Nigeria: Uyu muvugabutumwa arindiriye kwumva ijwi ry’Imana kugira yugurure urusengero

Insiguro y’isanamu,

TB Joshua yarazomerewe aho abwiriye a bantu ko imbere y’uko ukwa gatatu kurangira Covid-19 izoba yazimanganye

Umuvugabutumwa azwi cane muri Nijeriya, Temitope Balogun Joshua, azwi cane mu mpfunyapfunyo nka TB Joshua, avuga ko akirindiriye “ijwi ry’Imana” imbere y’uko yugurura urusengero rwiwe mu gisagara ca Lagos.

Abategetsi ba Lagos bamenyesha ko amasengero ashobora gusubira kwugurura ku wa Mungu, akakira igice c’abo yahora yakira, inyuma y’amezi atari make yari amaze yugawe mu ntumbero yo guhagarika ikwirakwira rya coronavirus.

Mw’ireresi yashize ku rubuga rwa Twitter, TB Joshua avuga ko “inyuma y’aho abategetsi baduhereye uruhusha, uru turindiriye ico Imama itubwira”.

Yongeyeko ati: “Ndabasavye mwizere ko nitwamara kwumva ijwi ry’Imana, tuzobamenyesha igihe ibikorwa vy’urusengero bizotangurira icese”.

Uyu muvugabutumwa yigize umuhanuzi yateje impari mu gihugu mu ntango z’uyu mwaka igihe atangaza ko coronavirus yategerezwa kuba yazimanganye imbere y’igenekerezo rya 27/03/2020, hasigaye iminsi itari mike ngo ubutegetsi butangaze ingingo zo guhagarika ibikorwa mu bisagara vya Lagos, Ogun n’umugwa mukuru Abuja.

Ico gihe yatangarije ishengero ryiwe ati: “Imbere y’uko uku kwezi guhera, twemera canke tutemera, ata kuraba imiti izoba yahinguwe ngo bariko baravura, iyo ndwara izoba yazimanganye uko yaje”.

Igihe iryo genekerezo rya 27 rirenganiye, uyo muvugabutumwa yarazomerewe yagirizwa “ubuhanuzi bwiwe bw’ikinyoma”.

Hagati aho, yarisiguye – kandi mbere abanywanyi biwe bamukomera amashi – mu kuvuga ati: “Ico nashaka kuvuga kwari uko uwo mugera uzozimangana harya watanguriye, kandi i Wuhan (mu Bushinwa) umugera warahagaritswe”.

Ivyatangajwe n’uyo muvugabutumwa TB Joshua ntawe vyatangaje kuko niko abapasitori batari bake muri ico gihugu bameze.

Hari bamwe bibaza ko uyo muvugabutumwa ashobora kuba yaramaze kwumva ijwi ry’Imana rimubwira nimba ashobora kwugururua urusengero kuri uyu wa Mungu, ariko abandi nabo bariyorohereza ko ivyo ata vyabaye.

Source link

Leave a comment