, ivyatumye batekerwa n’ubwoba.

Mu kwikingira, abanyagihugu baciye batangura guhagarika ingendo mu zindi ntara, bavuga bati ni vyiza ko twobanza tukarindira kugira ngo turabe,

Imbere y’aho, abayagihugu ba Australia bari biteze ko bashobora kurandurana n’imizi ico kiza, inyuma y’aho bamariye ikiringo c’ukwezi kwose atawusohoka.

Ariko, ku ncuro ya mbere muri ico gihugu, biboneka ko iriko ikwirakwira mu kibano. Mu mpera z’indwi iheze, abanduye bararenze 100, uno munsi naho hafi abagera ku 200 nibo banduye.

Ku muhingamo w’uno munsi niho ingingo ya guma mu rugo yasubira gutangazwa, inyuma y’indwi nkeya basubiye mu mwidegemvyo.

Ubu ikiriho, ni uko abaja gusuma bariko bacanacanako. Babona ko iyi ngingo izobakorako cane, haba mu mubereho canke mu butunzi.

Ikibabaje gusumba ni uko ico gisagara ari co conyene gikozweko n’iyo ngingo kuko ibindi bice vy’igihugu bisa n’ivyanesheje coronavirus canke umurindi ukagabanuka bimwe biboneka.

Suwede yafashe ingingo zikomeye zibuza abantu kwegerana mu bunywero

Amategeko mashasha asaba ko abantu bari mu mazu y’ubunywero n’ayo uburiro batandukana n’imiburiburi imetero yatanguye gushirwa mu ngiro muri Suwede.

Insiguro y’isanamu,

Abari mu mazu y’ubunywero n’ayo uburiro bategerezwa gutandukana n’imiburiburi imetero imwe

Imbere y’aho, abarongoye igisata c’amagara y’abantu ntiberekana neza ingene abantu bakwiye gutandukana, n’aho abari bafise ibibanza baranguriramwo imirimo bahimirizwa kwigisha abantu gutandukana no kwirinda kuja mu kirwi.

Abategetsi ba Suwede baraneguwe kubera batari bashoboye gutanga neza impanuro z’ingene abantu bakwiye gutandukana. Kuva kuri uyu wa kabiri rero, abategetsi b’uburere bahawe itegeko ryo kwugara ayo mazu atazoba yakurijie ingingo yo gutandukana n’imiburiburi imetero imwe.

Mu minsi iheze, abagenduzi b’igisata kijejwe ibidukikije barazungurutse mu bisagara bikuru bikuru baraba ko abantu bakurikiza ingingo yo gutandukana. Barugaje vy’agateganyo amazu arangurirwamwo imirimo ashika 40 kubera ukurundana kw’abantu vyatera impungenge ko vyari gutuma banduzanya.

Afrika y’Epfo: abanduye coronavirus barenze 200.000

Abanduye umugera wa coronavirus muri Afrika y’Epfo uno munsi barenze 200.000.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu w’ico gihugu, Zweli Mkhize, avuga ko intara zine zishobora kubona ibitigiri birenze – akongerako y’uko zishobora gufatirwa ingingo za guma mu rugo.

Intara zibangamiwe cane ni Gauteng, Western Cape, Eastern Cape hamwe na KwaZulu-Natal.

Ku munsi ku munsi abantu baharurwa mu bihumbi nibo bandura mu gihugu.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu avuga ko ibintu vyari kwunyuka iyo ico gihugu kidafata ingingo za guma mu rugo.

Afrika y’Epfo iriko igenda itezura ingingo yafashe mu ntumbero yo kuzibira ikwirakwira rya coronavirus, zimwe muri zo zikaba zijanye no gusubira kwugurura amashure.

Ico gihugu kiri mu bindi biriko birageragereza ku bantu urucanco rwa Covid-19 rwakorewe kuri kaminuza ya Oxford.

Amamiliyoni y’abanyeshure bari mu bibazo vy’ukwinjira kaminuza bafise ubwoba

Hafi imiliyoni 11 z’abanyeshure b’abashinwa batanguye mu bwoba bwinshi ibibazo vy’iminsi ibiri muri ico gihugu bitanga uburenganzira bwo kuja kuri kaminuza, inyuma y’uko vyungurujwe mu kiringo c’ukwezi kubera coronavirus.

Insiguro y’isanamu,

Amashure muBu shinwa yari yugawe igihe uwo mugera wizizira ico gihugu mu ntango z’uno mwaka

Ivyo bibazo bifise kugora cane kubera amashure mu gihugu cose yari yugawe igihe uwo mugera wizizira ico gihugu mu ntango z’uno mwaka.

Ibinyamakuru vya leta bivuga ko zimwe mu ngingo zafashwe muri ico kiringo c’ibibazo ari ukwongereza ivyumba vyo gukoreramwo kugira ngo abanyeshure bashobore gutandukana bikwiye, gupima abigisha n’abahagarikizi, hamwe rero no gupima abanyeshure.

Ingingo ya Amerika ku banyeshure mvamahanga yababaje abantu

Abanyepolitike n’abigisha baranegura ingingo yo kwaka uburenganzia bwo kuba muri ico gihugu ku banyeshure b’abanyamahanga inyuma y’ingingo yo kwigishirizwa ku mbuga ngurukanabumenyi.

Igisata kijejwe uruja n’uruza muri Amerika (ICE) kivuga ko hari abantu bashobora gusubizwa iwabo kiretse bimukiye ku mashure yigishiriza mu masomero.

Hari amashure atari make muri ico gihugu ariko yihweza ingene mu mwaka w’ishure uza bokwigishiriza ku buhinga ngurukanabumenyi kubera coronavirus.

Ntibiboneka neza igitigiri c’abanyeshure bazokorwako n’iyo ngingo.

Ayo makuru atangajwe ku munsi nyene ishure kaminuza rya Havard ritangarijeko ko ivyigwa vyose bizokwigishirizwa ku buhinga ngurukanabumenyi mu mwaka uza, harimwo mbere no ku banyeshure bakeya basanzwe bemerewe kuba mu ndaro.

Umukenguzamateka Elizabeth Warren wo mu mugambwe w’aba Democrates ati: :”Kwirukana abanyeshure b’abanyamahanga muri kino gihe c’ikiza gihanze isi yose ni uguhohotera abanyeshure”.

“Nta shingiro bifise, ni ubukozi bw’ikibi kandi bwerekana urwanko ku banyamahanga”.

Eka na Samantha Power yahoze aserukira ico gihugu mw’ishirahamwe ONU ni uko nyene, aho avuga ko iyo ngingo atashingiro ifise kandi ko kwigishiriza ku buryo ngurukanabumenyi bitazokunda ku mashuire hafi yose.

Umunyamakuru Elizabeth Spiers, asanzwe yigisha kw’ishure kaminuza rya New York avuga ko iyo ngingo itazokwohoreza benshi bari basanzwe barihirwa n’amaleta yabo, kubera ubutandukanye bw’amasaha hagati ya Amerika n’ibihugu bakomokamwo.

Source link

Leave a comment