Ni ibiki Donald Trump yagiye avuga ku bijanye na Coronavirus?

Insiguro y’isanamu,

Perezida Trump yamenyesheje aciye kuri Twitter ko we n’umugore wiwe Melania banduye Covid-19

Perezida Donald Trump ni we mutegetsi akomeye kw’isi yanduye indwara ya Covid-19.

Mw’ijoro ryo ku wa 01 z’uku kw’icumi, Perezida Trump yamenyesheje ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko we n’umugore wiwe Melania banduye.

Iyi nkuru ije mu gihe gikomeye c’imyiyamamazo mu matora ategekanijwe ku itariki 3 z’ukwa 11, mu gihe kandi iki kiza karanda ca coronavirus kimaze guhitana Abanyamerika barenga 200,000, mu gihe abarenga miliyoni 7 banduye.

Ibinyamakuru vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko uyu ari we mukuru w’igihugu wa Amerika agize ibibazo vy’amagara akiri ku butegetsi mu myaka mirongo iheze.

Ivyagiye bitangazwa na Perezida Trump ku bijanye na coronavirus vyagiye bitera impari zikomeye, mbere akaba yaraneguwe cane ku kungene yavyifashemwo ku biraba iki kiza.

Ng’ibi bimwe mu bikomeye yagiye aravuga kuri Covid-19:

‘Ibintu tubifise mu minwe’

Insiguro y’isanamu,

Mu ntango Bwana Trump yafashe minenerwe ikiza ca coronavirus

Ku wa 22 z’ukwa mbere, haciye iminsi ibiri gusa habonetse umuntu wa mbere yanduye coronavirus muri Amerika, Perezida Trump yahaye ikiganiro televiziyo CNBC yo muri Amerika, aho yafashe minenerwe Covid-19, avuga ko ata kibazo iteye ku gihugu.

“Ibintu biri ku murongo. Ni umuntu umwe avuye mu Bushinwa, kandi ibintu turabifise mu minwe. Nta ngorane zizoba”.

‘Izogenda amazimayongo’

Ku wa 27 z’ukwa kabiri, abantu bari banduye Covid-19 muri Amerika bari 25 gusa, ariko Trump yabwiye Abanyamerika ko ibintu vyategerezwa “kuba bibi imbere y’uko biba vyiza”.

Ico gihe, Trump yari agifise icizere ko uwu mugera ushobora kuranduranwa n’imizi.

Mu nama mu biro vy’umukuru w’igihugu Maison Blanche/White House, Trump yavuze ati: “Izogenda amazimayongo. Ni umunsi umwe gusa, ni nk’igitangaro, izorangira”.

Ayo majambo yagumye ayasubiramwo mu ndwi nkeya zakurikiye, aho yavuga ko ibitigiri vy’abandura mu minsi mike vyariko “biregereza ubusa[zeru]”.

‘Iyo tugize abantu benshi banduye, jewe si mbona ko iyo ari ingorane’

Insiguro y’isanamu,

Kubona ibitigiri vy’abandura vyagenda vyiyongera, Perezida Trump yafata ko ari ikintu ciza kuko vyerekana ko bafise ubushobozi bukomeye bwo gupima

Mu kwa gatanu, Bwana Trump yavuze ko kubona ibiharuro vy’abandura bigenda vyiyongera muri Amerika cari “ikimenyetso ciza”.

Mu nama nshikiranganji yerekanywe ku mboneshakure, yavuze ati: “Iyo tugize abantu benshi banduye, jewe si mbona ko iyo ari ingorane”.

“Jewe ingene ndabifata, ku ruhande rumwe, ndabifata ko ari ikintu ciza kuko vyerekana ko ubushobozi bwacu bwo gupima bukomeye cane”.

Yavuze ivyo yishimikije ibiharuro vyerekana ko ico gihe Amerika ari yo yari imaze gupima abantu benshi gusumba ibihugu vyose kw’isi, n’aho yaza inyuma mu bijanye n’urugero rw’abantu bari bamaze gupimwa ico gihe.

‘Ibitigiri vy’abandura vyatanguye kwiyongera mu Banyamerika bakiri bato inyuma gato hatanguye imyiyerekano’

Insiguro y’isanamu,

Perezida Trump avuga ko imyiyerekano yo muri rya sekeza Black Lives Matter muri Amerika ari yo yabaye intandaro y’irwirirana rya Covid-19 mu gihugu.

Ku wa 22 z’ukw’indwi, Perezida Trump yavuze ko imyiyerekano yo muri rya sekeza Black Lives Matter (Ubuzima bw’abirabure ni kirumara) mu bisagara bitari bike vya Amerika ari yo yabaye intandaro y’irwirirana rya Covid-19 mu gihugu.

Ati: “Ibiharuro vy’abandura vyatanguye kwiyongera mu Banyamerika bakiri bato inyuma gato y’imyiyerekano, ari yo nk’uko mubizi neza, ariyo yatumye haba ukudebukirwa mu twigoro two kurwanya iki kiza mu gihugu”.

Mu gihe abahinga mu vy’amagara y’abantu bari bagize ubwoba ko iyi myiyerekano yari gutuma ibitigiri vy’abandura vyiyongera, ubushakashatsi bwerekana ko ata kivyemeza ko ibi ariko vyagenze.

Ubushakashatsi bwakozwe n’ibigo vya Kaminuza vya Harvard na Northwestern bwerekana ko iyi myiyerekano “yari ifise uruhara ruto cane rwose” mw’irwirirana ry’abanduye uwu mugera mu kwa gatandatu no mu kw’indwi.

‘Inyishu z’ibipimo ni vyiza cane’

Insiguro y’isanamu,

Bwana Trump yari amaze amezi atari make yama yipimisha coronavirus buri munsi

Uko iki kiza cagenda ciyongera muri Amerika, Perezida Trump yagenda yipimisha coronavirus iminsi yose. Abajijwe ibijanye n’uku kwipimisha kwa minsi yose, ku wa 21 z’ukwa gatanu yatanze inyishu nk’uko umengo ntaco bimubwiye.

Imbere yuko yurira kajugujugu ari imbere ya Maison Blanche, yavuze ati: “Inyishu z’ibipimo ni vyiza cane”.

“Rero muri kino gitondo, ibipimo vyerekana ko nkomeye, si ko? Rero, ibipimo ni vyiza cane. Ni ukuvuga ko ata mugera nanduye”.

‘Turerekana abanduye, ibice 99% muri bo ntibasinzikaye na gato’

Insiguro y’isanamu,

Perezida Trump ntiyahuza n’abahinga muvyo amagara y’abantu ku bijanye n’ubukari bw’uwu mugera

Mu gihe ibitigiri vy’abandura vyariko biraduga cane muri Amerika, Perezida Trump, ku wa 04 z’ukw’indwi, umunsi w’ukwikukira kwa Amerika, yavuze ko ibice 99% vy’abanduye Covid-19 muri Amerika “ata ngorane na ntoya bateye”.

Ati: “Ubu tumaze gupima abantu hafi imiliyoni 40. Twakoze gutyo, turerekana ibitigiri vy’abanduye, 99% muri vyo nta ngorane na ntoya biteye”.

Aya majambo yaciye yiyamirizwa ubwo nyene na Anthony Fauci, umukuru w’ikigo kijejwe kurwanya indwara zandukira mu gihugu (National Institute of Allergy and Infectious Diseases), hamwe n’umuhinga wa leta yiwe mu bijanye na Covid-19.

Muganga Fauci ati: “Ibi si ko bimeze na gato”.

‘Igihe cose uzomubona [Joe Biden], azoba yambaye agapfukamunwa’

Insiguro y’isanamu,

Perezida Trump yarifatiye mu gahanga umukeba wiwe w’umu Democrat Joe Biden k’ukungene yama yambaye agapfukamunwa

Ikiganiro ca mbere hagati y’abahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ku wa 29 z’ukw’icenda, caranzwe n’uguterana amajambo hagati ya Bwana Trump n’umukeba wiwe wo mu mugambwe w’abademokarate, Joe Biden.

Bimwe mu vyo yanegura, Perezida Trump yarifatiye mu gahanga Biden k’ukungene yitwararika cane ingingo zo kwirinda Covid-19.

Ati: “Igihe cose uzomubona, azoba yambaye agapfukamunwa”.

“Ashobora kuba ariko avugira ku metero 60 uvuye … ariko ukabona yambaye agapfukamunwa kanini bitari bwigere bibaho”.

Mu ntango, Perezida Trump yaranse kwambara agapfukamunwa n’aho yaba ari mu bibanza rusangi, akaba yatanguye kukambara ubwa mbere mu kw’indwi, mbere no ku wa 22 z’ukwa cenda akaba yaritavye ikoraniro ashikiriza n’ijambo ata gapfukamunwa yambaye.

Insiguro y’isanamu,

Ku wa 22 z’ukwa cenda Perezida Trump yaritavye ikoraniro ashikiriza n’ijambo ata gapfukamunwa yambaye

Mu ntango z’uno mwaka, Perezida Trump yarafashe minenerwe ivyo kwambara agapfukamunwa, n’aho abahinga bobo bavuga ibindi.

‘Ibi tuzobirengana TURI KUMWE TWESE!’

Ubutumwa bwa Bwana Trump kuri Twitter amenyesha ko we n’umugore wiwe banduye Covid-19, bwaherekejwe n’ubundi butanga icizere mu gihe hari abari bafise amakenga ku magara yiwe.

Tambuka Twitter ubutumwa, 1

Impera ya Twitter ubutumwa, 1

Ubwo butumwa buvuga buti: “Muri iri joro, ibipimo vyerekana ko @FLOTUS [Madamu wa Perezida, mu mfunyafunyo] na jewe twanduye COVID-19. Dutanguye igihe ca guma mu rugo ubu nyene. Ibi tuzobirengana TURI KUMWE TWESE!”

Uyu mukuru w’igihugu w’imyaka 74, ari mu murwi w’abantu bafatwa n’abahinga ko babangamirwa cane, nk’uko bivugwa n’ikigo kijejwe kurwanya indwara muri Amerika (Centre for Disease Control, CDC).

Kugeza kw’itariki 30 z’ukw’icenda, Covid-19 yari imaze kwica Abanyamerika barenga 41,000 bafise hagati y’imyaka 65 na 74, nk’uko bivugwa n’ikigo CDC.

Source link

Leave a comment