Inyuma ya UAE, Bahrain nayo yagiriraniye amasezerano na Israel

Insiguro y’isanamu,

uumshikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu (i bubamfu) hamwe n’umwami wa Bahrain King Hamad bin Isa bin Salman al-Khalifa

Inyuma y’iminsi mike Isirayeli igiranye amasezerano yo kwunga imingenderanire na Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu, igihugu ca Bahrain naco cashitse ku masezerano nk’ayo, nk’uko bimenyeshwa na Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika zisanzwe ziriko zirafasha muri ico gikorwa.

Haraciye imyaka mirongo ibihugu vy’Abarabu vyanka Israyeli urunuka, bikavuga ko imigenderanire ishoboka gusa mu gihe ikibazo ca Palestina coba catorewe umuti.

Hagati aho, mu kwezi guheze, Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE) na Isirayeli zateye umukono ku masezerano yo kwunga imigenderanire.

Kuva ico gihe, hari amakuru yavuga ko n’iki gihugu ca Bharain naco gishobora gukurikira iyi nzira giciriwe na UAE.

Mu kwezi kwa mbere uno mwaka, Perezida Trump yarashikirije integuro y’amahoro mu karere k’Uburasirazuba bwo hagati mu ntumbero yo gutorera umuti indyane hagati ya Isirayeli na Palestina, akaba ari nawe yafashije kugira ngo ibibihugu bibiri bishike kuri aya masezerano.

Bahrain kigize igihugu ca kane muri ako karere cemeye igihugu ca Isirayeli kuva gishinzwe mu 1948, inyuma ya Emira Zunze ubumwe z’Abarabu, Misiri na Yorodaniya.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu avuga ko ari umunezero kuri we kubona igihugu ciwe gishitse ku yandi masezerano y’amahoro n’ikindi gihugu c’Abarabu.

Ati: “Iki ni igihe gishasha c’amahoro. Amahoro nyayo. Tumaze imyaka myinshi turondera amahoro, ubu rero amahoro agiye kudushwaramwo”.

Ku ruhande rwiwe, Perezida Trump yanditse ku rubuga rwa Twitter avuga ati: “Iyi ni iyindi ntambwe ikomeye uno munsi. Incuti zacu zibiri zikomeye Isirayeli na Bahrein bemeye amasezerano y’amahoro”.

Mw’itangazo ryasohowe na Bwana Netanyahu hamwe n’umwami wa Bahrain Hamad bin Isa bin Salman al-Khalifa, aba bategetsi bavuga bati:

“Iyi ni intambwe ikomeye mu gutsimbataza amahoro mu Burasirazuba bwo hagati azotuma umutekano n’iterambere mu karere bitsimbatara”.

Inyuma y’amasezerano hagati ya Isirayeli na UAE mu kwei guheze, indege ya mbere ya Isirayeli yashoboye kujana ingenzi muri ico gihugu, ikimenyetso gikomeye ko imigenderanire hagati yavyo igiye kubera neza.

Mu ndwi iheze, Bahrain yavuze ko igiye kwemerera uruja n’uruza rw’indege hagati y’ibi bihugu bibiri, Isirayeli na UAE, gukoresha ikirere caco.

Ingene aya masezerano yakiriwe mu karere

Igihugu ca Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu kirashima iyi ntambwe, kikavuga ko izotuma amahoro aboneka muri ako karere.

Hagati aho, Abanyepalestina bobo riraniga. Umushikiranganji w’imigenderanire wa Palestina yaciye atumako uwuserukira iki gihugu muri Bahrain kugira bavugane.

Itangazo ryasohowe n’iki gihugu rivuga ko “aya masezerano ari akaga ku rugamba rw’Abarabu muri rusangi, n’Abanyepalestina barwanira uburenganzira bwabo”.

Kuva kera, Abanyepalestina bamye bagendera ku bumwe buranga ibihugu vy’Abarabu mu gusaba ko Isirayeli iva mu turere twabo yigaruriye hamwe no gusaba ko igihugu ca Palestina cemerwa.

Umuhari wa ki isilamu Hamas usanzwe ufise mu minwe akarere ka Gaza, uvuga ko aya masezerano “afise ingaruka mbi cane ku rugamba rw’Abanyepalestina”.

Nayo ikinyamakuru Reuters gisubiramwo amajambo ya Hossein Amir-Abdollahian, umuhanuzi adasanzwe w’umukuru w’inama nshingamateka ya Irani mi buraba imigenderanire, aho avuga ko Bahrain ihemukiye Abanyepalestina.

Source link

Leave a comment