‘Ico nabona wari umuriro gusa’, uwarokotse impanuka y’indege ya Pakistani

Uwufise ububasha kw’isanamu
EPA

Abantu 97 nibo baguye muri rya sanganya ry’ejo mu gihugu ca Pakistani, babiri bakaba ari bo barokotse.

Muhammad Zubair ni umwe muri abo barokotse, akavuga ati: “Ikintu co nyene nabona wari umuriro”.

Indege A320 yo mu bwoko bwa Airbus y’ikompanyi Pakistan International Airlines (PIA) yava mu gisagara ca Lahore ejo ku wa gatanu, yarakorotse mu gihe yariko igerageza kwururuka ku kibuga c’indege ca Karachi, ikorokera ku mazu y’abantu.

Iryo sanganya zibaye kandi haciye iminsi mike Pakistani yemereye indege zunguruza abantu gusubira gukorera muri ico gihugu inyuma y’aho gitezuriye ingingo za gumamurugo kubera coronavirus.

Bwana Zubair, yakomeretse bukebuke, avuga ko iyo ndege yagerageje kwururuka ubwa mbere, mu nyuma haciye nk’iminota hagati ya 10 na 15 ica irakoroka.

Ati: “Nta muntu n’umwe yamenye ko iyo ndege yari hafi gukoroka, kuko abadereva bariko bayitwara bukebuke”.

Yabanje guta ubwenge kubera iryo sanganya. Amaze kugarura akenge, yavuze ati: “Naguma numva induru ku mpande zose. Abana n’abakuze. Nabona umuriro gusa. Nta bantu nabona – numva bavuza induru gusa”.

“Niho niyambura umusipi, ndavye hirya gato mbona umuco – nca ndawukurikira. Nagomba nkubwire ko nasimvye imetero hafi zitatu kugira ndabe ko norokoka”.

Ni igiki cateye iryo sanganya

Iyo ndege yari hafi cane y’aho yategerezwa kwururukira igihe ikorokera ku mazu mu karere ka Model Colony gasanzwe gatuwemwo abantu.

Umwe mu babonye ivyabaye, Mohammed Uzair Khan, yabwiye BBC ko yumvise ikintu gituritse aca yiruka hanze kuraba ivy’ari vyo.

Uwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Iyo ndege yakorokeye ku nzu z’abantu

“Hafi inzu zine zose zaratokombeye, hari umucanwa mwinshi cane n’ivyotsi. Nka bose bari ababanyi banje, sinumva ingene nobivuga”.

Ntibiramenyekana icateye iryo sanganya, ariko umudereva wayo yaratabaje amenyesha ko indege ifise ikibazo c’ubuhinga inyuma y’aho ageragereje kwururuka ubwa mbere bikanka.

Ibinyamakuru vya Pakistani vyasohoye ijwi rivugwa ko ari ivyo umudereva w’iyo ndege yavuganye n’abajejwe gukontorora indege.

Uyo mudereva yumvikana avuga ko ” imoteri zapfuye”, maze umwe mu bajejwe ikirere aca amubaza nimba ashobora kwuyururutsa ata mapine, ariho umudereva yaca yishura ati ” dutabare, dutabare, dutabare!”

Abakora amahotoza bariko bagerageza kurondera ca cuma kibika amakuru y’ingendo z’indege bita “boite noire” kugira ngo kibafashe kumenya icateye iryo sanganya.

Amakuru atangwa n’abategetsi bo muri ako karere, avuga ko abantu 97 ari bo bamaze kumenyekana ko bahasize ubuzima.

Hagati aho, muri abo nta wuzi igitigiri c’ingenzi canke c’abasanzwe baba aho bapfiriye muri iryo sanganya.

Abantu 19 bo nyene nibo bamaze kumenyekana.

Source link

Leave a comment