Gutwaririza: Mbe ni kubera iki abagore bibungenze bifuza cane ivyo kurya bimwe bimwe?

  • By Veronique Greenwood
  • BBC Future

Insiguro y’isanamu,

Gutwaririza ivyo kurya si ibintu bishikira abagore bose mu bihugu vyose

Twese turamaze kwumva inkuru y’umugore iyo yibungenze usanga hari indya imwe gusa canke zibiri ashaka kuguma afungura, akavyura umugabo hagati mw’ijoro ngo azimuronderere.

Canke na twebwe ubwacu turamaze gushikirwa no gushaka cane ikintu kinaka co kurya.

Kenshi biravugwa ko gutwaririza indya iyi canke iriya ari uburyo bwo kwironsa ingaburo umugore n’umwana yibungenze bakeneye, kandi hari n’ikiganisha ku ciyumviro c’uko vyoba biterwa n’ingene umubiri uremye.

Ivyo ari vyo vyose, ni igice kigoye gutegera c’ikintu rimwe na rimwe kitoroha.

Kwirema kw’umuntu mu nda y’uwundi bisanzwe bitwara igihe, bikarusha, bikagora umubiri, kandi iyo hari impamvu yo gushaka cane kurya tacos (indya zo muri Mexique zikundwa cane), ntibikunda kwiyima.

Ariko, iyo wihweje ico ubushakashatsi mu bumenyi bubivugako, uhasanga inkuru itangaje kandi isa n’iyisiga ubwenge.

Gutwaririza umuceri

Gutwaririza nk’ikintu kiri aho ntibishikira bose mu mico itandukanye, nk’uko abashakashatsi babibonye.

Insiguro y’isanamu,

Umuceri ni igifungurwa abagore bensi batwaririza mu Buyapani

Kandi mu bihugu vy’imico y’abatavuga icongereza aho bivugwa ko abagore batwaririza, usanga ivyo batwaririza bitandukanye cane n’ivy’abagore bo muri Amerika canke mu Bwongereza, nk’akarorero.

Nko mu Bayapani, iyo bavuze ivyo gutwaririza, usanga umuceri ari co gifungurwa kivugwa cane.

Twegeye imbere, ivyigwa vyo kumenya nimba ivyo kurya bitwaririzwa cane hari ingaburo zihariye bitanga zifasha imbanyi, vyasanze ivyo vyo kurya ata ngaburo nk’izo bifise.

Igipimo ca shokola

Mu bisanzwe, abagore batwaririza usanga bagira umuvyibuho kurusha uko biba vyitezwe ku mbanyi y’umugore afise amagara meza, ivyo navyo bigashobora guteza ibibazo.

Ariko ntibisigura yuko abagore batwaririza ari ivyo bigira, gusa ni uko ukwo gutwaririza gushobora kuba guterwa n’ikindi kintu ataho gihuriye n’ibibera mu mubiri.

Kurabira hamwe muri rusangi igituma abantu bashaka cane ibifungurwa bimwe bishobora gutanga icerekezo, nk’uko bivugwa na Julia Hormes, umwigisha w’inyifato kuri kaminuza ya State University of New York, Albany, yize ibijanye no gushaka cane ivyo kurya mu buryo butandukanye.

Insiguro y’isanamu,

Icigwa cakozwe kuri shokola casanze gushaka cane ico kurya bidaterwa n’ugukenera ingaburo mu mubiri

Nk’akarorero, Hormes avuga ko hafi ya 50% vy’abagore muri Amerika bavuga ko bashaka cane shokola mu ndwi ibanziriza kuja mu butinyanka.

Abahinga barihweje niba ukwo gushaka cane shokola gufitaniye isano n’ingaburo ngirakamaro ziyirimwo, canke niba bijanye n’uko haba hari uguhindagurika kw’imisemburo mu mubiri.

Mu cigwa kimwe, umuhinga mu nyifato yasavye umugore kwugurura agasaho bahawe agafungura ibirimwo niyasubira kwumva ashaka cane ico arya.

Tumwe mu dusaho twarimwo shokola ikoranye amata (ifise ingaburo zose usanga muri shokola hamwe n’uburyo ishongera mu kanwa).

Utundi twarimwo shokola yera, itarimwo igiterwa ca cocoa kigumye gisanzwe giha shokola ikoranye amata ibara ryayo ry’umugina, ariko ikagira imfato nziza.

Hanyuma, udusaho dusigaye twarimwo ibinini vya cocoa, birimwo ibigize cocoa bigumye ariko bidateye nka shokola isanzwe iribwa.

Insiguro y’isanamu,

Abahinga bavuga ko gutwaririza ari ibintu biri mu mutwe kurusha ibiri mu mubiri ubwawo

Shokola yera niyo yashoboye cane guhaza abifuza kuyirya, bigasigura rero ko atari ingaburo ngirakamaro canke ibindi birungo vya cocoa igumye bitera ukwo kuyishaka cane.

Ibindi vyigwa vyibanze ku kwifuza cane shokola vyasanze ata sano ririho n’urugero rw’imisemburo mu mubiri.

Mu bisanzwe, abagore baciye imvyaro babandanya kuvuga ko bakigira ukwifuza kwa cane kwa shokola, nk’uko Hormes abisigura.

Ico ibi vyose vyerekana ni uko ukwo kwifuza kwa cane igifungurwa guterwa n’imico hamwe n’ibiri mu mutwe.

Kwifuza cane igisuguti c’amavuta menshi canke akamanyu ka shokola, amafiriti, bishobora kuza nk’iciyumviro gisanzwe, kigacikamwo buke buke ukwifuza kwa cane kugoye kwiyumanganya.

Iyo ivyo kurya bizananye n’ukwicuza

Muri ico gihe nyene, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hamwe n’ahandi hatandukanye, kwiyumvira ivyo kurya bikwega ijisho – amajambo akoreshwa n’abashakashatsi mu kuvuga ivyo kurya birimwo kuva kuri ice cream gushika ku makaroni atekanya foromaji – bizanana no kwicuza.

Hormes agira ati “haraba kwijijanya imitima.

“Biraryohera umubiri, ariko kandi nkaba mba ahari umuco umbwira ko ntategerezwa kurya iyi shokola.”

Yongerako ati “Ndayishaka cane, ariko sinarinkwiye kuyirya – twibaza ko urwo ari rwo ruhande rw’umuco rutuma haba ico gikorwa.”

Insiguro y’isanamu,

Iyo wishize mu mutwe yuko hari ico kurya utazokwiyemerera kurya – birakugora cane kwihangana iyo ugifise.

Ku buryo bwihariye, iyo wari umaze igihe wiyima – waramaze gushira mu mutwe ko utazosubira kwiha igifungurwa kinaka – birakugora cane kwihangana iyo ufise ico gifungurwa.

Rero nyuma yo kwihereza ikimanyu ca keke, aho kwumva unyuzwe ubuzima bukabandanya, uca urya ibindi bimanyu bitatu.

Vyongeye, abagore barashobora kwiyima ibifungurwa bimwe iyo bibungenze, nkumbure barondera amagara meza kubera impanuro za muganga ku bijanye n’indya nka sushi, inyama za deli hamwe n’ibindi bifungurwa.

Ibi vyose bituma, n’imiburiburi mu bice bimwe vyo kw’isi, gushaka ibifungurwa cane bishika kandi bikagorana kuvyirinda, bigashobora no gutuma haba kwongera ibiro kwa cane.

“Kwihanganira” uwibungenze?

Kwibungenga navyo birashobora gufatwa nk’igihe kwifuza cane ibifungurwa binaka bishobora kwihanganirwa.

Hormes agira ati “Uyu muco kandi uratuma tumenya ibihe hamwe n’inyendamuvano aho usanga vyihanganirwa ko abagore barya ibintu mu bisanzwe babwirizwa kwigira kure”.

“Guca imvyaro no kwibungenga ni ibihe ikibano gisa n’icemerera abagore kwirekura.”

Insiguro y’isanamu,

Iyo ushaka ikintu cane, bishobora kuba vyiza gufata ico agaciro kanini ariko ukiha bike

Hormes ahanura yuko mu gihe ushaka cane shokola, wari ukwiye gufata iyo ku rwego rwo hejuru, ukarya utumanyu nka tubiri ku munsi, ubuzima bukabandanya – ivyo birashobora gutuma ingaruka zavyo zivaho.

Uburyo bumwe ni ubwo gukoresha kwisamaza – hari ivyigwa vyakozwe hakoreshejwe ibisamaza vyo kuraba canke kwimotereza.

Kwita ku bibera mu mutwe no kubaza umutima nama

Ubundi buryo ni kwita ku bibera mu mutwe hamwe no kubaza umutima nama, ukemera ko ukwo kwifuza ugufise ukakureka kukakuvamwo.

Iyo ari ibijanye no gutwaririza, harashobora kuba hari ikindi kijanye n’umuco: kwibungenga biragora, kandi birashobora kunanirana iyo ata bufasha buhari.

Icigwa cibanze ku bagore bo mu caro muri Tanzaniya bavuze ko batwaririza inyama, ifi, intete, ivyamwa, imboga, casanze kubaronsa ivyo vyo kurya bashaka ari ikimenyetso co gushigikirwa n’umugabo hamwe n’umuryango.

Kandi koko, gusaba inkoko yokeje saa saba z’ijoro bisaba ukwitanga gukomeye ku wutumwe kuyirondera, rero bitanga icizere ko uwo muntu koko ahari kugira afashe.

Mu gihe amababa y’inkoho asanzwe aryoha ubwayo, kuba hari umuntu ukunda ayakuzaniye biyongera agaciro karengeye ingaburo afise.

Source link

Leave a comment