Tanzania: Tundu Lissu avuga ko umurwi ujejwe amatora utigenga

Insiguro y’isanamu,

Mu ndwi iheze, Tundu Lissu yatenywe guserukira umugambwe Chadema mu matora y’umukuru w’igihugu

Umunyapolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Tanzania, Tundu Lissu, avuga ko ata cizere afitiye umurwi ujejwe gutegura no guhagarikira amatora muri ico gihugu mu matora yimirije mu kwezi kw’icumi, aho yiteze guhangana na Perezida John Magufuli.

Kuri uyu wa mbere, yabwiye iradiyo yo muri Kenya, Radio Citizen, ko umurwi ujejwe gutegura no guhagarikira amatora ukora ku nyungu za Perezida Magufuli.

Bwana Lissu ati: “Umukuru hamwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa bawo bashizweho na Perezida Magufuli. Bamaze imyaka yose berekana ko bakora batigenga”.

Avuga ko n’ubwo biri uko, umugambwe wiwe Chadema uzokwitaba amatora, ariko ko uzokorresha uburyo bwose bushoboka kugira ngo ibizova muri ayo matora bizobe koko ari ivy’ukuri.

Bwana Lissu avuga ko kuva atahutse mu gihugu ata radiyo canke televiziyo n’imwe yo muri Tanzania irigera imuha ikiganiro kubera batinya itotezwa.

Source link

Leave a comment