John Lewis, Umwe mu barwanira agateka k’abirabure muri Amerika yapfuye

Insiguro y’isanamu,

Mu kwa 12 umwaka uheze wa 2019, John Lewis yamenyesheje ko yari arwaye kanseri yo mu rwagasha yari igeze ku gice ca kane

Umwirabure John Lewis, umwe mu barwaniye agateka k’abirabure muri Amerika, akaba yarabaye n’umushingamateka yasandavye afise imyaka 80.

Lewis yari umwe mu bantu batandatu bakomeye baharaniye agateka, muri bo hakaba harimwo Martin Luther King Jr, akaba yari mu bateguye imyiyerekano rurangiranwa yabaye mu 1963 i Washington.

Yabaye umushingamateka mu mugambwe w’abaharanira Demokarasi (Democrates), akaba yaserukira akarere ko ku mugwa mukuru w’iyo ntara, Atlanta.

Mu kwa 12 umwaka uheze wa 2019, Lewis yamenyesheje ko yagiye kwipimisha bakamutora kanseri yo mu rwagasha yari igeze ku gice ca kane, ni ukuvuga ko yari yakwiragiye mu bindi bihimba vy’umubiri nko mu gitigu canke mu mahaha.

Ico gihe yamenyesheje ati: “Ubuzima bwanje hafi bwose, nabumaze ngwanya akarenganyo, ngwanira uburenganzira, n’agateka ka zina muntu. Sinari bwigere ngwana intambara nk’iyi”.

Mu gihe c’imyiyerekano yo kurwanira agateka k’abirabure muri Amerika, Lewis ni umwe mu batanguje umuhari w’abanyeshure bazira imigumuko (SNCC), mu nyuma arawurongora kuva 1963 gushika 1966.

Ni umwe mu bateguye banashikiriza ijambo mu gihe c’imyiyerekano ya Washington, imyiyerekano Martin Luther King yashikirijemwo ijambo ryabaye rurangiranwa gushika ubu ryibukwa cane, ryiswe ‘I Have a Dream (Mfise indoto)’.

Insiguro y’isanamu,

John Lewis ariko ashikiriza ijambo mu myiyerekano rurangiranwa i Washington mu 1963

Lewis niwe yari asigaye mu bashikirije ijambo ico gihe.

Umukuru w’inama nshingamateka, umu Democrate Nancy Pelosi, yemeje urupfu rwa Lewis mw’itangazo yacishije ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe no ku mbuga hwaniro.

Yanditse ko Lewis “yari intwari mu kurwanira agateka ka zina muntu, ubwiza bwiwe n’ubutwari bikaba vyarahinduye igihugu cacu”, kandi ko nk’umushingamateka “yubahwa kandi agakundwa n’impande zompi mu nama nshingamateka”.

Ati: “Iminsi yose, ubuzima bwa Lewis bwaranzwe n’ukurwanira uburenganzira n’ubutungane kuri bose. Nk’uko yabivuze mu myaka 57 iheze mu myiyerekano i Washington ahagaze ku cibutso ca Lincoln: ‘ Imitima n’ubwenge bwacu ntibishobora kuruhuka gushika ubwigenge n’ubutungane bisasagaye kuri bose”.

“”Ese ingene bihimbaye kubona no mu ndwi za nyuma z’urugamba rwiwe na kanseri, John yarinanase akaja gutera intege imyiyerekano y’amahoro aho urunganwe rushasha rw’Abanyamerika rwari rwihaye amabarabara kugira ngo rubandanye ibikorwa bitari bwarangire vyo kurwanira ubutungane!”

Amakuru y’urupfu rwiwe amaze kumenyekana, ishirahamwe rirwanira agateka ka muntu, NAACP ryanditse ubutumwa kuri Twitter rivuga ko “ribabaye cane”.

Riti: “Urugamba rwiwe rwo kurwanira ubutungane, uburinganire kuri bose hamwe ubwigenge rusize iteka rikomeye ku gihugu cacu n’isi yose”.

Eka na Elizabeth Warren, umwe mu bigeze kurondera kwiyamamariza kuba umukuru w’igihugu, yanditse ubutumwa ku rubuga rwa Twitter avuga ati Lewis “yari intwari nyayo ya Amerika n’icirore c’igihugu cacu”.

Source link

Leave a comment