USA: Donald Trump ariyamiriza ico yita ‘isamburwa ry’akaranga’ k’igihugu

Insiguro y’isanamu,

Abasangwabutaka bagize imyiyerekano biyamiriza ivyo birori, bakabifata ko ari agakengere

Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika ariyamiriza ico yita “isamburwa ry’akaranga”, inyuma y’aho ibishusho vyo muri kahise bibomorewe mu myiyerekano yo kwiyamiriza ivangura rishingiye ku rukoba.

Mw’ijambo ryiwe yaraye ashikirije mu birori vyo guhimbaza ukwikukira kwa Amerika bitegekanijwe uno munsi, Trump yiyamirije abo yita “abagumutsi” babomoye ibishusho vy’abategetsi bari barongoye intara zigumuye muri ya ntambara yaduka mu myaka ya 1860, igihe izo ntara zankiye kwubahiriza amategeko abuza ubucakara.

Avuga ko iyo myiyerekano yo kwiyamiriza ivanguramoko ari ” isekeza ruburakigongwe rirondera gufuta akahise, gutyoza incungu, guhanagura amateka yacu be no kwigisha nabi abana bacu”.

Ati: “Ntituzigera tureka kuvuga”.

Ivyo yabivugiye ku cibutso citswe Agasozi ka Rushmore (Mount Rushmore) kagizwe n’ibishusho vy’abaperezida bane, babiri muri bo – George Washington na Thomas Jefferson – bakaba bari bafise abirabure bagize abacakara.

Insiguro y’isanamu,

Perezida Trump avuga ko gusambura ivyo vyibutso ari ugusambura akaranga ka amerika

Ico cibutso kandi kiri ku butaka bwanyazwe abasangwabutaka bo mu bwoko bw’abitwa Lakota Sioux bari mu ntara ya Dakota y’ubumanuko, bunyagwa na leta mu myaka ya 1800.

Umukuru w’ico gihugu asanzwe anegurwa bikomeye yagirizwa ko yafashe minenerwe ikiza karanda ca coronavirus, nta kinini yavuze ku vyerekeye iyo ndwara imaze guhitana ubuzima bw’abanyamerika hafi 130.000.

Ibindi vyavuzwe na Trump

Mw’ijambo yavugiye kuri ico kibanza ca Mount Rushmore, perezida Trump yavuze ko ico cibutso ca South Dakota “kizobaho imyaka n’imyaka nk’iteka duha abatuboneye izuba no ku bwigenge bwacu”.

Yabwiye abari aho ati: “Iki cibutso ntikizigera gihumanywa, izi ncungu zacu ntizizigera zifudika”.

Trump yongera ko y’uko abantu basambuye “ibimenyetso vy’iragi ry’igihugu” bazokurikiranwa “bikomeye n’ubutungane”.

Avuga ko abasambuye ibishusho bashobora guhanishwa umunyororo w’imyaka ishika kw’icumi, aho akaba yari yisunze itegeko bwirizwa aherutse gusohora.

Insiguro y’isanamu,

Trump yiyemeje gukingira ivyibutso avuga ko biriko bisamburwa n’abashaka kubasubiza inyuma

Mw’ijambo ryo kwakira abaje muri ivyo birori, umukuru w’iyo ntara akomoka mu mugambwe w’aba Repubulika, Kristi Noem, yasubiyemwo amajambo ya Trump, yagiriza abari mu myiyerekano “kugerageza gufutanganya akahise”.

Ati: “Ibi biriko bikorwa n’ibigirankana kugira ngo bateshe agaciro ingingo ndangakaranga zatumye Amerika ibaho”.

Ikoraniro ry’ejo ku wa gatanu ryateguwe na Perezida Trump mu gihe igihugu gihanzwe n’ikiza karanda ca coronavirus, mu ntumbero yo gukangurira abanywanyi biwe mu matora ategekanijwe mu kwa cumi na rimwe uno mwaka.

Amashirahamwe y’abasangwabutaka aranegura cane urwo rugendo rwa Trump, bakavuga ko rushobora kugira ingaruka mbi ku magara y’abantu, kandi bakaba batishimiye guhimbariza ukwikukira kwa Amerika muri ico kibanza kidasanzwe kuri bo.

Abenshi muri abo basangwabutaka ntibigera bahimbaza umunsi wahariwe ukwikukira kwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika kubera bawufata nk’umunsi bagwa mu ntwaro ya gikoloni bakanyagwa akaranga kabo.

Imbere y’uko ibirori bitangura, umurwi w’abasangwabutaka bashavuye bazibiye rimwe mu mabarabara makuru aja kuri ico cibutso bakoresheje amamodoka yera, ivyatumye haba imishamirano n’igipolisi.

Vyabaye ngombwa ko igipolisi n’igisirikare kijejwe umutekano hagati mu gihugu bakoresha vya bibombe bikoroza amosozi n’amazi y’ipiripiri kugira ngo cirukane abari bazibiye iryo barabara, nk’uko amakuru ava muri ako karere abivuga.

Source link

Leave a comment