Umupfasoni Mary Wanjiku aravuga ingene amagorwa yo mu bwana yamwinjije mu bushurashuzi

Insiguro y’isanamu,

Mary Wanjiku

Ubuzima yagize mu bwana bwiwe ni kimwe mu vyaranze ubuzima bubi bwa Mary Wanjiku, avuga ko yohanaguye mu mutwe kugira ntasubire kuvyibuka iyaba yari afise ubushobozi.

Ni ubuzima bwaranzwe n’umubabaro n’amarira. Habuze gato ngo atakaze ubuzima ariko ku gihamana ciza yararokotse ibara ritaragwa.

Mu bwana bwiwe, Wanjiku, ubu afise imyaka 26, yumva ko yanswe agatabwa n’abari kumubera abavyeyi. Iminsi yose, yama mu marushwa n’agashinyaguro.

None vyagenze gute kugira ngo ubuzima bwiwe burangwe n’umubabaro gushika hiyo? Yarokotse gute?

Terefone yihuta

Vyose vyatanguye inyuma y’aho nyina wiwe apfiriye, ico gihe akaba yari akiri umwana muto.

Mu vyo yibuka, Mary avuga ati: “Umunsi mama ahambwa, dawe yaciye ahamagara nyokuru vyihuta amutumako ngo aze kwakira umuzigo wiwe ataradutemagura, uwo muzigo rero kuri we yari mama, jewe na mwenewacu”.

Inakuru yaciye amanuka vyihuta gushika muri karitiye ya Kibera i Nairobi, aho Mary na mwenewabo bari basanzwe baba imbere y’uko nyina wabo apfa.

Yaciye abatora arabatwara ruguru aho yari asanzwe atuye ku mutumba wa Kandara mu karere ka Murang’a mu ntara yo hagati muri Kenya.

Mary yibaza ko bari baronse amahungiro, ko inakuru yari kumubera nyina.

Kumbe yabaye intango y’amagorwa. Muhira inakuru wiwe nta jambo yari afise.

Mary ati: “Ba marume na bavyara bacu baradutoteje cane. Twarihanganiye ibitutsi vy’ubwoko bwose iminsi yose uko yakabaye”.

Avuga ko agerageje guharura incuro baraye ubusa kandi indya zitari zibuze atari imwe canke zibiri. Kubima ico barya wamengo ni igihano.

Kubera inakuru yari ashaje nta jambo yari afise muri uwo muryango.

Mary avuga ko icamubabaje gusumba ari uko umwe muri ba inarume yakunda kwama abereka iyo imva ya nyina iri, akababwira ngo bazure ikiziga ciwe bakirye.

Ingendo ku kaburi

Haciye igihe, yaciye atangura kuza araja ku kaburi ku mva ya nyina wiwe, ariko atagiye kuyizura nk’uko yama abitukwa na inarume.

Kwari ukugira yumve ko atekaniwe mu mutima. Igihe cose agiye ku mva ya nyina wiwe, yumva atekaniwe kuko yabona ko ari kumwe na nyina wiwe yamuvyaye.

Kari akanya ko kuruhuka ku mutima kugira yibagire ayo yariko abonera kw’isi, akama yipfuza ingene nyina wiwe yozuka kugira ngo basubire kubana nka mbere.

Ati: “Naripfuza cane ko mama yozuka. Kuko nabona ko ari we wenyene yari afise ubushobozi bwo kunkingira no kumpa urukundo rutagira agahonzi”.

Ku ncuro nka zitatu zose, avuga ko yagiye kuraba imva ya nyina wiwe afise intumbero yo kuyizura, ariko bikaba bitamushobokeye.

Ibibazo bimubanye umurengera, Mary vyahavuye vyanka ko abandanya amashure.

Avuga ko ahanini vyatumwe n’inzara. Yahavuye arondera akazi ko mu nzu, aho akaba yari afise imyaka 16.

Ariko ako kazi ntiyakamazemwo umwanya munini.

“Ni nk’uko nari mfise umukoshi. Uwari yampaye akazi, yari umupolisi. Akenshi ntiyangaburira kandi umwanya wose nama ku makofi nkoze n’agakosa na gatoyi, biba ngombwa ko mpeba ako kazi”.

Amaze guheka ako kazi, niho yahuye n’umugenzi wiwe ku gatumba amuhanura ko yorondera akazi mu kirabo c’inzoga.

Niho rero yatangura gukora ako kazi. Ni muri ico gihe nyene yahura n’umugabo yamweretse ko amukunda kandi ashobora kumwitaho.

Ntibibaye uko! Haciye indwi imwe gusa bamenyanye, baciye batangura kubana nk’umugabo n’umugore, ico gihe yari afise imyaka 17 gusa.

Mary ntiyamenye ko yari aguye mu yindi nyenga y’amakuba n’umubabaro.

Insiguro y’isanamu,

Ibibazo bimaze kumubana umurengera, Mary vyahavuye bimwankira ko abandanya amashure

Uyo mukunzi wiwe, inyuma y’umwanya muto gusa bamaranye baryohewe yahavuye amuhinduka nk’inzoka yo mu nda.

Uyo mugabo wiwe yari yateye inda uwundi mugore, uyu nawe ntiyatinya kuza kumuraba muhira, ataravye ngo Mary niho ari.

Ati: “Kenshi umugabo wanje yama ariko ahamagara abandi bagore naho twaba turi kumwe. Yari afise n’uwundi muhabara yama aza kumuraba muhira aho twaba”.

“Icambabaza kikantuntuza umutima ni uko yashobora kurarana nawe, nanje ndi ng’aho, n’amarira gusa”.

Mary avuga ko yabona ko atari guheba umugabo wiwe bari bavyaranye ikibondo kuko hoho yarashobora kuronka utwo afungura. Ariko uyo mugabo wiwe nta rukundo yamweretse.

Mu kiringo c’imyaka itatu yose bamaranye nta rukundo rw’ukuri yamuhaye nk’umugabo wiwe, mbere harageze n’igihe aramwirukana.

Mary n’umwana wiwe w’umukobwa ntibagira iyo baja.

Yagiye kuronka agahengwe ahuye n’umugore, umunyasamariya mwiza, yamuhaye aho aba akanamuronderera ingene yisumamwo kugira ngo ashobore kwibeshaho.

Ingeso y’ubusambanyi

Mary atanguye kwibana mu 2018, yaciye atangura ingeso atari asanganywe.

Avuga ko yipfuza kwama akorana imibonano mpuzabitsina n’abagabo batandukanye.

Avuga ko ata munsi washobora kwijana ataryamanye n’umugabo.

Ati: “Umubiri warangoye cane, nkumva nshaka kwama nkora imibonano mpuzabitsina, nanje nkaba nari mfise ubugamburutsi budasanzwe”.

“Umugabo wese twahura yakira kunsaba gusa, n’aho twaba duhuriye mw’ibarabara, naca nemera”.

Avuga ko amaze kuryamana n’abagabo batari munsi ya 50, abenshi muri bo akaba ata n’abo azi. Yahuye n’abo bose kubera ugushuha kwa cane.

Iyi ngeso yararenze urugero gushika aho Mary arondera ubufasha mu bantu.

Yagiye kuyigobotora aronse umuhanuzi yamugiriye inama yo kurondera icomubeshaho.

Ati: “Numva ko ingene narezwe, irungu nagize no kubura urukundo vyagize uruhara runini mu ngeso y’ubushurashuzi naguyemwo”.

“Iyo ndyamanye n’umuntu numva umengo niho mfise agaciro mu bantu. Ikibazo ni uko duhejeje benshi muribo baca banyika”.

Urugendo rwo guhagarika iyi ngeso rwamufashe umwaka umwe uhereye mu kw’indwi umwaka uheze.

Mary avuga ko muri iki gihe cose yashoboye kwirinda imibonano mpuzabitsina.

Insiguro y’isanamu,

Sadaka Gandi, umujenama w’umu Tanzania

Umupfasoni Sadaka Gandi akomoka i Dar es Salaam muri Tanzania yashoboye kumugira inama akamusubiza ku murongo avuga ko ibimenyetso vyerekana neza ko Mary yari umwana yabuze urukundo rw’abavyeyi akankwa n’abantu.

Avuga ko abana benshi iyo bataronse urukundo rw’abavyeyi impera n’imperuka baruhira kuja mu bibazo vy’imibereho mu kibano iyo bamaze gukura.

Umupfasoni Sadaka avuga ko irya ngeso ya Mary yari ikimenyetso c’ibibazo vyari mu mutwe no kurondera urukundo n’ikibanza mu kibano.

Avuga ko bishoboka ko umuntu yiziziwe n’ubushurashuzi ashobora guhinduka, mu kubanza akitahura ico ari, no kwiyibagiza ivyo muri kahise kabi, maze akarondera ingene yohinduka.

Hagati aho, ni vyiza ko yohabwa ubufasha n’abahinga mu bijanye n’ibibazo vyo mu mutwe no mu mibereho.

Abahinga mu bijanye n’inyifato bafise ubushobozi bwo gusokoroza ivyinyegeje mu muntu, kandi iyo yiyuguruye bamufasha mu nzira yo kuva mu bibazo arimwo.

Source link

Leave a comment