Impunzi z’Abarundi zivuga iki ku mushikiranganji wa Tanzania yazisavye gutaha?

Insiguro y’isanamu,

Ku wa kabiri 18/08/2020, abashika 376 nibo batashe mu gihugu baciye muri komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi mu buseruko bw’igihugu bavuye mu makambi ya Nyarugusu, Nduta na Mtendeli mu ntara ya Kigoma

Inyuma y’urugendo rw’umushikiranganji w’intwaro yo hagati muri Tanzania yagize mu makambi y’impunzi z’Abarundi mu ntara ya Kigoma, bamwe mu mpunzi bafise ubwoba ko impera n’imperuka bazohava batahukanwa ku nguvu.

Umushikiranganji George Simbachawene yabwiye impunzi ko zokwiyandikisha zigahunguka “kuko u Burundi ari nyabagendwa, amahoro ari yose”.

Umwe mu baserukira impunzi mw’imwe muri izo nkambi ariko atashatse ko izina ryiwe rimenyekana, avuga ko atari we yari akwiye kubabonera ko hari amahoro, ko ari bo bonyene ubwabo bakwiye kuvyibonera.

Ati: “Kutubwira y’uko iwacu ari amahoro natwe ari twebwe tuzi ico twahunze, si ivy’iwe kuko ni twebwe dukwiye kubona ko hari amahoro, ivyo rero vyaradutangaje”.

Aya makambi arimwo impunzi zahunze ubwicanyi bwa 1972.

Avugana na BBC, uyo ari mu baserukira izindi mpunzi abona ko ubutumwa bashikirijwe na leta ya Tanzania ari ubwo bumvikanye na Leta y’u Burundi ariko atariko izo mpunzi zozo zibona ibintu.

Afise ubwoba ko impera n’imperuka leta ya Tanzania ishobora gukoresha inguvu kugira ngo bave muri ico gihugu. Leta ya Tanzania yoyo ivuga ko gushika ubu bahimiriza impunzi gutahuka ku bushake bwazo.

Hagati aho, uyo aserukira abandi aremeza ko “abantu bariko baratahuka kandi ko n’abandi babandanya biyandikisha,” ariko y’uko ari ya mvugo ngo ‘ntahatagira imva’.

Ati: “Turavye ukuntu dufashwe n’ukuntu turi, abantu babona ko aho ari ho hose umuntu ashobora gutakaza ubuzima, bakabona ko hako bomererwa nabi mu buhungiro, bopfuma bahitamwo kugenda, na kare ntarusi rudahamba”.

Ariko avuga ko we ubwiwe atiteguye guhunguka, ko ico yahunze ari co kigihari, kandi ko icuka kiri mu gihugu kitamuhumuriza.

Avuga ko hari abari bahungutse ariko bakaruhira gusubira guhunga, ubu bari kumwe mu nkambi.

Asaba leta ya Tanzania n’ishirahamwe ONU ko boba barabagumiza aho bari canke n’aho bakabaronderera ahandi hantu baba barabashira “nimba Tanzania yoba irushe”.

Ati: “Ariko nimba itarushe naho ibandanye yubahiriza amategeko atugenga”.

Mugenziwe wo mw’ikambi ya Nyarugusu avuga ko koko mu nkambi zose hari abafashe ingingo yo guhita bataha inyuma yo kugenderwa n’umushikiranganji Simbachawene, ariko ko bakiri bake ugereranije n’abatuye muri izo nkambi.

Mu gihe abarenga 250.000 bazwi ko bahungiye muri ico gihugu, gushika kuwa 30 z’ukwa gatandatu, abashika 87.194 nibo bari bamaze guhunguka, nk’uko vyemezwa n’ishirahamwe ryitaho impunzi HCR mu Burundi. Ariko ibitigiri bigenda vyiyongera cane kuko hari ababandanya bahunguka.

Source link

Leave a comment