Evariste Ndayishimiye – Amakungu arindiriye ubutumwa bwiwe mu migenderanire – Reytjens

Insiguro y’isanamu,

Filip Reyntjens

Amezi ya mbere ari imbere ni yo azokwerekana nimba ubutegetsi bwa Jenerali Majoro Evariste Ndayishimiye bwiteguriye kunagura imigenderanire y’u Burundi n’amakungu, ibi bivugwa na Filip Reytjens, umuhinga mu bijanye n’akarere k’ibiyaga binini.

Kubw’iwe, bizovana n’ingene azovyifatamwo “mu kwugurura imiryango muri politike isa n’iyugaye kuva mu 2015”.

Bwana Ndayishimiye yashikirijwe amabanga yo kurongora igihugu kuri uyu wa kane, ni inyuma y’aho sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro isabiye ko nyakwigendera Perezida Nkurunziza asubirizwa vuba bwango.

Mu kiganiro na BBC Gahuzamiryango, Profeseri Reytjens yibutsa ko imigenderanire y’u Burundi n’amakungu yagiye gutosekara mu 2015 igihe haduka indyane za politike bivuye ku ngingo ya Perezida Nkurunziza yo kwitoreza ikindi kiringo.

Avuga ko Perezida Ndayishimiye ashobora gukora ibishoboka vyose kugira ngo anagure iyo migenderanire kuko icatumye itosekara ata kizoba kigihari.

Ati: “Bizovana n’ingene azorondera kugarura icuka ciza mu gihugu cane cane mu bijanye n’agateka ka zina muntu, n’intwaro rusangi mu Burundi. Ico ni ikintu ategerezwa gukora mu mezi ya mbere y’ubutegetsi bwiwe”.

Bimwe mu vyatumye iyo migenderanire itosekara hariho y’uko leta ya Perezida Nkurunziza yagiriza ibihugu bimwe bimwe ko bishaka kwivanga mu biraba u Burundi “nk’igihugu cigenga”.

Bwana Reytjens abona ko muri rusangi ivyo amakungu asaba atari ibintu bigoye.

Insiguro y’isanamu,

Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe Angélique Ndayubaha mu birori vyo kumwimika

Kubw’iwe, mu gihe nk’akarorero yokworohereza abanyapolitike bari hanze, abamenyeshamakuru hamwe n’abagize amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bagataha kandi bagakora ivyabo mu mwidegemvyo n’impunzi zigatahuka, ivyo vyotuma imigenderanire n’amakungu isubira kubandanya uko yamye.

Avuga kandi ko kugira ngo ivyo abishikeko bizovana n’ingene nawe ubwiwe azoba ashoboye gukora mu mwidegemvyo, akaba afise amakenga ko hari ibihangange mu mugambwe CNDD-FDD uri ku bitegetsi bashobora kutamworohereza.

Ati: “Gushika ubu ntituramenya inguvu ziwe, nimba azoshobora kwigobotora bamwe bamwe muri CNDD-FDD, nk’uko bikunze kwumvikana ngo ‘abajenero’, tukaba tuzi ko na we nyene ari umujenerali, nico gituma mvuga ko amezi ari imbere ari kirumara”.

Ati: “Mu gihe CNDD-FDD canke abantu bafise ijunja muri uwo mugambwe borekera umwidegemvyo Perezida Ndayishimiye, uwo mwidegemvyo ni wo ushobora kwerekana neza kazoza k’u Burundi”.

Abona ko mu gihe Evariste Ndayishimiye yogira iryo shaka ryo kunagura iyo migenderanire, amakungu yose yiteguye gukorana nawe.

Imigenderanire n’u Rwanda

Kimwe mu vyibonekeje mu mubano w’u Burundi n’amakungu kuva mu 2015, ni icuka kibi kiri hagati yabwo n’igihugu kibanyi c’u Rwanda, aho kimwe kimwe cose cagiriza ikindi gufasha inkozi z’ikibi zishaka guhungabanya umutekano mu kindi.

Insiguro y’isanamu,

Evariste Ndayishimiye ahejeje kurahirira kuba Perezida w’u Burundi

Mu gihe abenshi bahanze amaso ingene bizogenda ku vyerekeye imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibanyi, Reytjens abona ko igikorwa ca mbere ari ukubanza kugarukana ukwizerana hagati yavyo.

Abona ko bikigoye mu gihe Perezida Paul Kagame ku gatwe kiwe ata n’ubutumwa yarungikiye Evariste Ndayishimiye bwo kumukeza igihe atorwa, kiretse itangazo risanzwe ryasohowe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’u Rwanda.

Naho mu nyuma leta y’ico gihugu yarungitse ubutumwa bwa Perezida Kagame bwo guhoza Uburundi n’Abarundi inyuma y’urupfu rwa Perezida Nkurunziza, Reytjens abona ko ivyo bidahagije.

Ati: “Ibintu bizogenda neza mu gihe haba ku ruhande rw’u Rwanda canke rw’u Burundi ata ruhande rwinuba urundi. Rero nibaza ko ari ukubanza kugarukana icuka ciza hagati y’ivyo bihugu”.

Source link

Leave a comment