USA: ikindi gishusho gifitaniye isano n’ubucakara cabomowe mu ntara ya Virginia

Insiguro y’isanamu,

Iki gishusho cari kimaze imyaka 111 imbere ya sentare yo mu karere ka Albemarle

Igishusho cerekana umusirikare yagize uruhara mu bucakara bwakorewe abirabure mu gisagara ca Charlottesville c’intara ya Virginia muri Amerika cabomowe muri rwa rugamba rwo kurwanya ivanguramoko muri Amerika.

Ejo ku wa gatandatu, isinzi ry’abantu bararyohewe igihe ikimashini kibomora ico gishusho, cari kizwi kw’izina rya “At Ready”.

Muri uyu mwaka, ivyibutso bijanye n’ubucakara birageramiwe kuva hadutse imyiyerekano yo kwiyamiriza amacakubiri akorerwa abatari abazungu muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no bindi bice vy’isi.

Ibi vyatumye igitigiri kirari gito c’ibishusho bisenyurwa.

Ivyibutso vyose vyerekana ihuriro (Confederacy) rya za ntara zo mu bumanuko bwa Amerika zari zishize hamwe ngo zirwanye ingingo ya leta yo guhagarika ubucakara mu ntambara yo muri Amerika yo mu 1861-65, biri mu bigeramiwe cane.

Hagati aho, hari abarwanya iryo sekeza ryo kubomora ivyo vyibutso, muri bo hakaba harimwo Perezida Donald Trump, aho amenyesha ko atarota ahindura amazina y’amakambi ya gisirikare yitiriwe abasirikare bakuru bagize uruhara mu kurwanira ubucakara.

Iki gishusho caraye kibomowe nijoro cari imbere ya sentare yo mu karere ka Albemarle, kikaba cari cubatswe mu 1909.

Mu kwezi kw’umunani guheze, akarere ka Albemarle karemeje itegeko ryo kubomora ico gishusho, iyi ikaba ari yo ngingo ya mbere yari ifashwe kuva hemejwe itegeko rishasha mu ntara ya Virginia mu ntango z’uno mwaka ryo kubomora ivyibutso nk’ivyo.

Mu 2017, igisagara ca Charlottesville carabaye ikiririmbiro ry’abazungu buzuye amacakubiri, mu myiyerekano yabo biyamiriza ingingo y’iki gisagara yo kubomora igishusho c’umusirikare mukuru yitwa Robert E Lee yari mu barongoye intambara y’abashaka ko ubucakara bubandanya.

Umuzungu James Alex Fields Jr yiyemerera icese ko agendera ku vyiyumviro vy’aba Nazi yacaririwe umunyororo w’ubuzima bwose inyuma yo gutwara imodoka yiwe ayerekeza mu kirwi c’abantu bariko barwanya imyiyerekano y’abo bazungu, maze akica umuntu anakomeretsa n’abandi batari bake.

Mu kwa gatandatu, buramatari w’intara ya Virginia Ralph Northam yaratangaje ko hari ikindi gishusho ca Robert E Lee nyene categerezwa kubomorwa ku mugwa mukuru w’iyi ntara, Richmond.

Iyi ngingo yafashwe mu gihe ibice bitari bike mu gihugu vyarangwamwo imyiyerekano ikomeye inyuma y’urupfu rwa wa munyamerika w’umwirabure George Floyd mu gasho k’igipolisi.

Ariko kuva ico gihe umucamanza yasohoye icemezo c’agateganyo co guhagarika ibomorwa ry’iki gishusho.

Source link

Leave a comment