Madagascar: umuti Covid-Organics w’umukuru w’ico gihugu nturashobora guhagarika Covid-19

Insiguro y’isanamu,

Umukuru w’igihugu ca Madagascar afise icizere ko umuti wiwe uzotuza coronavirus

Ibitaro vyo muri Madagascar bivuga ko biriko birarengerwa n’ibitigiri vyabandura Covid-19, mu gihe umukuru w’ico gihugu wewe abandanya ahimiriza umuti utaremezwa, avuga ko ushobora gukiza iyo ndwara, n’aho ishami rijejwe amagara kw’isi OMS rigabisha kw’ikoreshwa ry’imiti itaremezwa.

Ibitigiri vy’abandura coronavirus vyaraduze incuro zine mu kwezi guheze muri ico gihugu co mw’ibahari Indiano, aho abarenga 13.000 banduye, abarenga 162 nabo barapfa kubera coronavirus yakwiragiye mu ntara zose kiretse imwe gusa.

N’aho ivyo bitigiri bigenda biduga, umukuru w’igihugu Andry Rajoelina abandanya yizigiye uwo muti ukozwe mu biti kama wiswe Covid-Organics, umuti watanguye gukwiragizea mu kwa kane.

Uhingurwa n’ikigo ca Madagascar kijejwe ubushakashatsi mu giterwa citwa artémisia – igiti gisanzwe gihingurwamwo imiti ya malaria- hamwe n’ibindi biti vyo muri Madagascar.

Ni ikinyobwa kiriko kiradandazwa nk’umuti wo kuvura no gukinga – mu gihe kuva amezi ane aheze gihabwa abana mu mashure.

Insiguro y’isanamu,

Abana mu mashure bahabwa uwo muti

Mu ntango za kuno kwezi igihe yariko atanga imfashanyo igizwe n’umuceri, amavuta, isukari n’ibindi nkenerwa kuri ba ntahonikora ku mugwa mukuru Antananarivo, umukuru w’ico gihugu yaboneyeho no kubaha uwo muti, Covid-Organics.

Yaraneguwe bikomeye igihe yakoranya abanyagihugu mu gihe igihugu cari mu ngingo za guma mu rugo, ariko wewe akaba yabandanije afise icizere aho avuga ati: ” Iki kiza ntikizokwamaho, tuzoruhira kugitsinda”.

Yavuze kandi ko ibitigiri vy’abandura bitari umurengera mu burere bw’igisagara bwari buherutse kuronswa uwo muti ku buntu.

Ishirahamwe OMS rivuga ko ryakiriza yompi utwigoro two kuvura iyo ndwara hakoreshejwe uburyo kama, ariko rigasaba ivyemezo bivuye mu bushakashatsi imbere y’uko imiti kama ikoreshwa.

Gushika ubu nta nyishu ziratangwa ku bipimo vyakozwe, ariko ico nticabujije ko uwo muti uhabwa ibihugu biharurwa muri mirongo vya Afrika.

Leta ya Madagascar yoyo ibandanya yishigikira imbere y’abayinegura, haba mu gihugu canke mu makungu.

Rinah Rakotomanga ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ati: “Si uko dufise udukingirizo ko twoca twijajara imbere ya SIDA kandi ntibivuga ngo SIDA yaraheze! Nico kimwe”.

“Abenshi mu bafashe uwo muti ata zindi ndwara z’ivyuririzi bafise barakize neza, turishimiye uwo muti. Ni mu mico yacu gukoresha imiti kama nk’iyi. Mu gihe bigenda neza, nta bindi vyo kugerageza uwu muti bikenewe”.

Insiguro y’isanamu,

Abasirikare bafashije mu gutanga udupfukamunwa n’umuti Covid-Organic mu kwa kane

Hagati aho, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burinengesera, bugahanura ibitaro guha uwo muti aberekana ibimenyetso bito bito kandi ata zindi ndwara basanzwe bafise nk’igisukari.

Ibitaro biraremerewe

N’aho umukuru w’ico gihugu wewe yerekana ko afise ivyizigiro, abapfa bahitanywe na coronavirus bama bapfa umunsi ku munsi.

Mu kwezi guheze, umushikiranganji w’amagara y’abantu yarateye akamo amakungu ngo abafashishe ibikoresho, kuko yari afise amakenga ko ibitaro vyariko birarengerwa, ivyatumye ibiro vy’umukuru w’igihugu bimugabisha.

Mu nyuma y’aho, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwaciye butera akamo ko kurondera abaganga n’abaforoma bofata mu mugongo ikigo co kuvura uwo mugera kiri ku kibuga ca Mahamasina i Antananarivo.

Ico kigo cuguruwe mu ntango z’uku kwezi kikaba kimaze kwakira abarwaye batari bake. Bimwe mu bitaro vyarengewe n’abarwayi ni ibitaro vya kaminuza vya Andohatapenaka i Antananarivo – vyakira indembe gusa za coronavirus cane cane abanduye basanzwe bafise n’izindi ndwara.

Ingingo za guma mu rugo zarakuwe n’aho hari ubwoba

Ishirahamwe rihurikiyemwo abaforoma n’abakirizi rivuga ko akakozi bo mu gisata kijejwe amagara y’abantu baharurwa muri mirongo banduye Covid-19.

Insiguro y’isanamu,

Le président déclare qu’une “phase de stabilisation” a été atteinte dans la région autour de la capitale

Ubwo bwoba bwagiye kwiyongera igihe leta ihagarikiye ingingo za guma mu rugo zari zimaze amezi atanu mu ntara ya Analamanga, isanzwe irimwo umugwa mukuru.

Mw’ijambo ryiwe yashikirije kuri televiziyo y’ico gihugu, umukuru w’igihugu Rajoelina yavuze ko izo ngingo zitari kubandanya kuko zifise ingaruka mbi ku butunzi bw’abanyagihugu.

Yavuze ko iyi ndwara yari yahagaritswe kandi ko abandura bagabanutse ku mugwa mukuru.

Hagati aho, intara ya Analamanga iriziziwe cane n’iki kiza kandi kibandanya gikwirakwira mu zindi ntara z’iryo zinga.

Source link

Leave a comment