Papa Francis avuga ko ashigikiye ko abasangiye ibitsina ‘bemerwa imbere y’amategeko’

Insiguro y’isanamu,

Aya majambo avuguruza amajambo yagiye ashikiriza muri kahise ku bijanye n’uburenganzira bw’abahuza ibitsina babisangiye

Papa Francis avuga ko yiyumvira ko abubakanye basangiye ibitsina bakwiye “kwemerwa imbere y’amategeko”.

Yashikirije aya majambo ateye kubiri n’amategeko ya Vaticano n’abamuboneye izuba, mw’ireresi yateguwe na Evgeny Afineevsky.Muri iyi reresi yasohotse ubwa mbere kuri uyu wa gatatu, avuga ati: “Abaryamana basangiye igitsina bafise uburenganzira bwo kuba mu muryango.”Ni abana b’Imana kandi bafise uburenganzira bwo kugira umuryango. Nta n’umwe akwiye gutabwa canke ngo agirirwe nabi kubera ico.”Ico tugomba gushiraho ni itegeko ribaha uburenganzira bwo kubana. Gutyo bakaba bakingiwe n’amategeko”.Avuga kandi ko “iki arico ahagazeko”, aha akaba asa n’uwushaka gufatira ku gihe yari musenyeri mukuru wa Buenos Aires, n’aho yarwanya abubakanye basangiye igitsina imbere y’amategeko, yarashigikiye ko abubakanye basangiye igitsina bakingirwa n’amategeko.

Hampande y’ivyo avuga ku bijanye n’ukwemerewa imbere y’amategeko, iyi reresi imwerekana ari mu rusengero ariko atera intege abagabo babiri babana basangiye ibitsina kurera abana babo.

Aya majambo avuguruza amajambo yagiye ashikiriza muri kahise ku bijanye n’uburenganzira bw’abahuza ibitsina babisangiye.

Mu 2013, mu gitabo On Heaven and Earth (Mw’ijuru no kw’isi), Papa yavuze ko gufata ku rugero rumwe ubugeni bw’abahuza ibitsina babisangiye n’ubw’abubakanye badasangiye ibitsina ko kwoba ari “itituka ry’imico ya kiremwamuntu”.

Yavuze kandi ko mu gihe ababana bahuje ibitsina bokwemererwa kurondera abo barera “bishobora kugira ingaruka ku bana … umuntu wese akeneye se w’igitsinagabo na nyina w’igitsinagore bashobora kumufasha kwitahura no kwiyubaka”.

Umwaka wakurikiye, vyavuzwe ko Papa Francis yashikirije, mu kiganiro, ko ashigikiye y’uko amategeko yemerera abasangiye igitsina kubana, ariko abajejwe kumenyesha amakuru mu biro iwe bakaba barabihakanye.

Niho rero mu 2018, Papa Francis yavuze ko “arajwe ishinga” n’abaryamana n’abo basangiye ibitsina mu bapadiri, kandi ko “ari ikibazo gikomeye”.

Source link

Leave a comment