ONU iriyamiriza igitero ku ngabo zayo muri Centrafrique cahitanye umusirikare w’u Rwanda

Insiguro y’isanamu,

Umwe mu ngabo z’u Rwanda ziri muri Centrafrique yaguye mu gitero c’inyeshamba

Ishirahamwe ONU ririyamiriza igitero cakozwe ku ngabo zagiye kugarukana amahoro muri Centrafrique, igitero cahitanye umusirikare w’u Rwanda, abandi babiri nabo barakomereka.

Umurwi w’inyeshamba witwa ‘Retour, Réclamation et Réhabilitation’ (3R) ni wo wagirizwa ico gitero. Ntaco uratangaza ku mugaragaro.

Mw’itangazo ryasohowe, ingabo za ONU muri Centrafrique (Minusca) zimenyesha ko umurwi 3R hamwe n’umukuru wawo, Abass Sidiki bahonyanze amasezerano yo guhagarika intambara mu gukora ico gitero mu karere ka Gedze kari mu buraruko bushira uburengero.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, Antonio Gutteres, yasohoye itangazo aho ahoza umuryango wabuze uwabo na leta y’u Rwanda.

Mw’iryo tangazo handitswe ngo: “Umunyamabanga mukuru aributsa ko ibitero ku ngabo zijejwe kubungabunga amahoro bishobora kuba ivyaha vy’intambara nk’uko amategeko mpuzamakungu abivuga”.

Uyo munyamabanga mukuru wa ONU asaba kandi abategetsi b’igihugu “gukora ibishoboka vyose kugira ngo abakoze ico gitero bamenyekane bongere barengutswe imbere y’ubucamanza”.

Kuva ubutegetsi bw’uwari umukuru w’ico gihugu, François Bozizé, butembagarijwe, haciye imyaka indwi, imirwi y’inyeshamba itari mike ibandanya itana mu mitwe n’ubutegetsi.

Ico gitero kibaye haciye iminsi Minusca ikoze umuhango wo guha icubahiro abakozi bayo icenda bari baherutse kwitaba Imana bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro muri ico gihugu mu mezi ane yari aheze, hari ku wa 08 z’uku kw’indwi.

Muri abo icenda harimwo umusirikare w’Umunyarwanda hamwe n’uwundi w’Umurundi.

Uyu Murundi yishwe ku wa 15/03/2020 ahitwa Grimari arashwe, “aho bari bagiye gutabara icegera c’uwurongoye ako karere yagomba guterwa n’umugwi w’inkozi z’ibibi”, nk’uko Koloneli Biyereke Floribert avugira igisirikare c’u Burundi yabibwiye BBC.

Minusca igizwe n’abasirikare, abapolisi n’abasivili barenga 12,000. U Rwanda nico gihugu gifiseyo abasirikare benshi (barenga 1,300), n’abapolisi (barenga 4,00) nk’uko ONU ibivuga.

Source link

Leave a comment