Trump agomba yugururire imyiyamamazo kw’itariki yibutsa ubucakara

Umukuru wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump ategekanya kwugururira imyiyamamazo yiwe mu gisagara ca Tulsa co mu ntara ya Aklahoma kw’itariki Abanyamerika bafise amamuko yo muri Afrika bibukirako umunsi ubucakara bwarangira.

Iyo myiyamamazo izotangura k uwa 19 z’uku kwa gatandatu, itariki bakunze kwita “Juneteenth”.

Mu 1921 igisagara ca Tulsa ni kimwe mu bisagara vyabereyemwo ubwicanyi bukomeye bw’abirabure muri kahise ka Amerika.

Ayo makuru atangajwe inyuma y’imyiyerekano imaze indwi zirenga zibiri yo kwiyamiriza ivanguramoko yadutse inyuma y’urupfu rw’umwirabure George Floyd, mu gasho k’igipolisi.

Basigura igituma bahisemwo iyo tariki, abategura imyiyamamazo ya Trump bavuga ko umugambwe wiwe w’abaharanira Repubulika wishimira uruhara wagize mu gutsinda intambara yo mu 1865 be no mu kurangiza ubucakara.

Imyiyamamazo ya Trump yari yahagaritswe mu kwezi kwa gatatu kubera ikiza ca coronavirus.

Ariko arondera gusubira kwitoreza ikiringo ca kabiri mu matora ategekanijwe mu kwa cumi na rimwe uno mwaka, ariko umu Democrate Joe Biden ntamuha agahengwe kuko imyihwezo y’amatora yerekana ko ari imbere yiwe.

Mu gihe coronavirus ibandanya yiha inkumbi muri ico gihugu, abajejwe imyiyamamazo ba Trump babona ko abo bahanganye batazohava bamunegura ko yakoranije abantu, kuko no mu myiyerekano iheruka hibonekeje isinzi ry’abantu.

Mu gihe atangaza ikibanza azokwugururiramwo iyo myiyamamazo, Bwana Trump yafatiye ku gitigiri gito c’abanduye uwo mugera muri Oklahoma – aho hamaze kwandura abantu 7,500 bonyene, igitigiri gito cane ugereranije n’izindi ntara muri Amerika.

Ati: “Tugiye gutangura imyiyamamazo. Iya mbere izobera muri Oklahoma, mu gisagara ca Tulsa, Oklahoma. Igisagara ciza cane kandi abantu barayirindiranye igishika. Bakoze igikorwa gikomeye cane mu kurwanya Covid, murabizi namwe, muri iyo leta ya Oklahoma”.

Avuga ko azoca abandaniriza mu ntara za Florida, Texas na Arizona, ariko akaba atamenyesheje ingingo zizofatwa kugira ngo bikingire bongere bubahirize ya ngingo y’ukutegerana.

Hampande y’vyo, ejo kuwa gatatu Trump yararahiye ararengwa ko adashobora guhindura amazina y’amakambi y’igisirikare yerekana intwari zo muri kahise, amenshi muri yo akaba ari ivyibutso vy’ubucakara.

Kubera iki iyo tariki n’ikibanza biteye impari?

Juneteenth ni umunsi mukuru wo kwibuka ihagarikwa ry’ubucakara. Si umunsi mukuru uhimbazwa n’igihugu cose, ariko Abanyamerika bakomoka muri Afrika barawuhimbaza cane.

Bibuka aho hasohoka itegeko riha ubwigenge Abanyamerika bakomoka muri Afrika bari abacakara mu ntara ya Texas.

Texas niyo ntara ya nyuma mu ntara zari zishize hamwe kugira ngo ziyonkore yashikirijwe iryo tegeko ku wa 19 z’ukwa gatandatu 1865.

Hari inyuma y’intambara yari yadutse mu 1861 ivuye ku ntara zo mu bumanuko zari zatangaje ko ziyonkoye kuri Leta zunze Ubumwe za Amerika kubera zitashaka ko ubucakara buhera.

Mu guhitamwo ico gisagara ca Tulsa navyo nyene bifise insiguro.

Insiguro y’isanamu,

Igisagara cya Tulsa cy’abirabura cyaratwitswe cyane

Mu kwa gatanu n’ukwa gatandatu 1921, akarwi nk’inkorabara kagizwe n’abazungu karateye igice ca Greenwood kizwi nka “Black Wall Street”, cabamwo abirabure kandi cariko kiratera imbere cane.

Ako karwi kari kitwaje inkoho n’amagerenade, kica abantu bagera ku 300 kanasambura amazu y’idandarizo n’imihana ashika 1,000.

Asubirwamwo n’ikinyamakuru co muri Amerika Bloomberg, Katrina Pearson umuhanuzi wa Trump, yasohoye itangazo aho asigura icatumye iyo tariki ariyo bahitamwo, mu kuvuga ati:

“Umugambwe wa Abraham Lincoln watsinze iyo ntambara, aba Repubulika barishimiye cane uwo munsi mukuru wa Juneteenth”.

Yongera ko kandi y’uko Trump “ari we mu perezida amaze gukorera ivyiza vyinshi abirabure gusumba abandi ba prezida bose”.

Ariko abajejwe imyiyamamazo ya Biden baneguye iyo ngingo, aho umuhanuzi wiwe mukuru, Kamau Marshall, yise Trump ko ari umunyamacakubiri.

None ibindi vyabaye ni ibiki?

Urupfu rwa Bwana Floyd mu kwezi guheze, umwirabure ata kirwanisho yari afise, inyuma y’aho umupolisi w’umuzungu amunize yamupfukamye kw’izosi muri Minneapolis, rwatumye haduka imyiyerekano yibukije kahise kabi ka Amerika karanzwe n’ivanguramoko rishingiye ku rukoba.

Ejo ku wa gatatu, Bwana Trump yanditse ubutumwa bwiwe ku rubuga rwa Twitter ko amazina y’amakambi ya gisirikare yiswe amazina y’intwazangabo “ari kimwe mu murage Amerika yasigaranywe, kahise kerekana intsinzi n’ubwigenge”.

Mu nyuma niho Kayleigh McEnany ajejwe kumenyesha amakuru mu biro kwa perezida yamenyesha ko ukwiyumvira guhindura ayo mazina “ari indoto yo ku murango” ku bwa Perezida Trump.

Ayo majambo ya Trump aje inyuma y’aho hari amakuru avuga ko abategetsi bakuru ba gisirikare bashigikiye iciyumviro c’uko ayo mazina yohindurwa, inyuma y’aho imyiyerekano yaturutse ku rupfu rwa George Floyd izuriye akaboze.

Kuri benshi, ivyibutso vy’amaleta yiyunze ngo yiyonkore kuri Amerika vyerekana akahise kabi karanszwe n’ivanguramoko rishingiye ku rukoba.

Ivyo vyibutso vyariziziwe n’abari mu myiyerekano inyuma y’urupfu rwa George Floyd.

Mw’ijoro ry’ejo ku wa gatatu, icibutso ca Jefferson Davis, umukuru w’izo ntara zari ziyonkoye kuri Amerika carabomowe n’abari mu myiyerekano mu gisagara ca Richmond co mu ntara ya Virginia.

Muri ako kanya nyene, abari mu myiyerekano mu gisagara kiri hafi yaho ca Portsmouth barateye inyubakwa irimwo ibishusho bine vyose vyerekana ivyibutso nk’ivyo, vyose barabibomora, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyo muri ako karere.

Source link

Leave a comment