Kenya: Kenyatta yashwaniye umuhungu wiwe arenze amategeko ya gumamurugo

Insiguro y’isanamu,

Pereizda Uhuru Kenyatta ubwo yatangazaga ko hari umuntu wakize iyi ndwara

Umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta avuga ko atashoboye kwihanganira umuhungu wiwe inyuma y’uko arenze amategeko yo kuguma mu rugo mu kwirinda wa mugera wa coronavirus.

Avuga ko umwe mu bahungu biwe babiri, ariko atashatse kuvuga izina, yarenze amategeko yigira mu kirori mw’ijoro mu gisagara ca Mombasa kiri kw’ibahari – igisagara ntandaro y’ikwirakwira ry’umugera mu gihugu.

Ati: “Namubajije nti ko uri kumwe na nyogokuru wawe arengeje imyaka 80, ukaba warenze kuri ayo mategeko, mbega nk’ubu hogira ico aba, uzomererwa gute mu mutima”.

Amahwaniro y’abantu benshi arabujijwe muri ico gihugu co mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Leta kandi yarahagaritse uruja n’uruza rw’abinjira n’abasohoka bava canke baja ku mugwa mukuru Nairobi hamwe no mu bindi bisagara bitatu biri ku mipaka, na Mombasa irimwo, aho nyina n’umuhungu ba Perezida Kenyatta basanzwe bari muri kino gihe.

Mu kiganiro n’umunyamakuru wa televiziyo NTV yo muri ico gihugu, Perezida Kenyatta yibutsa ko ata muntu n’umwe ari hejuru y’amategeko yashinzwe mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira rya coronavirus.

Hagati aho, yaraneguwe kubona ataciye afata ingingo yo gushira umuhungu wiwe muri kimwe mu bibanza vyagenewe abikekwa ko banduye coronavirus nk’uko bimeze ku bandi banyagihugu ba Kenya iyo bafashwe barenze ku ngingo ya gumamurugo.

Bwana Kenyatta avuga ko yakariye cane umuhungu wiwe kubona yarataye mu ngorane ubuzima bwa inakuru wiwe Ngina Kenyatta.

Source link

Leave a comment