Coronavirus: Ubushinwa buhimiriza imiti kama mu kuvura ako karanda

Insiguro y’isanamu,

Covid-19 yatumye Ubushinwa bwongereza akariro mu guhimiriza ikoreshwa ry’imiti kama yabwo kw’isi

Mu gihe abahinga bari mu ntambara yo kurondera urucanco rwa Covid-19, Ubushinwa bubandanya bushira imbere imiti kama izwi kw’izina rya TCM nk’uburyo bwo kuvura iyo ndwara.

Urwandiko ruherutse gusohorwa na leta y’Ubushinwa ruvuga ko ibice 92% vy’abanduye Covid-19 muri ico gihugu bavuwe hakoreshejwe iyo miti.

TCM ni imiti imaze igihe kirekire cane ikaba igizwe n’ivyatsi bivangwa bikavugutwa hamwe n’iyindi yo kwirasaga yakunzwe gukoreshwa na Tai Chi.

Ni imiti izwi cane mu Bushinwa kuva imyaka n’imyaka, n’aho rimwe na rimwe vyashika hakaba impari zikomeye ku mbuga ngurukanabumenyi ku bijanye n’ikoreshwa ryayo.

Abahinga bavuga ko Ubushinwa buriko burondera gukwiragiza iyo miti haba mu gihugu hagati canke hanze, ariko abahinga muvyo amagara y’abantu bagumana impungenge ku bijanye n’ubushobozi bwayo bwo kuvura.

Amerika ntiyemera cane iyo miti

Mu mategeko ngenderwako ajanye no guhangana na coronavirus, umurwi w’igihugu ujejwe amagara y’abantu warashizemwo ikigabane cerekana ikoreshwa ry’iyo miti, mu gihe ibinyamakuru vya leta bimaze igihe vyerekana uruhara rwayo mu kuvura indwara z’ivyaduka muri kahise, nk’akarorero ikiza ca SARS mu 2003.

Insiguro y’isanamu,

Imiti kama TCM igizwe n’imiti yo kuvuguta hamwe n’iyindi yo kwirasaga

Hari imiti kama ishika ku ndwi yamamajwe cane nk’imiti ya Covid-19, ibiri muri yo yabaye rurangiranwa ikaba yitwa Lianhua Qingwen – umuvango w’ubwoko 13 bw’ivyatsi bizwi nka forsythia suspense na rhodiola rose – hamwe na Jinhua Qinggan – wakozwe mu gihe c’indwara y’icaduka H1N1 yo mu 2009, ukaba ugizwe n’ubwoko 12 bw’ivyatsi.

Abashigikiye ikoreshwa ry’iyo miti bavuga ko ata ngorane uyikoresheje agira, ariko abahinga bavuga ko hakenewe gukorwa ivyigwa vyo kugerageza iyo miti imbere y’uko yemerwa ko ari iyo ukuri.

Ikigo kijejwe amagara y’abantu muri Amerika kivuga ko ari vyo ko iyo miti ishobora gupfupfahaza mu kugabanya ububabare kanaka, ariko ko ibijanye n’uko iyo miti ivura coronavirus bitaremezwa.

Edzard Ernst, umushakashatsi w’umukukuruke mu bijanye n’imiti, yasubiwemwo amajambo n’ikinyamakuru Nature c’ubushakashatsi ati: “Kuri iyo miti kama, nta cemezo na kimwe co kuyizera gihari, rero uretse ko ikoreshwa ryayo ritemejwe, rifise ingaruka mbi cane”.

Hagati aho, urugero rw’ikoreshwa ry’iyo miti ruriko rwiyongera cane mu Bushinwa, kandi no kw’isi iriko iraronderwa.

Mu mwaka uheze, ibiro vy’umukuru w’igihugu mu Bushinwa vyavuze ko gushika mu mpera za 2020 imiti kama ishobora kuzoba yinjirije ico gihugu imiliyaridi 420 z’amadorari.

Perezida Xi avugwa ko “ashigikiye bikomeye” uwo mugirwa wo muri kahise avuga ko “ari itunga rya kahise k’Ubushinwa”.

Ariko, Yanzhong Huang, umushakashatsi mukuru muvyo amagara y’abantu mu gisata kijejwe imigenderanire, amenyesha ko “igisata c’imiti kama kiriko gihura n’ibibazo bijanye n’umutekano n’inguvu z’iyo miti, kandi ko Abashinwa hafi bose bipfuza imiti ya none gusumba imiti kama”.

Mu mwaka uheze, ibipimo vyakozwe kuri yo n’ikigo c’igihugu kijejwe kwihweza imfungurwa n’imiti casanze harimwo isumu.

Ubushinwa bushaka kwerekana inguvu zabwo

N’aho Ubushinwa bubandanya utwigoro two gukwiragiza iyo miti kw’isi, abantu benshi hanze y’ico gihugu ntayo bazi.

Abanegura ico gihugu bacagiriza ko kiriko gikoresha coronavirus nk’inzira yo gukwiragiza iyo miti mu mahanga – ikirego camye ciyamirizwa mu binyamakuru vya leta.

Hagati aho, Ubushinwa bubandanya bukwiragiza iyo miti hamwe n’abahinga bayo hampande y’imiti n’ibikoresho burungika muri Afrika, Aziya yo hagati hamwe n’i Bulaya.

Insiguro y’isanamu,

Imiti kama y’Ubushinwa iriko iraronderwa cane kuva mu myaka mike iheze muri Afrika

Yu Yanhong, icegera c’umukuru w’igisata kijejwe ikoreshwa ry’imiti kama y’u Bushinwa, mu kwa gatatu yavuze ati: “Turipfuza gusangiza ‘ubuhinga dufise’ mu kuvura Covid-19, kandi n’ibihugu vyinshi bikamenya, bigatahura kandi bigakoresha imiti kama y’Ubushinwa”.

Bwana Huang abona ko uguhimiriza ikoreshwa ry’imiti kama y’Ubushinwa hanze bitumwa n’ugushaka kugira inguvu mu makungu.

Avuga ati: “Imvugo y’uko imiti kama y’Ubushinwa ivura Covid-19 ifasha kandi kwerekana ko uburyo Ubushinwa bwakoresheje mu kurwanya Covid ari bwo bufise inguvu, mu gihe uburyo bukoreshwa n’ibihugu vyo mu burengero busa n’ubwananiwe no kuzibira uwo mugera”.

Mu mwaka uheze, imiti kama yarateye intambwe cane inyuma y’aho ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, riyemereye inyuma y’imyaka itari mike Ubushinwa busaba ko yokwemerwa – ingingo yiyamirijwe n’umuryango w’abavuzi kw’isi.

Mu nyuma, OMS yongeye kwishira mu bibazo bindi inyuma y’aho ikuriye ku rubuga rwayo amajambo yari mu congereza no mu gishinwa yagabisha kw’ikoreshwa ry’imiti kama mu kuvuga Covid-19.

Ikiriho ni uko kubona ata vyigwa vyakozwe kuri iyo miti kama bijanye n’ubushobozi bwo kuvura vyatumye idashobora kwakirwa cane. Mu kwa gatanu, abategetsi ba Suwede barapimye urya muti wa Lianhua Qingwen basanga hari vyinshi biburamwo.

Source link

Leave a comment