Kenya: Uhuru Kenyatta yoba ategura kuba umushikiranganji wa mbere arangije ikiringo ciwe?

Insiguro y’isanamu,

Uhuru Kenyatta arongoye igihugu ca Kenya kuva mu 2012

Umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta, yanse kugira ico avuze ku makuru avuga ko yoba ariko arondera ko hashingwa ikibanza c’umushikiranganji wa mbere, nk’uburyo bwo kubandanya ari ku butegetsi inyuma yo kurangiza ibiringo bibiri vyiwe nk’umukuru w’igihugu.

Bitegekanijwe ko ibiringo vya Bwana Kenyatta birangira mu mwaka wa 2022.

Avugana n’ikinyamakuru Financial Times, Perezida Uhuru yaranse kugira ico avuze ku makuru ajanye “n’inzego za politike zisanzwe zitahari”.

Hagati aho, amenyesha neza ko adashobora kubandanya ari umukuru w’igihugu mu gihe azoba arangije ibiringo vyiwe bibiri, aho avuga ko ivyo bitegekanywa n’ibwirizwashingiro hamwe n’abanyagihugu ba Kenya.

Ati: “Abakenya basanzwe bazi neza ko umukuru w’igihugu yemerewe ibiringo bibiri kuva mu 2002 igihe iryo tegeko ritangura kuja mu ngiro. Nta mukuru w’igihugu n’umwe yigeze arenga kuri iryo tegeko, rero na jewe sinshobora kuba umukuru w’igihugu wa mbere yokora ivyo”.

Perezida Kenyatta avuga ko Kenya iriko itegura amatora ya kamarampaka mu minsi ya vuba, nk’uko abivuga, kugira ngo ingingo zimwe zimwe zo mw’ibwirizwashingiro zihindurwe, ibishigikiwe mbere n’abariteguye.

Insiguro y’isanamu,

Haraciye igihe William Ruto (i bubamfu) atitabira ibikorwa bibera mu biro vy’umukuru w’igihugu

Kuva icegera ciwe, William Ruto, atanguye igikorwa co kwitegurira kwiyamamariza amatora yo mu 2022, ikibazo nyamukuru cavyutse kwabaye ukumenya nimba koko Bwana Kenyatta azorangiza ibiringo vyiwe bibiri nk’umukuru w’igihugu atashoboye kurangura ivyo yari yemereye Abakenya.

Haraciye amezi atari make ico cegera ciwe atitabira ibikorwa bibera mu biro vy’umukuru w’igihugu, mbere akaba yarashizwe ku ruhande mu manama y’Inama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano, kandi ari umwe mu bayigize.

Igihe kimwe, Bwana Ruto yumvikanye ariko avuga ko hari amanyanga yo kurondera kumubuza ko yosubirira perezida Uhuru Kenyatta n’akarwi kiwe.

Mu kwa gatatu, yanditse ku rubuga rwiwe rwa twitter ati: “Hariho akarwi k’abantu bari ku ruhande rwiwe bagenda bigamba ko mu minsi ntazoba nkihari”.

“Kandi kubera ko ako karwi kadashobora kugena umuntu n’umwe, karashobora no kwica, ariko Imana yonyene yo mw’ijuru iriho”.

Igihe Perezida Kenyatta atanguza urugamba rwo kurwanya ba kaboko, Bwana Ruto avugwa ko yidoze avuga ko yari inzira yo gutoteza abategetsi bazwi ko bamushigikiye.

Perezida Kenyatta arongoye igihugu ca Kenya kuva mu 2012, akaba yasubiye gutorwa mu matora yabayemwo impari mu 2017. Mu 2022 niho bitegekanijwe ko azorangiza ivyo biringo vyiwe nk’uko ibwirizwashingiro rya Kenya ritibegekanya.

Source link

Leave a comment