Leta ya Tanzania yasubije abagaya ingene iriko irahangana na coronavirus

Uwufise ububasha kw’isanamu
Getty Images

Image caption

Ubuzima bwagumye ari ubusanzwe muri Tanzania

Tanzania yiyamirije ivyagiriji vy’uko itariko irakora ibihagije mu kurwanya ikiza ca coronavirus cugarije ibihugu nka vyose vyo kw’isi.

Iki gihugu kivuze ibi nyuma y’umunsi umwe ibiro biserukiye Leta Zunze Ubumwe za Amerika i Dar es Salaam, bivuze ko ico kiza gishobora kwimonogoza vuba muri ico gihugu.

Umuvugizi wa leta Dr Hassan Abbas yabwiye BBC ko ibiro vy’igihugu biberamwo ubushakashatsi n’ibipimo bicugaye kandi ko gupima vyahagaritswe.

Ivyo ngo ni kubera yuko bariko barakora itohoza ku bikoresho vyifashishwa mu gupima, ngo ariko abarwayi bafise ibimenyetso vya Covid-19 barabandanya kuvurirwa mu bitaro hose mu gihugu.

Uwo muvugizi yagize ati: “Dushaka kwihitiramwo tubanje kwihweza uburyo bwose bwo gupima bukoreshwa kuri ino ndwara, kandi turiko turatera intambwe.

“Kandi abanye Tanzania barabandanya ubuzima bwabo. Hari uwufise ibimenyetso, turamaze kuvuga ko akwiye guca aja ku bigo vy’ubuvuzi biri hirya no hino.

“Rero ivy’uko tutariko turahangana na Covid-19 mu gihugu, si vyo”.

Nta mategeko akaze yashizweko

Iki gihugu co mu buseruko bwa Afrika nta mategeko akaze cashizeko yo kubuza uruja n’uruza kubera iki kiza kandi nta cahindutse ku buzima ugereranije n’uko bwari aho ico kiza catangazwa ubwa mbere mu kwezi kwa gatatu.

Amasoko hamwe n’ibibanza vy’urudandazwa vyama vyuzuye abantu, bigatera impungenge ko iki kiza gishobora gukwiragira vuba.

Abantu benshi ubu bahitamwo kwambara udufuka-munwa hamwe n’ibindi bifuka mu maso mu kwikingira.

Ku buryo bugenda burigaragaza, amaduka, amasoko, ububare hamwe n’ibibanza biberamwo amasengesho, haza harashirwa indobo z’amazi n’isabune ku bwinjiriro bagahimiriza abantu gukaraba intoke imbere yo kwinjira.

Source link

Leave a comment