DR Congo: Leta yarungitse gushaka amahoro muri Ituri abahoze barongoye inyeshamba

Insiguro y’isanamu,

Germain Katanga yaciriwe urubanza mu 2014 na CPI ku vyaha vy’ihonyangwa ry’agateka ka muntu yoherejwe gushaka amahoro muri Ituri

Leta ya Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo yarungitse abahoze barongoye imirwi yahoze irwana muri ico gihugu kugerageza kwumvisha imirwi iri mu mtambara mu burere baturukamwo guhagarika intambara.

Intumwa zigizwe n’abahoze bafise uruhara mu ntambara zo muri kahise, harimwo mbere babiri bigeze gucirwa urubanza na ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye,.

Aba barashitse mu ntara ya Ituri mu buseruko bushira uburaruko bwa Congo mu ntumbero yo kugerageza guhagarika intambara ziriko ziriha inkumbi muri ako karere.

Muri bo harimwo Germain Katanga yaciriwe urubanza n’iyo sentare mu 2014 yagirizwa ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu be n’ivyaha vyo mu ntambara igihe umurwi w’abarwanyi bo mu bwoko bw’aba Lendu yari arongoye watera ku mutumba umwe bakica abantu bagera ku 200.

Uwundi ni Mathieu Ngudjolo, yaciriwe urubanza n’iyo sentare nyene yagirijwe ivyaha nk’ivyo muri ico gitero nyene ariko mu nyuma akaza kurekurwa.

Muri iyo ntara ya Ituri, abantu bitwaje ibirwanisho baherutse kugandagura abantu 11 harimwo abasirikare n’abategetsi b’akarere mu mutego wagirijwe umurwi CODECO umaze igihe wagirizwa ubwicanyi butari buke.

Adel Alingi Mokuba arongoye akarere ka Djugu, yasubiwemwo amajambo avuga ati: “Abapfuye ni 11, harimwo icegera c’umukuru w’akarere ajejwe umutunzi n’ikigega, abapolisi batatu hamwe n’abasirikare bane”.

Ituri ni imwe mu ntara zitari nke ziziziwe n’imirwi nkorabara y’inyeshamba mu buseruko bwa Congo, igihugu kingana n’uburerengo bw’umugabane wa Bulaya.

Kuva mu kwa 12 kw’umwaka wa 2017, abantu barenga 1,000 bagizwe ahanini n’abasivire baramaze kwicwa mu ntara ya Ituri, muri bo 375 bakaba bishwe kuva mu kwa gatatu uno mwaka, nk’uko bitangazwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Iryo shirahamwe riramaze kugabisha ko ibitero biriko biraba “bishobora gufatwa nk’ivyaha y’agahomerabunwa bikorerwa kiremwamuntu hamwe n’ivyaha vyo mu ntambara”.

Source link

Leave a comment