Tanzania: Magufuli yasumbije kure n’iyo umukeba wiwe Lissu mu matora y’umukuru w’igihugu

Insiguro y’isanamu,

Magufuli (i bubamfu) ari imbere ku majwi arenga 80%, nayo Lissu (i buryo) afise ibice vyababa 12%

Mu gihe ivyavuye mu matora muri Tanzania bibandanya bitangazwa, ibiharuro vy’imfatakibanza bimaze gutangazwa mu matora y’umukuru w’igihugu vyerekana ko John Pombe Magufuli yenuriye umukeba wiwe Tundu Lissu.

Nk’uko bitangazwa n’umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora muri ico gihugu, Perezida Magufuli ari imbere cane ku bice birenga 80% ku majwi amaze guharurwa angana na bibiri vya bitatu.

Umukeba wiwe mukuru wo mu mugambwe Chadema, Tundu Lissu afise amajwi yababa ibice 12%.

Umurwi ujejwe gutegura no guhagararira amatora uvuga ko gushika ubu umaze guharura amajwi yavuye mu burere bw’amatora 225 kuri 264.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko batazokwemera ibizotangazwa ko vyavuye mu matora yo kuwa gatatu igenekerezo rya 28/10/2020.

Hampande y’ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu, umugambwe CCM wa Perezida Magufuli niwo kandi uza imbere mu matora y’abashingamateka.

Ibitigiri vy’imfatakibanza vyerekana ko gushika ubu umugambwe uri ku butegetsi CCM umaze gutsinda mu burere 218 kuri 220 bumaze gutangazwa.

Uturere tubiri gusa nitwo tumaze kuja mu minwe y’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, Chama cha Demokrasia na Maendeleo (CHADEMA) hamwe na Civic Unite Front (CUF).

Ejo ku wa kane, Bwana Lissu yatangaje ko atazokwemera ivyavuye mu matora, akavuga ko “ari amatora atakurikije amategeko yaba aya Tanzania canke mpuzamakungu”.

Avuga ko hari amasandugu yafashwe arimwo amajwi y’ubusuma, akavuga kandi ko hari n’intumwa z’umugambwe wiwe zankiwe kwinjira mu biro vy’amatora.

Semistocles Kaijage arongoye umurwi ujejwe gutegura amatora avuga ko ibi birego vy’ubusuma bw’amatora ata shingiro bifise.

EAC iti amatora yagenze neza, Amerika nayo iti harabayemwo utunenge

Hagati aho, intumwa z’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko zirongowe n’uwahoze ari umukuru w’igihugu c’u Burundi Sylvestre Ntibantunganya zirashima ingene aya matora yagenze, zikavuga ko yagenze neza.

Insiguro y’isanamu,

sylvestre Ntibantunganya niwe yari arongoye intumwa za EAC

Izi ntumwa zisaba imigambwe ifise amakenga kwitura ubutungane kugira ngo itunganirizwe.

Ni mu gihe ubuserukizi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika bwobwo buvuga ko ivyo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga bifise ishingiro.

Nayo mw’izinga rya Zanzibar naryo nyene ryariko riratora uwuzorirongora, uwitoza ku giti c’umugambwe CCM Hussein Mwinyi, na we nyene yatangajwe ko yatahukanye intsinzi ku majwi 76%.

Umukeba wiwe Maalim Seif Sharif wo mu mugambwe ACT-Wazalendo we akaba yaronse amajwi 19%, akaba ari yo matora aronsemwo amajwi make cane ugereranije n’ayo yari amaze guhiganwamwo.

Ejo ku wa kane, Bwana Seif Sharif yarahagaritswe inyuma y’aho ahamagariye imyiyerekano yo kwiyamiriza ivyavuye mu matora, avuga ko yabayemwo ubusuma. Yagiye kurekurwa haciye amasaha make atanze ingwati.

Umurwi ujejwe gutegura no guhagararira amatora muri Tanzania uvuga ko witeze gutanga ibiharuro ntabanduka vy’ivyavuye muri ano matora ejo ku wa gatandatu igenekerezo rya 31/10/2020.

Source link

Leave a comment