DR Congo: abanyororo 1300 batorotse ibohero inyuma y’igitero ca ADF

Insiguro y’isanamu,

Iri bohero ryari ripfungiwemwo inyeshamba zafatiwe muri ako karere, harimwo n’abarwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy’idini rya Isilamu

Abanyororo barenga 1300 batorotse ibohero riri mu gisagara ca Beni mu buseruko bwa Republika y’Intwaro Rusangi ya Congo inyuma y’igitero caraye gikozwe kuri iryo bohero nk’uko bivugwa n’abategetsi.

Umuyobozi w’ico gisagara yavuze ko inyeshamba za ADF ari zo zoba zakoze ico gitero kugira zisohore abanywanyi bayo.

Umukuru w’ico gisagara avuga ko abanyororo 100 nari bo gusa basigaye muri iryo bohero rya Kangbayi

Umuhari w’inyeshamba ADF watanguriye mu gihugu kibanyi ca Uganda ugwanya ivyavugwa kw’ari uguharigwa ivomo ku bantu bo mw’idini rya Islam.

Wahavuye wimukira mu Buseruko bwa Kongo inyuma kwirukanwa n’igisirikare ca Uganda ukuwe mu birindiro vyawo vyo mu misozi ya Rwenzori.

Umuhari ADF ariko nturamenyesha ko ari wo wakoze ico gitero .

Umukuru w’igisagara ca Beni Modeste Bakwanamaha yabariye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko abateye bari benshi kandi bashoboye kumena urugi rw’ibohero bakoresheje ibikoresho vy’umuyagankuba.

Iradiyo Okap yegukira ishirahamwe ONU ivuga ko mu banyororo 1455 bari muri ryo, 122 gusa aribo barisigayemwo.

Iyi radio nyene ivuga ko igipolisi cashoboye gufata 14 muri abo bari batorotse.

Ku rubuga rwaco, igipolisi kimenyesha ko muri ico gitero cabaye isaha 10 n’inusu z’ubucacagucagu, abanyoror 2 barashwe.

Mu 2017, abanyororo baharurwa mu majana baratorotse iryo bohero nyene , ririmwo abanyororo batandukanye bava mu mirwi yitwaje ibirwanisho, harimwo inyeshamba za ADF.

ADF ni umwe mu migwi igwanira mu Buseruko bwa Congo, akarere gatunze amabuye y’agaciro. Leta ya Congo hamwe n’ingabo za Onu zimaze igihe kinini ziyirwanya kugira ako karere karonke amahoro.

Uyo murwi ADF wagumye uragirizwa ubwicanyi n’ayandi mabi muri ako karere.

Wagirizwa ko umaze kwica abasivire 570 kuva igisirikare ca Congo gitanguye intambara yo kuwurwanya mu kwa cumi na rimwe umwaka uheze.

Source link

Leave a comment