Kenya: Abagabo babiri bagiriwe n’icaha co gukora igitero ku kigo c’ubucuruzi Westgate

Insiguro y’isanamu,

Hussein Hassan Mustafa (i bubamfu) na Mohammed Ahmed Abdi (i buryo) nibo bagiriwe n’icaha nayo Liban Abdullahi (hagati) yejejwe

Sentare yo muri Kenya yakubise intahe mu gahanga abagabo babiri ku caha co gufasha abarwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy’idini rya Isilamu bateye ikigo c’ubucuruzi mu 2013.

Abantu bashika 67 nibo baguye muri ico gitero cakozwe n’umurwi Al-Shabab ku kigo c’ubucuruzi Westgate kiri ku mugwa mukuru wa Kenya, Nairobi.

Leta yatangaje ko abarwanyi bane bakoze ico gitero basanze bapfiriye mu bihomoka vy’iki kigo.

Aba barwanyi bamaze iminsi ine yose bafashe ico kigo, mu gitero kiri mu bitero bikomeye bimaze guhitana abantu benshi muri Kenya.

Uwa gatatu yejejwe n’ubutungane mu vyo yagirizwa vyose bijanye n’ico gitero.

Uru rubanza nirwo rwonyene rumaze kuba ku vyerekeye ico gitero c’iterabwoba ca Westgate.

Ivyabona birenga 140 nibo bumvirijwe muri uru rubanza. Abitwariwe babandanije bahakana ivyo bagirizwa.

Umucamanza yari arongoye uru rubanza avuga ko aba bahamwe n’iki caha – bose bakaba ari Abakenya – bazosomerwa ku wa 22 z’uku kw’icumi.

Umunyamakuru wa BBC i Nairobi avuga ko uru rubanza ruzokwakirwa n’akanyamuneza muri iki gihugu kirikanuye cikeka ko hashobora kuba ibindi bitero vya Al-Shabab.

Uyu murwi ufitaniye isano na al-Qaeda ufise icicaro cawo mu gihugu kibanyi ca Somalia ukaba ubandanya ukora ibitero no muri Kenya.

Kenya isanzwe yararungitse ingabo muri Somalia gufasha kurwanya uyu murwi.

None aba bagiriwe n’icaha ni ba nde?

Mohammed Ahmed Abdi na Hussein Hassan Mustafa bagiriwe n’icaha co gutegura no gukora igitero c’iterabwoba, hamwe no gufasha umurwi w’iterabwoba.

Uwa gatatu, Liban Abdullahi, wewe yejejwe. Iyi mpunzi ya Somalia yejejwe kandi n’icaha co kuba muri Kenya mu buryo butemewe n’amategeko no gukoresha impapuro za magendo.

Westgate habaye iki?

Hari ku mutaga wo ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 21 z’ukw’icenda 2013, aho abantu bitwaje inkoho bitera muri iki kigo baca batangura kurasa abari muri co, bakaba bakimazemwo iminsi ine yose.

Kuri uwo munsi, umwe mu barokotse ico gitero, Surajit Borkakyoty, yabwiye BBC ati: “Abantu bari batekewe n’ubwoba, abana barira”.

“Twagumye tugerageza guhumuriza abantu tubasaba kudakoresha amaterefone yabo, canke naho bakayakuramwo amajwi. Igihe cose twama twumva urwamo rw’amasasu. Twari nko mu gihe c’intambara”.

Imboneshakure zabandanya zerekana iki kigo kiriko kiravamwo umwotsi, imodoka za gisirikare n’iz’igipolisi zigikikuje, abantu batekewe n’ubwoba bariko barahunga bava muri iki kigo.

Igitero kirangiye, haharuwe n’imiburiburi abantu 67 bishwe – abasivire 62, abajejwe umutekano batanu hamwe n’abo barwanyi bane.

Al-Shabab niyo yatangaje ko yakoze ico gitero mu kwihora Kenya mu bikorwa vyayo vya gisirikare muri Somalia.

Mu ntango abategetsi bari bavuze ko abateye bagera kw’icumi, ariko mu nyuma baje kumenyesha ko bari bane.

Batangaje ko bose bishwe, ariko ivyavuye mu matohoza yakozwe ku bisigarira vyabo ntivyigeze bishirwa ahabona.

Hari icigwa cavuye muri ico gitero?

Ubushamirane hagati y’abapolisi n’abasirikare nibwo bwavugwa mu nsiguro zatanzwe nk’impamvu yatumye hataba ukwihutira gutabara.

Abanyamakuru bemeza ko kuva ico gihe haciye haba ugukorana neza.

Ni navyo vyatumye haba ububangutsi mu kurwanya igitero cabaye mu kwa mbere 2019 kw’ihoteri iri hafi ya Westgate, DusitD2, cahitanye abantu 21.

Ibisata vy’igipolisi n’igisirikare bijejwe kurwanya iterabwoba, abajejwe umutekano b’abanyamahanga, za rusehabaniha hamwe n’igisata kijejwe kuzimya imiriro, bose barakoranye mu kurwanya ico gitero.

Source link

Leave a comment