Tanzania: Paul Makonda arongoye igisagara ca Dar es Salaam avuga ko coronavirus yaheze

Uwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Paul Makonda avuga ko coronavirus itakiriho muri Tanzania

Umukuru w’igisagara ca Dar es Salaam muri Tanzania, Paul Makonda, yahamagariye abanyagihugu kwiha amabarabara kuri uyu wa Mungu bakigina ko umugera wa coronavirus waheze mu gihugu.

Yababwiye ko amaduka amanura igiciro gushika ku bice 80%, abahimiriza kuja kugura uduhuzu twiza two kwambara mu kwigina .

Hagati aho, abatanzaniya benshi bafise amakenga kuri ivyo vyavuzwe na Bwana Makonda, bakabona ko ingingo ibuza abantu kwegerana ishobora guhonyangwa.

Nta wundi mutegetsi wundi canke ishirahamwe iryo ari ryo ryose rimenyesha ivyo uko umugera wa coronavirus woba waheze muri ico gihugu kiri muri Afrika y’Ubuseruko.

Mu minsi mike iheze, ibiro vy’ubuserukizi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika muri Tanzania vyamenyesheje ko ibitaro vyo mu gisagara ca Dar es Salaam vyari “vyarengewe” n’abarwayi b’umurengera.

Umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi, ACT-Wazalendo, wariyamirije ivyatangajwe na leta, aho yamenyesha ko umurindi w’ikwirakwira ry’uwo mugera ryagabanutse muri Tanzania.

Haraciye ukwezi kurenga kuva ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bushikirije ibitigiri vy’abanduye coronavirus n’abahitanywe n’uwo mugera.

Umukuru w’ico gihugu, John Magufuli, arashimangira ko ico kiza cagabanutse.

Ibiharuro vya nyuma biheruka, vyavuga ko abantu 509 ari bo banduye coronavirus, 21 nabo bakaba ari bo bari bamaze guhitanwa nayo.

Source link

Leave a comment