Menya inyubakwa 10 zizimvye cane kw’isi

Insiguro y’isanamu,

Umusigiti wa Kaaba

Amatohoza yakozwe na companyi ya MSN Money ikora akazi ko gutwara amahera, imitahe hamwe n’igurishwa ry’inyubakwa kw’isi yatangaje urutonde rw’inyubakwa zizimvye cane gusumba kw’isi.

Ayo matohoza yerekanye ko inyubakwa 30 zizimvye cane kw’isi, aho Arabia Sawudite iri mu kibanza ca mbere ku nyubakwa zifise igiciro kinini cane ziri mu gisagara ca Maka.

Ayo matohoza yakozwe mu 2019 yerekanye ko imisigiti ya Kaaba uri i Maka, na Masjid al-Haram, ari zo nyubakwa zizimvye cane kw’isi kandi zinini.

Ukwagurwa k’uwo musigiti mu myaka myinshi kwatumye igiciro cawo congerekana gusumba iyindi nyubakwa iyo ari yo yose kw’isi.

Nk’uko rero bivugwa na MSN Money, uwo musigiti ufise agaciro k’imiriyaridi 100 z’amadolari.

Inyubakwa ya Abraj Al-Bait iri mu gisagara ca Maka, irimwo amahoteli, ibiro bikomeye hamwe n’amaduka, ni yo ya kabiri izimvye cane kw’isi, ikaba ifise agaciro k’imiriyaridi 16 z’amadolari.

Inyubakwa za Maina Bay Sands ziri muri Singapore ni iya gatatu mu bunini muri ico gihugu ikaba ifise agaciro k’imiriyaridi zirenga zitandatu z’amadolari.

Inyubakwa ya Burj Khalifa, iri mu gisagara ca Dubai muri reta zunze ubumwe z’abarabu (UAE), iri mu kibanza ca 30 ku rutonde rw’inyubakwa zizimvye cane kw’isi, n’aho ari inyubakwa ya mbere mu burebure kw’isi.

Inyubakwa 10 zizimvye cane kw’isi:

Umusigiti wa Kaaba i Makkah: Amadorali imiriyaridi 100

Ico kibanza ceranda kw’idini rya Islam hamwe n’umusigiti munini cane kw’isi wa Ka’bah (Kaaba) mu gisagara ca Maka, muri Arabia Sawudite, gifise ubushobozi bwo kwakira abantu barenga imiliyoni zine mu gihe c’amasengesho meranda, kikaba giharurwa ko giciye amadolari imiriyaridi 100.

Igorofa ya Abraj Al Bait, i Makkah: iciye imiriyaridi y’amadolari

Inyubakwa ya Makkah Abraj Al Bait, yegereye umusigiti wa Ka’bah, yubatswe mu 2012, iharurwa ko yoba ifise agaciro ka miriyaridi 16 z’amadolari.

Abraj Al Bait, yubatswe ku madolari imiriyaridi 15 nk’inzu y’abategetsi n’abagwizatunga. Uretse ubunini bwayo, iyo nyubakwa ifise isaha nini ya mbere kw’isi.

Inyubakwa ya Abraj Al Bait ni iya kabiri rizimvye cane kw’isi inyuma y’umusigiti wa Ka’bah uri mu gisagara ca Maka.

Marina Bay Sands, muri Singapore: iciye amadolari imiriyaridi 6.2

Ikibanza co kwidagaduriramwo ca Marina Bay Sands resort iri mu gihugu ca Singapore gifise amahoteli n’amazu karuhariwe ni co gifata ikibanza ca gatatu mu nyubakwa zizimvye cane kw’isi, ikaba ifise agaciro k’amadolari imiriyaridi 6.2.

Marina Bay Sands, yarangiye kwubakwa mu 2010, yatwaye amadolari ya Amerika imiriyaridi 5.5, ubu agaciro kayo kakaba karongerekanye.

Apple Park, Cupertino: riciye imiriyaridi 5 z’amadolari

Inyubakwa ya Apple Park, ahari icicaro ca Apple i Cupertino, mu ntara ya California, n’iya kane mu nyubakwa zizimvye cane kw’isi.

Apple, ni ikompanyi ya mbere izimvye kw’isi, bivugwa ko yinjiza amahera menshi cane kurusha ayandi makompanyi y’ibihugu bimaze gutera imbere.

Nta gitangaje kirimwo ko iyo kompanyi yakoresheje amadolari imiriyaridi 5 mu kwubaka iyo nyubakwa nini cane ari na co cicaro cayo.

Cosmopolitan, Las Vegas: Iciye amadolari imiriyaridi 4.4

Ku vyumba ifise bishika 3,027 vyo kuryamamwo, Cosmopolitan Hotel ifise agaciro k’imiriyaridi 3.9 z’amadolari, ikaba yarangiye kwubakwa mu 2009.

Iyo nyubakwa y’ihoteli ifise aho bakinira akamari hanini cane, icumba c’amanama kirimwo intebe 3,200 – ikaba ari yo nyubakwa igira gatanu izimvye cane kw’isi.

New World Trade Center, New York: miriyaridi 4.1 z’amadolari

Inyubakwa ya York-World Trade Center, iri mu kibanza ca gatandatu ku rutonde rw’inyubakwa zizimvye cane kw’isi nk’uko bimenyeshwa na kompanyi ya MSN Money.

Iyubakwa rya World Trade Center ryaheze mu 2012 ritwara amadolari imiriyaridi 3.8 z’amadolri, ariko ubu agaciro kayo karaduze gushika ku madolari ya Amerika imiriyaridi 4.

Iyo nyubakwa ubu ni yo ya mbere mu bunini mu gihugu ca Amerika.

Inama nshingamateka ya Bucharest: Iciye amadolari ya imiriyaridi 3.9

Iyo nyubakwa yuguruwe icese mu 1984, ubu ifise agaciro k’imiriyaridi 3.9 z’amadolari

Inyubakwa ya Emirates Palace Hotel, iri Abu Dhabi: Iciye amadolari imiriyaridi 3.8

Iyo nyubakwa y’ihoteli yubastwe nk’ikirimba c’ubwami i Dubai, ifise ivyumba vy’uburaro 397 hamwe n’amaduka manini manini na mato, hamwe n’ubunywero bugezweho.

Agaciro k’iyo nyubakwa yarangiye mu 2005, gaharurwa mu madolari imiriyaridi 3, ubu ikaba izimvye gusumba ngaho.

Wynn Resort, Las Vegas: Iciye amadolari imiriyaridi 3.4

Iyo nyubakwa n’imwe mu mahoteli meza cane kw’isi, ikaba iri mu mugwi w’inyubakwa bakiniramwo akamari mu gisagara ca Las Vegas.

Mu 2005, inyubakwa ya Wynn Park ni ho yugururwa icese. Agaciro k’iyo nyubakwa ifise ivyumba 2,716 – kaharurwa mu madolari imiriyaridi 2.7, ubu ikaba irenza amadolari imiriyaridi 3.7.

Ikirimba c’umwami wa Brunei Istana Nurul Iman: Gifise agaciro k’amadolari imiriyaridi 3.3

Ikirimbwa c’umwami wa Bruneicubatswe mu 1984 ku madolari imiriyaridi 1.4, akaba ari yo nzu ya mbere nini cane kw’isi ubu iriho nk’ikirimba.

Iyo nyubakwa ya reta ya Brunei ifise ivyumba 1.788, hamwe n’icumba kinini cane kiberamwo amanama gishobora kwakira abantu bagera ku 5.000.

Sultani wa Brunei Hassanal Bolkiah n’umwe mu bantu batunze cane kw’isi.

Source link

Leave a comment