Jacob Blake yari amaze iminsi ari ku mapingu aho arwariye mu bitaro

Insiguro y’isanamu,

Iraswa rya Jacob Blake ryatumye haduka imyiyerekano mu bisagara vya Amerika

Wa mwirabure Jacob Blake yaraswa mu mugongo n’abapolisi mu ntara ya Wisconsin muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yari amaze igihe ari ku mapingu aho yari arwariye mu bitaro, bikavugwa ko boba bahavuye bazimukura.

Igipolisi mu karere ka Kenosha iryo bara ryabereyemwo kivuga ko Blake hari imitahe yamurondera kubera ibindi vyaha yakoze, ko rero kwambikwa amapingu vyari ngombwa.

Uwumuburanira yabwiye ibinyamakuru vya Amerika ko iyo mitahe yahagaritswe, kandi ko abajejwe umutekano bari bacunze Bwana Blake bahavuye.

Amasasu indwi yose Blake yarashwe n’umupolisi yaramumugaje, kandi bisa n’uko atazosubira gutambuka ni yaramuka akize.

Iraswa rya Bwana Blake muri ico gisagara ca Kenosha ryatumye haduka imyiyerekano muri ako karere no mu bindi bisagara vya Amerika.

Hagati aho, amajoro abiri aheze yari atekanye.

Ejo ku wa gatanu, umukuru w’igisagara ca Kenosha John Antaramian yavuze ko ingingo yo guhagarika uruja n’uruza mw’ijoro itegerezwa kubandanya muri ino minsi y’impera z’indwi.

Hari ngabo z’igihugu zirenga 1000 zimaze gushika mu gisagara ca Kenosha, mu gihe hari n’izindi ziri mu nzira zijayo, nk’uko bivugwa n’abategetsi.

Umuryango wiwe uvuga iki?

Se wa Bwana Blake, nawe nyene yitwa Jacob Blake, yavuganye n’abanyamakuru avuye kuraba umuhungu wiwe mu bitaro aho arwariye.

Insiguro y’isanamu,

Se wa Jacob Blake yavuganye n’abanyamakuru avuye kuraba umuhungu wiwe mu bitaro aho arwariye.

Yavuze ati: “Ndababaye cane kubona ari ku mapingu aho arwariye ku gitanda mu bitaro. Ntaho ashobora kuja, kubera iki ashirwa ku mapingu?”

Ejo ku wa gatanu, uwuburanira Bwana Blake, Patrick Cafferty, yabwiye ibinyamakuru vya Amerika ko Bwana Blake yakuweko ayo mapingu kandi ko n’imitahe yamurondera yakuweho”.

Mu gatondo k’ejo ku wa gatanu, abajijwe nimba Blake yari apfungiwe mu bitaro, umukuru w’igipolisi i Kenosha Daniel Miskinis yabwiye abanyamakuru ko yari acunzwe n’abajejwe umutekano bo hanze y’ico gisagara.

Nta zindi nsiguro yatanze ku vyaha Blake yoba yagirizwa.

Liyetena Eric Klinkhammer, akora mu gisata kijejwe umutekano mu gisagara ca Kenosha, yabwiye BBC ati: “Bwana Blake arapfunzwe kubera ivyaha yakoze imbere y’aho”.

Amategeko acuga ko abantu bose basanzwe bapfungiwe hanze n’amabohero bategerezwa gucungwa bikomeye”.

Ababuranira Blake bavuga ko coba ari “igitangaro” mu bige yosubira gutambuka.

Ku ruhande rwiwe, buramatari wa Wisconsin, Tony Evers, abajijwe n’abanyamakuru nimba yari ahagaritswe umutima na Bwana Blake kwambikwa amapingi, yishuye ati: “Yooo, cane rwose”.

“Sinshobora gutahura ivyo bintu kuko muvyo ukuri yaronse igihano kirenze urugero, kuraswa incuro indwi canke umunani mu mugongo”.

Ivyatumye Blake araswa biracari mu matohoza.

Source link

Leave a comment