Korea: Kim Jong-un yigabanirije amabanga yiwe ayaha mushikiwe

Insiguro y’isanamu,

Kim Yo-jong ni mutoyi wa Kim Jong-un

Umukuru w’igihugu ca Koreya y’Uburaruko Kim Jong-un yagabanirije amabanga yiwe bamwe mu bafasha biwe, harimwo mushikiwe Kim Yo-jong, nk’uko bivugwa n’ikigo kijejwe igendereza ca Koreya y’Ubumanuko.

Hagati aho, Bwana Kim aguma ari “umutegetsi ntayegayezwa”, ariko ibisata bitari bike bikaba vyashizwe mu minwe y’abandi mu ntumbero yo kubaganya ivyomutuma aruha mu mutwe, nk’uko iki kigo kibandanya kibivuga.

Ikigo kijejwe igendereza ca Koreya y’Ubumanuko congera ko y’uko uyu mushikiwe Kim ariwe “ayoboye ibikorwa vya leta muri rusangi”.

Aya makuru yashikirijwe mw’ikoraniro ry’inama nshingamateka ya Koreya y’Ubumanuko kuri uno wa kane.

Ico kigo kivuga kiti: “Kim Jong-un aracasigaranye ububasha bwo gufata ingingo ya nyuma, ariko bimwe bimwe mu bikorwa vyiwe vyagiye bishikirizwa abandi buke buke”.

Bimwe mu vyo ajejwe, mushikiwe kim ubu niwe abazwa ibibazo vyose bijanye na Leta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe na Koreya y’Ubumanuko.

Ico kigo gishimangira ko n’aho gushika ubu bwana Kim “ataratora uwushobora kumusubirira”, uyu mushikiwe niwe “mutegetsi agira kabiri mu gihugu”.

Kivuga kandi ko bwana Kim yafashe iyo ngingo yo kwigabaniriza amabanga mu ntumbero yo “kwiyorohereza mu mutwe no kwirinda ko yohava yagirizwa ko yananiwe mu butegetsi bwiwe”.

Hagati aho, abihweza ibintu n’ibindi bafise amakenga kuri ayo makuru ashikirizwa n’urwego rw’igendereza.

Urubuga ngurukanabumenyi NKNews rwa Amerika rutanga amakuru kuri Koreya y’Uburaruko rworwo ruvuga ko Kim Yo-jong afise kuba atacizigiwe ngo kubera afise kuba atashoboye kwitaba inama zibiri zikomeye muri kuno kwezi.

Kim Yo-jong ni nde?

Ni mutoyi wa Kim Jong-un kandi akaba ari na we wenyene mu bo bavukana afatwa ko ari mu bamwegereye cane kandi akomeye.

Insiguro y’isanamu,

Kim Jong-un na Kim Yo-jong ni abagenzi pfa mpfe

Yavutse mu 1987, Bwana Kim akaba amusumvya imyaka ine. Bompi barabaye mu gihe kimwe i Bern mu Buswisi kandi ni yo bize.

Kim Yo-jong yatanguye kumenyekana kw’isi mu 2018, igihe abaye uwa mbere mu ngoma ya bene Kim agendera Koreya y’Ubumanuko. Yari umwe mu ntumwa z’Imikino ya Olempike (Winter Olympic), aho Koreya y’Uburaruko na Koreya y’Ubumanuko vyakoreye hamwe nk’igihugu kimwe.

Yakoranye kandi na musazawe mu nama mpuzamakungu, harimwo n’inama yagiranye n’umukuru w’igihugu ca Koreya y’Ubumanuko Moon Jae-in, umukuru w’igihugu c’u Bushinwa Xi Jinping, hamwe n’umukuru w’igihugu Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump.

Source link

Leave a comment