Nigeria: Boko Haram yagandaguye batanu bo mu mashirahamwe y’abagiraneza

Abakozi batanu b’amashirahamwe y’abagiraneza bari banyurujwe mu kwezi guheze mu ntara ya Borno iri mu busaruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya bagandaguwe n’abavugwa ko ari abarwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy’idini rya Isilamu.

Umukuru w’ico gihugu yatangaje ko abo bantu bakora mu mashirahamwe Action Contre la Faim (Action Against Hunger), International Rescue Committee (IRC), Rich International (RI) hamwe no mu murwi w’igihugu ujejwe ibikorwa vy’ubutabazi.

Perezida Muhammadu Buhari yagirije ubwo bwicanyi umuhari Boko Haram, anamenyesha ko ababikoze bategerezwa kurengutswa imbere y’ubutungane.

Yiyemeje kandi “gukuraho ibisigarira” vy’umutwe wa kisilamu wigize surivu muri ako karere.

Imidugararo imaze imyaka cumi y’inyeshamba imaze guhitana abantu ibihumbi, abandi nabo barata izabo, ivyatumye ubuzima bw’abantu buhungabana.

Abakozi bo mu mashirahamwe y’abagiraneza bamenyereye guterwa n’iyo mirwi.

Ikinyamakuru Premium Times ngurukanabumenyi co muri Nijeriya kivuga ko abakoze ubwo bwicanyi ari abo mu murwi Boko Haram kikaba canerekanye ireresi y’ikisegonda 35 abo bagiraneza bariko baricwa.

Ico kinyamakuru cerekanye abagabo batanu bitwikiriye bafise ibirwanisho bahagararanye n’abo bantu bari banyurujwe.

Ijwi ritamenyekanye ritangariza abo bita “abapagani” ribategeka “gusubiramwo no kwitura Imana ” imbere y’uko umwe mu bitwaje inkoho ategeka abandi kurasa izo pfungwa.

Mu majambo akomeye, amashirahamwe Action Against Hunger na International Rescue Committee bamenyesheje ko abakozi babo bari abakozi bakomeye.

Action Contre la Faim ivuga ko ibabaye cane kubona akamo yateye isaba ko abantu bayo barekurwa ataco kashitseko.

International Rescue Committee nayo nyene iriyamiriza ubwo bwicanyi ivuga ko “butumvikana” kandi ko ari “ubunyamaswa”.

Source link

Leave a comment