Kardinali Burke anegura Papa Francis ku vyo aherutse gushikiriza ku bubakana basangiye ibitsina

Insiguro y’isanamu,

Papa Francis

Umwe mu bategetsi bakomeye ba Ekleziya Gatolika aranegura amajambo Papa Francis aherutse gushikiriza ku vyerekeye abakundanye basangiye igitsina, akavuga ko ari ivyiyumviro vyiwe bwite bidashobora gukurikizwa n’Abagatolika.

Kardinali Raymond Burke abonwa na benshi ko atava kw’izima ku mico ya Ekleziya Gatolika yavuze ibi mw’ijambo yashikirije haciye umunsi umwe Papa yerekanywe ariko ashigikira ko abubakanye basangiye ibitsina bokwemerwa n’amategeko.

Yari amajambo atari bwaje ku mugaragaro. Ku wa gatatu w’ino ndwi, niho Papa Francis yumvikanye ashikiriza ayo majambo.

Bivanye n’aho umuntu ahagaze muri Ekleziya, Kardinali Burke ni ihwa kuri Papa, canke naho umwe muri bake bazovugisha ukuri ku butegetsi.

Kurwanya Papa ku bijanye no gushigikira ko abubakanye basangiye igitsina bemerwa imbere y’amategeko ni ibintu bidatangaje, ariko amajambo yabivuzemwo niyo kumbure yotangaza.

Mu gihe Raymond Burke avuga ko amajambo ya Papa Francis ari “iciyumviro ciwe bwite”, yongera ko y’uko abagatolika badategetswe kwumvira uyu mukuru wa Ekleziya kuri iki kibazo, ariko ko abayobozi ba Ekleziya basanzwe bafise igikorwa co gukora ico yise ‘gutanga umuco ukenewe’.

Arongera agashimangira y’uko ibikorwa vy’abahuje ibitsina babisangiye ‘biteye kubiri n’imico’ ishingiye ku kwemera kwa Gatolika, akavuga ko amajambo yavuzwe na Papa adahuye n’inyigisho za Ekleziya kandi ko ziteye umubabaro.

Mw’ireresi ivuga ku buzima n’ibikorwa vyiwe, Papa Francis yumvikanye ashigikira ko abubakanye basangiye igitsina bakwiye kwemerwa imbere y’amategeko.

Ati: “Ni abana b’Imana kandi bafise uburenganzira bwo kugira umuryango. Nta n’umwe akwiye gutabwa canke ngo agirirwe nabi kubera ico.

“Ico tugomba gushiraho ni itegeko ribaha uburenganzira bwo kubana. Gutyo bakaba bakingiwe n’amategeko”.

Mu nyigisho za Gatolika, imibonano mpuzabitsina hagati y’abasangiye igitsina ifatwa ‘nk’ukugoka’.

Aya majambo yavuzwe na Papa yateye impari, aho hari bamwe bashigikiye ivyo yavuze, abandi nabo babirwanya cane.

Gusa impungenge zibandanya zibonekeza ni ingaruka aya majambo ashobora kugira ufatiye aho Ekleziya Gatolika ihagaze kuri iki kibazo.

Massimo Faggioli, umuhinga mu vyigwa bijanye n’ivy’Imana akaba n’umwanditsi w’igitabo Pope Francis: Tradition, yabwiye BBC ati: “Nta gushidikanya ko ivyo Francis yavuze ari ikintu gishasha muri Ekleziya. Hagati aho, ni ikibazo yagiye agarukako cane kuva muri ino myaka mike iheze”.

Source link

Leave a comment