Ubushinwa bwifatiye mu gahanga Amerika ku bibazo vy’ivanguramoko

Insiguro y’isanamu,

Imyiyerekano yahavuye ivamwo imigumuko

Ubushinwa na Irani vyaronse akaryo ko kunegura Leta Zunze Ubumwe za Amerika ku bibazo vy’imigumuko itumwe n’ivanguramoko n’ikubagura rikorwa n’igipolisi.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubushinwa, Zhao Lijian yabwiye abanyamakuru ati : “Ubuzima bw’abirabure nabwo nyene ni ubuzima. Uburenganzira bwabo butegerezwa kwubahirizwa”.

Uyu munsi ugize gatandatu ibisagara bitari bike muri Amerika birangwamwo imigumuko iturutse ku rupfu rw’umwirabure, George Floyd.

Yapfuye inyuma y’aho asinzikarijwe ubuzima n’igipolisi co mu gisagara ca Minneapolis mu ntara ya Minnesota.

Zhao yavuze ati: “Ivanguramoko rikorerwa inkehwa ni indwara idakira muri Amerika”.

“Ibiriko biraba muri kino gihe vyongeye kwerekana ko hari ingorane zikomeye zishingiye kw’ivangura hamwe n’ikubagura rikorwa n’igipolisi muri Amerika”.

Muri ico gihe, mw’ijambo ryiwe ashikiriza kuri televiziyo buri ku ndwi, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Irani, Abbas Mousavi, yavuze gato mu congereza, aho yavuze ati :

“Ku bategetsi ba Amerika n’igipolisi: Hagarika gusinzikaza ubuzima bw’abanyagihugu banyu, hanyuma mubareke bashobore guhema!”.

Insiguro y’isanamu,

Abari mu myiyerekano ntibagera umutwe inyubakwa z’igipolisi, iyi yahavuye iturirwa abapolisi bakoreramwo bamaze guhunga

Leta zunze Ubumwe za Amerika ziragiriza ibihugu vy’Uburusiya, Ubushinwa, Irani na Zimbabwe ko bikika mu migumuko iri muri ico gihugu maze bikivanga mu buzima bw’igihugu.

Yategerezwa kwisigura ku majambo yashikirijwe n’umuhanuzi mu vyo umutekano wa Amerika, Robert O’Brien,yagiriza Zimbabwe kwivanga mu bibazo vyico gihugu.

George Floyd, umwirabure yari afise imyaka 46 yaritavye Imana inyuma yo gutabwa muri yompi n’igipolisi hanze y’imangazini yo mu gisagara ca Minneapolis c’intara ya Minnesota.

Ireresi yerekanywe cane n’ibinyamakuru yerekana ingene yahagaritswe kw’igenekerezo rya 25 z’ukwa gatanu guheze.

Iyo reresi yerekana umupolisi w’umuzungu, Derek Chauvin, afyondera hasi George Floyd yamupfukamye kw’izosi, nawe yitabariza ko vyanse n’uko ahema, ariko uyo mu polisi ntaco vyamubwiye.

Mu bisagara bimwe bimwe vyo kw’isi, harimwo na Londres mu Bwongereza, Berlin mu Budagi, Copenhagen mu Buholande, habaye imyiyerekano yo gushigikira Abanyamerika basaba ubutungane ku rupfu rwa George Floyd.

Source link

Leave a comment