Madagascar ‘iratabaza ngo ifashwe kurwanya coronavirus’

Insiguro y’isanamu,

Madagascar ifise hafi abantu 7500 banduye coronavirus

Umushikiranganji w’amagara y’abantu wa Madagascar yasavye amashirahamwe akorana n’ico gihugu hamwe n’inzego zijejwe amagara y’abantu ko yofasha ico gihugu kurwanya Covid-19 mu gihe ibiharuro bibandanya biduga.

Urubuga rwa Actu Orange ruvuga ruti: ” Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwerekanye ko ikiza ca Covid-19 mu ndwi ziheze ciyongereye ku buryo buteye ubwoba muri Madagasikari, aho habonetse abantu benshi bayanduye mu turere tumwe tumwe, cane cane ku mugwa mukuru, Antananarivo”.

Abarongoye ibitaro bimwe bimwe vyo ku mugwa mukuru wa Madagasikari baragabisha ko barengewe inyuma y’ibiharuro biherutse kuduga ku buryo buteye ubwoba, kandi ko bazokwakira gusa indembe za Covid-19.

Kugeza ubu iryo zinga rya Madagascar rifise abantu hafi 7500 banduye Covid-19 kandi ko hafi 80% muri bo basuzumwe mu kwezi guheze.

Perezida Andry Rajoelina mu ntango z’uku kwezi yongeye kwugara umugwa mukuru inyuma y’aho ibiharuro vy’abanduye vyongerekaniye.

Mu kwa kane, yatanguje icese “umuti” kama wo kwirinda Covid-19 wakwiragijwe cane mu gihugu, anashimangira ko igihugu kiriko kirarwanya iyi ndwara.

Eka hari n’ibihugu bitari bike vya Afrika navyo nyene vyarungikiwe uwo muti, Covid-Organics.

Hagati aho, uwo muti kama w’amazi wariyamirijwe n’abahinga mu vyo amagara y’abantu muri Nijeriya na Republika y’Intwaro Rusangi ya Congo, inyuma yo kuwukorako ivyigwa kugira bihweze nimba koko ushobora kuvura Covid-19.

Source link

Leave a comment