Kenya ivuga ko itigeze ibuza indege za Tanzania kwinjira ku butaka bwayo

Umushikiranganji w’ukwunguruza abantu n’ibintu wa Kenya, James Macharia, arahakana ko ata cuka kibi kiri hagati ya Tanzania na Kenya.

Yariko avuga ku ngingo ya Tanzania yo kubuza indege z’ikompanyi Kenya Airways kwinjira muri ico gihugu ikoresheje ibibuga vy’indege vya Dar es Salaam, Kilimanjaro na Zanzibar guhera igenekerezo rya mbere uku kwezi.

Bwana Macharia yamenyesheje ko leta ya Kenya ata ndege y’igihugu ico ari co cose yabujijwe ku butaka bw’igihugu.

Mu gihe yari ahejeje kwugururira ikirere ca Kenya indege mpuzamakungu ku kibuga c’indege Jomo Kenyatta i Nairobi ejo ku wa gatandatu, Bwana Macharia yavuze ko indege za Tanzania zitabujijwe kwinjira mu gihugu.

Ati: “Nta ndege n’imwe twabujije kwinjira muri Kenya. Ntitwugaye ikirere cacu, ico twakoze twafashe ingingo zijanye no gushira ukwabo (quarantaine) abantu bazoba bavuye mu bihugu kanaka dufatiye ku kungene ikiza ca coronavirus kizoba cifashe”.

Macharia amenyesha ko yashoboye kuvugana na mugenziwe wa Tanzania Isack Kamwelwe ku vyerekeye imigenderanire hagati y’ibi bihugu vyompi.

Yavuze ko ingingo yafashwe na Tanzania igiye gusubira kwihwezwa mu minsi ya vuba.

Ati: “Kenya ntiyigeze ibuza indege ziva muri Tanzania. Kenya ntiyigeze yanka kwakira ingenzi zivuye muri Tanzania. Ico twakoze ni ugufata ingingo zimwe zimwe zijanye n’amagara y’abantu ku bazoba bavuye mu bihugu bimwe bimwe”.

Macharia yongeyeko y’uko indege za Kenya zizoshobora gukoresha ikirere ca Tanzania mu gihe bazoba bamaze gushika ku masezerano.

Mu ntango Kenya yasohoye urutonde rw’ibihugu 11 ingenzi zavyo zemerewe kwinjira muri iki gihugu ata ngorane, mu nyuma yongerako ibindi umunani, vyose hamwe biba 19, ivuga ko ivyo bihugu vyashoboye kurwanya umugera wa Covid-19.

Bwana Macharia yamenyesheje ko urwo rutonde rucihwezwa kandi ko ruzogenda rusubirwamwo bivanye n’ingene ibihugu bizogenda bihangana n’ikwirakwira ry’umugera wa corona.

Mu ntango Tanzania yabujije indege z’ikompanyi Kenya Airways kwinjira muri ico gihugu mu kiringo kitamenyeshejwe igihe kizomara, ivuga ko na Kenya yabujije indege zayo.

Itangazo ryasohowe n’ishirahamwe rijejwe ingendo z’indege muri ico gihugu (TCAA) rivuga ko iki gihugu cahagaritse uruhusha rwari rwahawe ikompanyi Kenya Airways rwo gusubira kuvyura ingendo z’indege muri Tanzania.

Iri shirahamwe ryavuga ko kwari ugusubiriza mu ndumane Kenya kubona itayishize ku rutonde rw’ibindi bihugu ingenzi zavyo zemerewe kwinjira muri iki gihugu.

Source link

Leave a comment