Covid-19: Amerika imaze gupfisha abasumba abapfiriye muri Vietnam, Iraki na Afghanistani

Insiguro y’isanamu,

Abajejwe amagara y’abantu bavuga ko ibiharuro bifise kuba bisumba ibitangazwa.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika nico gihugu kimaze kubura abantu benshi kw’isi kubera coronavirus, mu gihe abarenga imiliyoni 1.69 banduye, ibice 30% vy’abamaze kwandura.

Leta y’ico gihugu yatanguye gutangaza umuntu wa mbere yanduye uwo mugera ku wa 21 z’ukwa mbere mu ntara ya Washington.

Kw’isi yose, imiliyoni zirenga 5.6 nibo bamaze kwandura uwo mugera, nayo 354.983 bakaba bamaze kuhasiga ubuzima kuva uwo mugera wadutse mu gisagara ca Wuhan mu Bushinwa mu mpera z’umwaka uheze.

Ishure kaminuza John Hopkins, riri muri leta ya Maryland rikaba risanzwe rikurikirana ibijanye n’uwo mugera, ritangaza ko abamaze guhitanwa n’uwo mugera muri Amerika ari 100.276.

Ni ukuvuga ko Covid-19 imaze guhitana abantu basumba abasize ubuzima mu ntambara za Korea, Vietnam, Iraki na Afghanistani bafatiwe hamwe bose.

Ibitigiri vy’abahitanwa n’uwo mugera muri Amerika bibandanya vyiyongera, kandi abajejwe amagara y’abantu bavuga ko ibiharuro bifise kuba bisumba ibitangazwa.

None ibintu bimeze gute ubu?

Amatohoza yakozwe n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters avuga ko mu ndwi iheze intara 20 zatangaje ko ibiharuro vy’abandura vyiyongereye.

Caroline du Nord, Wisconsin na Arkansas ziri mu ntara zabonye umurindi munini w’abanduye.

Ibiharuro vy’abanduye biguma ku rugero runini cane mu bisagara, harimwo Chicago, Los Angeles na Washington DC.

Hagati aho, hari intara zimwe zimwe zari zigeramiwe cane ariko ubu abapfa bakaba bagenda bagabanuka, aho harimwo nk’intara ya New York, aho abashika 21.000 bamaze guhitanwa n’uwo mugera.

Ingene ubutegetsi bwagiye buvyifatamwo

Perezida Donald Trump ashimangira ko iyo ubutegetsi bwiwe budafata ingingo abapfa baba barenga incuro 25 abamaze gupfa, n’aho abamunegura bamwagiriza ko yananiwe no gufata ingingo mu mwanya wo nyawo.

Abakuru b’intara baragirizwa ko bananiwe no gufata nka nkama amakuru yagabisha ko uwo mugera ushobora kwiha inkumbi mu bigo vy’abakukuruke.

Mu ntango, uyo mukuru w’igihugu wo mu mugambwe w’aba Republika yafashe minenerwe ico kiza, aho yakigereranije n’ibicurane bisanzwe.

Mu kwa kabiri, yavuze ko bari bamaze kugitsinda kandi ko gushika mu kwa kane “cashobora kuba camaze kuranduranwa n’imizi”.

Uko iminsi yagenda niko yagenda ahindura imbono, aho ubwa mbere yavuga ko cashobora guhitana abantu bari hagati ya 50.000 na 60.000, mu nyuma aja kuri 60.000 na 70.000, akaba yabona ko abari gupfa batari gushika 100.000.

Mu nyuma rero akaba yahavuye ahindura imvugo, aho muri kuno kwezi yivugiye ko ari “umudari w’iteka” kubona Amerika ifise ibiharuro binini vy’abanduye gusumba ibindi bihugu kw’isi, akavuga ati ni “dufise ubushobozi bwo gupima bukomeye gusumba ibindi bihugu”.

Ubushakashatsi bwakozwe n’ishure kaminuza Columbia University ry’i New York bwerekana ko uwo mugera wari guhitana abatarenga 36.000 iyo Amerika ifata ingingo hakiri kare.

Joe Biden, umunyapolitike wo mu mugambwe w’aba Democrates aboneka ko ari we ashobora guhiganwa na Perezida Trump mu matora yo mu kwa cumi na rimwe aranegura ingene ubutegetsi bwa Trump bwavyifashemwo.

Avuga ko iyo hagafatwa ingingo zo guhagarika uwu mugera ko ibintu bitaba bimeze uko bimeze.

Gushika ubu, imiliyoni 39 z’abanyamerika baratakaje akazi kabo kubera ico kiza kubera ingingo za guma mu rugo, leta ikaba iriko isaba abarongoye intara ko boreka abantu bagasubira ku bikorwa.

Gushika ubu, nta rucanco rwa Covid-19 rurashobora kuboneka, kandi nta n’umuti uremezwa, n’aho hari myinshi iriko irageragezwa.

Source link

Leave a comment