Dolly Parton: ‘Nivyo, ubuzima bw’abirabure ni kirumara”

Umunyamuziki rurangiranwa wo mu mudiho wa country music, Dolly Parton, nawe yifatanije n’abandi mu gushigikira isekeza Black Lives Matter (ubuzima bw’abirabure ni kirumara), mu gihe yariko ashikiriza aho ahagaze ku bijanye n’ubuzima bw’igihugu, ibidakunze kuba.

Yabwiye ikinyamakuru c’utugenegene Billboard ati: “Mbega burya wibaza ko aba bazungu bacu ari bo bonyene bafise akamaro? Oya”.

Uyu muririmvyi aasanzwe afise abakunzi mu mpande zose, asanzwe adakunda kugira ivyo avuga ku bijanye na politike.

Aya majambo yiwe aje mu gihe igihugu cose kiri mu bihe bidasanzwe mu bijanye n’umubaho hagati y’abadasangiye ubwoko vyagize ingaruka mu bice vyose vy’ubuzima muri Amerika, harimwo na country music.

N’aho umupfasoni Parton atashoboye kuja mu myiyerekano muri rya sekeza rya Blakc Lives Matter, avuga ko ashigikiye uburenganzira bw’abiyamiriza ivanguramoko rishingiye ku rukoba.

Yabwiye ico kinyamakuru ati: “Ndatahura neza ko ari uburenganzira bw’abantu guserura akari ku mutima no kwumvirizwa”.

Urupfu rwa wa mwirabure George Floyd hamwe n’imyiyerekano yaciye ikurikira vyaragize ingaruka mbi mu bisata bitandukanye, haba mu nkino canke no mu muziki, ivyatumye abanyamuziki bamwe baja muri iyo myiyerekano, abandi nabo biba ngombwa ko basubiramwo bakihweza ibijanye n’imigenderanire yabo n’abandi badasangiye urukoba.

Perezida Donald Trump wewe abona ukundi iyo myiyerekano, aho afata abari muri yo nk’abagumutsi, mbere yiyamiriza bikomeye abari bafashe ingingo yo gupfukama igihe ururirimbo rw’igihugu ruriko ruraririmbwa mu kwerekana akababaro kabo.

Umupfasoni Parton yashikirije ayo majambo mu gihe imyiyamamazo mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije yashushe, ingendo itandukanye n’iyo yari afise mu myaka ine iheze aho yirinda cane kunegura Bwana Trump igihe yahiganwa na Hillary Clinton.

Eka no mu 2017 yashimye kutagira ico avuze mu gihe we na bagenziwe Emmys, Lily Tomlin na Jane Fonda bari mu giteramo, aho aba bandi bobo bafashe akanya ko kwiyamiriza Perezida Trump.

Ubu bwa vuba naho ati: “None nimba wanka urunuka umukuru w’igihugu, kubera iki tutomusengera?”

Sibwo bwa mbere uyu muririmvyi w’imyaka 74 – aboneka nk’umwe mu bashigikiye abagore bagendera ku vyiyumviro bikaze vy’ukwigenga (feministes) akaba kandi anashigikiye abahuza ibitsina babisangiye – ashigikira abipfuza ko ibintu bihinduka.

Mu 2014, yarashigikiye abubakana badahuje ibitsina, umwaka umwe imbere y’uko itegeko ribirekura mu gihugu cose.

Hagati aho, ariyubara cane muvyo ashikiriza mu ntumbero yo kwirinda uko bishoboka kugira uwo ababaje, akenshi akama ahanura abantu “kwirinda gucira abandi imanza kugira ngo nabo ntibahave bacirwa izindi”.

Source link

Leave a comment