Covid-19: Hydroxychloroquine ifise kuba isongera isibe hagukiza, ubushakashatsi

Uwufise ububasha kw’isanamu
Reuters

Image caption

Hydroxychloroquine ni iyo kuvuga indwara zinzwi nka malaria, lupus na Arthite

Umuti Perezida Donald Trump wa Amerika avuga ko ariko arafata mu kurwanya Covid-19 ushobora kuba ahubwo usongera isibe, nk’uko ivyigwa bivyerekana.

Ubushakashatsi bwakozwe buvuga ko ata karusho bizana mu kuvura coronavirus hakoreshejwe uwo muti uvura malaria witwa hydroxychloroquine.

Bwana Trump avuga ko yariko arafata uwo muti n’aho abajejwe amagara y’abantu bagabishije ko ushobora gutera ingorane z’umutima.

Uyo mu perezida abandanya ahimiriza ikoreshwa ry’uwo muti, mu gihe abajejwe amagara y’abantu bavyamirira kure.

Hydroxychloroquine ni nziza mu kuvura malaria, na zimwe nka za lupus na arthrite, ariko gushika ubu ntibiremezwa nimba Hydroxychloroquine ishobora kuvura coronavirus.

Ico cigwa cakozwe n’ikigo Lancet gikoresheje abarwayi 96000, muri bo hafi 15.000 bakaba bahawe Hydroxychloroquine – canke umuti wo mu bwoko bwa chloroquine.

Tugereranije n’abandi barwayi, ubwo bushakashatsi bwasanze ko abo bahawe Hydroxychloroquine bari bafise igihamana kibi co gupfira mu bitaro canke bakagira ibibazo vy’itera ry’umutima.

Turavye ingene abarwayi bagiye bapfa, ni uko ibice 18% vy’abahawe Hydroxychloroquine ari bo bapfuye, abahawe Chloroquine isanzwe bakaba bapfuye ku rugero rwa 16.4%, nayo abandi bobo batahawe iyo miti bapfuye ku rugero rwa 9%.

Abashakashatsi bakoze ico cigwa bagabisha ko Hydroxychloroquine itokoreshwa mu gihe atari mu magerageza y’imiti.

Bwana Trump wewe yivugira ko gushika ubu atarigera yandura Covid-19, kandi ko abandanya afata uwo muti kuko yizera ko “ufise akarusho”.

Hari ibikorwa vyo kugerageza uwo muti usanzwe uvura malaria nimba ushobora gukoreshwa mu kuvura Covid-19.

Abakozi bo mu gisata c’ubuvuzi barenga ibihumbi 40 ku migabane ya Bulaya, Afrika, Aziya, Amerika y’Epfo basanzwe bariko bavura abanduye Covid-19, bari mu bazohabwa uwo muti mu gikorwa co kuwugerageza.

Dr Marcos Espinal, arongoye ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu muri Amerika y’Epfo (Organisation panaméricaine de la santé) risanzwe rikorana n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS, ashimangira ko ata vyigwa na bimwe vy’ubuvuzi birigera vyemeza ko hydroxychloroquine yokoreshwa mu kuvura coronavirus.

Source link

Leave a comment